Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Zaburi 11:1-7

Ku muyobozi. Ni izaburi ya Dawidi. 11  Muri Yehova ni ho nahungiye+.Mwubahuka gute kumbwira ngo:“Hungira ku musozi wanyu nk’inyoni+!   Kuko, ehe ababisha ubwabo bafoye umuheto+,Bategura umwampi wabo ku ruvuto,Kugira barasire mu muzimagiza ab’umutima ugororotse+.   Iyo imishinge ubwayo isambuwe+,Umugororotsi yokora iki?”   Yehova ari mu rusengero rwiwe rweranda+.Yehova—mu majuru ni ho intebe yiwe y’ubwami iri+.Amaso yiwe aritegereza, amaso aca ibibatsi yiwe arasuzuma+ abana b’abantu.   Yehova ubwiwe asuzuma umugororotsi kimwe n’umubisha+,Kandi uwo wese akunda ubukazi umutima wiwe uramwanka koko+.   Nka kurya kw’imvura, azotibagurira ku babisha imitego, umuriro n’amazuku+N’umuyaga ubabura, bibe wo mugabane w’igikombe cabo+.   Kuko Yehova agororotse+; arakunda ibikorwa bigororotse+;Abagororotsi ni bo bazokwitegereza mu maso hiwe+.

Amakuru yiyongereye