Zaburi 107:1-43

(Zaburi 107 – 150) 107  Yoo! nimukengurukire Yehova, kuko ari mwiza+;Kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe ari ubwo gushika igihe kitagira urugero+.   Abahabujwe ba Yehova nibavuge gutyo+,Abo yahabuje mu kuboko kw’umurwanizi+,   Akabegeraniriza hamwe abakuye mu bihugu+,Abakuye i burasirazuba n’i burengerazuba+,Abakuye mu buraruko no mu bumanuko+.   Barayerereye mu gahinga+, mu bugaragwa+;Ntibaronse inzira n’imwe ijana ku gisagara co kubamwo+.   Barashonje, baranyoterwa+;Batangura kudendebukirwa mu mutima+.   Baguma baririra Yehova mu marushwa yabo+;Abarokora mu maganya barimwo+,   Abacisha mu nzira nziza+,Kugira ngo bashikire igisagara co kubamwo+.   Yoo! abantu nibakengurukire Yehova kubera ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe+No kubera ibikorwa vyiwe vy’agatangaza akorera abana b’abantu+!   Kuko yahagije imitima igadutse+;Imitima ishonje yayujuje ivyiza+. 10  Hari abari babayeho mu mwiza no mu gitutu kizitanye+,Imbohe ziri mu marushwa no mu vyuma+. 11  Kuko bari bagararije+ amajambo y’Imana+;Kandi impanuro ya Musumbavyose bari bayigaye+. 12  Nuko umutima wabo awumara igabo akoresheje ivyago+;Baratsitaye, kandi nta wufasha n’umwe yariho+. 13  Batangura gutaka Yehova ngo abatabare mu marushwa yabo+;Abakiza amaganya barimwo nk’uko yama+. 14  Arabasohora abakura mu mwiza no mu gitutu kizitanye+,Acagagura mbere n’imizana yabo+. 15  Yoo! abantu nibakengurukire Yehova kubera ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe+No kubera ibikorwa vyiwe vy’agatangaza akorera abana b’abantu+! 16  Kuko yavunaguye imiryango y’umujumpu+,Atemagurira hasi n’ibihindizo vy’icuma+. 17  Abari ibipfu, kubera inzira y’ukugabitanya kwabo+,No kubera amakosa yabo, uburuhiro biteye amarushwa+. 18  Umutima wabo wanka urunuka ubwoko bwose bw’ibifungurwa+,Bashika ku marembo y’urupfu+. 19  Batangura gutaka Yehova ngo abatabare mu marushwa yabo+;Abakiza amaganya barimwo nk’uko yama+. 20  Arungika ijambo ryiwe, arabakiza+,Arabakiza ivyobo vyabo+. 21  Yoo! abantu nibakengurukire Yehova kubera ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe+No kubera ibikorwa vyiwe vy’agatangaza akorera abana b’abantu+! 22  Nibashikane ibimazi vy’ugukenguruka+,Bamenyeshe ibikorwa vyiwe biha akamo k’umunezero+. 23  Abamanuka ku kiyaga bari mu meri+,Bagakora urudandaza ku mazi agereza kure+, 24  Ni bo babonye ibikorwa vya Yehova+N’ibikorwa vy’agatangaza vyiwe ibwina+; 25  Ingene avuga ijambo agatuma umuyaga w’igihuhusi uhaguruka+,Ku buryo uvyura imipfunda yaco+. 26  Baraduga mu majuru,Bakamanuka ibwina.Kubera ivyago, umutima wabo urashonga+. 27  Baragira ibizunguzungu bakagenda badandabagirana nk’imborerwa+,Mbere n’ubukerebutsi bwabo bwose bukavurungana+. 28  Batangura kuririra Yehova mu marushwa yabo+,Akabakura mu maganya barimwo+. 29  Atururuza ikirura c’umuyaga kigatekana+,Imipfunda y’ikiyaga igatekereza+. 30  Kandi baranezerwa kuko ivyo bigumye hamwe,Na we akabayobora ku kivuko c’agahimbare kabo+. 31  Yoo! abantu nibakengurukire Yehova kubera ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe+No kubera ibikorwa vyiwe vy’agatangaza akorera abana b’abantu+! 32  Nibamuhayagize mw’ishengero ry’abantu+;Aho abahumure bicaye, nibamushemeze+! 33  Ahindura inzuzi agahinga+,Amasôko atemba y’amazi akayahindura ubutaka bunyotewe+, 34  Isi yimbuka ayihindura igihugu c’umunyu+,Kubera ububi bw’abahaba. 35  Ahindura agahinga ikidengeri c’amazi cuzuyeko amarenga+,Isi yo mu ntara igadutse akayihindura amasôko atemba y’amazi+. 36  Kandi atuma abashonje bibera ng’aho+,Ku buryo bashimangira igisagara co kubamwo+. 37  Barabiba amatongo bagatera n’imirima y’imizabibu+,Kugira ngo bitange ivyimburwa bigwira+. 38  Arabahezagira bakagwira cane+;Kandi ntareka ngo inka zabo zigabanuke+. 39  Barongera bakagabanuka, bakituna+Kubera ukuzigirizwa, ivyago n’intuntu+. 40  Asuka agakengerwe ku banyacubahiro+,Ku buryo atuma bayerera ahantu h’agahinga, hatagira inzira+. 41  Mugabo akingira umworo amarushwa+Akamuhindura imiryāngo nk’umukuku+. 42  Abagororotsi barabibona bakanezerwa+;Nayo ukutagororoka kwose, kubwirizwa kwugara akanwa+. 43  Ni nde ari inkerebutsi? Azokwitegereza ivyo bintu+Yongere yiteho ibikorwa vy’ubuntu bwuzuye urukundo vya Yehova+.

Utujambo tw'epfo