Zaburi 108:1-13
Ururirimbo. Agahibongozo ka Dawidi.
108 Umutima wanje urahamye, ewe Mana+!Nzoririmba, mpibongoze+,N’ubuninahazwa bwanje bugire kuno+.
2 Ikangure, ewe gicurarangisho c’imirya; na wewe nyene, ewe nanga+!Nzokangura umutwenzi+.
3 Nzoguhaya mu bisata vy’abantu, Yehova we+!Nzoguhibongoreza mu miryango y’amahanga+.
4 Kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwawe ari bwinshi gushika mu majuru+,Ukuri kwawe na kwo gushika mu birere+.
5 Yoo! nushirwe hejuru y’amajuru, ewe Mana+!Kandi ubuninahazwa bwawe nibube hejuru y’isi yose+.
6 Kugira ngo abakundwa bawe batabarwe+,Yoo! kirisha ukuryo kwawe kandi unyishure+.
7 Imana ubwayo yavuze mu bweranda bwayo+ iti:“Nzokwigina, nzotanga Shekemu+ bwa mugabane+;Kandi ikiyaya co hasi ca Sukoti+ nzokigera.
8 Gileyadi+ ni rwanje; Manase+ ni rwanje;Efurayimu na yo ni iboma ry’umukuru wanje+;Yuda ni inkoni yanje ya kizigenza+.
9 Mowabu+ ni inkono yanje yo gukarabiramwo+.Nzoterera inkweto*+ yanje kuri Edomu+.Nzokwiha akaruru k’intsinzi+ kuri Filisitiya+.”
10 Ni nde azonzana ku gisagara gikingijwe ibihome+?Ni nde vy’ukuri azonyobora akanshikana i Edomu+?
11 Mbega si wewe ga Mana, wewe wadushibuye+,Wewe utajana n’ingabo zacu bwa Mana+?
12 Nudutabare amarushwa+,Kuko ubukiriro butangwa n’umuntu yakuwe mw’ivu butagira akamaro+.
13 Tuzoronka inkomezi tuzihawe n’Imana+,Kandi yo ubwayo izohonyangira hasi abarwanizi bacu+.
Amakuru yiyongereye
^ Canke, “isandali.”