Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Zaburi 109:1-31

Ku muyobozi. Ni izaburi ya Dawidi. Agahibongozo. 109  Ewe Mana y’ishemezo ryanje+, ntugume ucereje+.   Kuko akanwa k’umubisha n’akanwa k’ubuhendanyi twasamye ngo tundotse+. Bamvuze bakoresheje ururimi rw’ikinyoma+;   Bankikuje amajambo y’urwanko+, Kandi baguma bandwanya ata gituma+.   Baguma bandwanya kubera urukundo rwanje+; Mugabo iwanje hari isengesho+.   Banyishura ikibi ku ciza+, N’urwanko ku rukundo rwanje+.   Gena umubisha abe ari we amuganza, Kandi uwumurwanya+ agume ahagaze iruhande y’ukuryo kwiwe.   Niyacirwa urubanza, asohoke yiswe umubisha; Isengesho ryiwe niricike igicumuro+.   Imisi yiwe nibe mike+; Ibanga ry’ubucungezi ryiwe niritwarwe n’uwundi+.   Abana biwe nibacike impfuvyi*+, Umugore wiwe na we acike umupfakazi+. 10  Abana biwe nibayerere+; Nibasegerereze, Barondere ibifungurwa bavuye mu misaka yabo+. 11  Uwuguranira kwunguka natege imitego ivyo afise vyose+, Ab’ahandi+ basahure ivyo yabiriye akuya+. 12  Nasigare atagira n’umuntu n’umwe amugirira ubuntu bwuzuye urukundo+, Kandi ntihagire umuntu n’umwe agirira ubutoni impfuvyi ziwe. 13  Uruvyaro rwiwe nirube urwo kurandurwa+. Mw’iyaruka rizokurikira, izina ryabo rize rihanagurwe+. 14  Ikosa rya ba sekuruza niryibukwe na Yehova+, Kandi igicumuro ca nyina+, emwe, ntigihanagurwe+. 15  Nivyame imbere ya Yehova+; Narandure ukwibukwa kwabo kuve kw’isi+; 16  Kubera ko atibutse kugira ubuntu bwuzuye urukundo+, Ahubwo akaguma akurikirana umuntu w’umurushwa kandi w’umworo+ Be n’uwajonjogoye mu mutima, ngo amwice+. 17  Yagumye akunda umuvumo+, na wo umuzako+; Kandi ntiyahimbawe n’umuhezagiro+, Na wo uba kure yiwe+; 18  Yahavuye yambikwa umuvumo nka yo mpuzu yiwe+. Nuko warinjiye nk’amazi hagati muri we+, Winjira nk’amavuta mu magufa yiwe. 19  Numubere nk’impuzu yitwikira+, Nk’umukanda yama yikenyeza+. 20  Iyo ni yo mpembo Yehova aha uwundwanya+, Ari na yo ihabwa abamvugako inabi+. 21  Ariko wewe uri Yehova Umukama Segaba+. Ivyo ungirira ubigire ku bw’izina ryawe+. Kubera ko ubuntu bwuzuye urukundo bwawe ari agahore, nundokore+. 22  Kuko ndi umurushwa n’umworo+, Kandi umutima wanje watobekeranijwe muri jewe+. 23  Nk’igitutu iyo kiyonze, mbwirizwa kwigira+; Nkunkumuwe nk’uruzige. 24  Amavi yanje aregaregeshejwe n’ukwisonzesha+, Kandi inyama zanje zanyunyutse, nta tuvuta tukirimwo+. 25  Kuri bo jewe nacitse ikintu co gusigwa iceyi+. Barambona, bagatangura kuzunza umutwe+. 26  Nuntabare, ewe Yehova Mana yanje+! Nunkize nk’uko ubuntu bwuzuye urukundo bwawe buri+. 27  Nibamenye yuko ukwo ari ukuboko kwawe+, Yuko wewe, ewe Yehova, ari wewe wabikoze+. 28  Bobo nibavume+, Ariko weho uhezagire+. Barahagurutse, ariko nibamaramare+, Umusavyi wawe na we anezerwe+. 29  Abandwanya nibambikwe agateterwe+, Bitwikire ibimaramare vyabo nk’umwitero utagira amaboko+. 30  Nzohaya Yehova cane n’akanwa kanje+, Kandi mu bantu benshi nzomushemeza+. 31  Kuko azohagarara iruhande y’ukuryo kw’umworo+, Ngo amukize abamucira urubanza.

Amakuru yiyongereye

Ijambo ku rindi ni “uduhungu tutagira se.”