Zaburi 107:1-43
(Zaburi 107 – 150)
107 Yoo! nimukengurukire Yehova, kuko ari mwiza+;Kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe ari ubwo gushika igihe kitagira urugero+.
2 Abahabujwe ba Yehova nibavuge gutyo+,Abo yahabuje mu kuboko kw’umurwanizi+,
3 Akabegeraniriza hamwe abakuye mu bihugu+,Abakuye i burasirazuba n’i burengerazuba+,Abakuye mu buraruko no mu bumanuko+.
4 Barayerereye mu gahinga+, mu bugaragwa+;Ntibaronse inzira n’imwe ijana ku gisagara co kubamwo+.
5 Barashonje, baranyoterwa+;Batangura kudendebukirwa mu mutima+.
6 Baguma baririra Yehova mu marushwa yabo+;Abarokora mu maganya barimwo+,
7 Abacisha mu nzira nziza+,Kugira ngo bashikire igisagara co kubamwo+.
8 Yoo! abantu nibakengurukire Yehova kubera ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe+No kubera ibikorwa vyiwe vy’agatangaza akorera abana b’abantu+!
9 Kuko yahagije imitima igadutse+;Imitima ishonje yayujuje ivyiza+.
10 Hari abari babayeho mu mwiza no mu gitutu kizitanye+,Imbohe ziri mu marushwa no mu vyuma+.
11 Kuko bari bagararije+ amajambo y’Imana+;Kandi impanuro ya Musumbavyose bari bayigaye+.
12 Nuko umutima wabo awumara igabo akoresheje ivyago+;Baratsitaye, kandi nta wufasha n’umwe yariho+.
13 Batangura gutaka Yehova ngo abatabare mu marushwa yabo+;Abakiza amaganya barimwo nk’uko yama+.
14 Arabasohora abakura mu mwiza no mu gitutu kizitanye+,Acagagura mbere n’imizana yabo+.
15 Yoo! abantu nibakengurukire Yehova kubera ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe+No kubera ibikorwa vyiwe vy’agatangaza akorera abana b’abantu+!
16 Kuko yavunaguye imiryango y’umujumpu+,Atemagurira hasi n’ibihindizo vy’icuma+.
17 Abari ibipfu, kubera inzira y’ukugabitanya kwabo+,No kubera amakosa yabo, uburuhiro biteye amarushwa+.
18 Umutima wabo wanka urunuka ubwoko bwose bw’ibifungurwa+,Bashika ku marembo y’urupfu+.
19 Batangura gutaka Yehova ngo abatabare mu marushwa yabo+;Abakiza amaganya barimwo nk’uko yama+.
20 Arungika ijambo ryiwe, arabakiza+,Arabakiza ivyobo vyabo+.
21 Yoo! abantu nibakengurukire Yehova kubera ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe+No kubera ibikorwa vyiwe vy’agatangaza akorera abana b’abantu+!
22 Nibashikane ibimazi vy’ugukenguruka+,Bamenyeshe ibikorwa vyiwe biha akamo k’umunezero+.
23 Abamanuka ku kiyaga bari mu meri+,Bagakora urudandaza ku mazi agereza kure+,
24 Ni bo babonye ibikorwa vya Yehova+N’ibikorwa vy’agatangaza vyiwe ibwina+;
25 Ingene avuga ijambo agatuma umuyaga w’igihuhusi uhaguruka+,Ku buryo uvyura imipfunda yaco+.
26 Baraduga mu majuru,Bakamanuka ibwina.Kubera ivyago, umutima wabo urashonga+.
27 Baragira ibizunguzungu bakagenda badandabagirana nk’imborerwa+,Mbere n’ubukerebutsi bwabo bwose bukavurungana+.
28 Batangura kuririra Yehova mu marushwa yabo+,Akabakura mu maganya barimwo+.
29 Atururuza ikirura c’umuyaga kigatekana+,Imipfunda y’ikiyaga igatekereza+.
30 Kandi baranezerwa kuko ivyo bigumye hamwe,Na we akabayobora ku kivuko c’agahimbare kabo+.
31 Yoo! abantu nibakengurukire Yehova kubera ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe+No kubera ibikorwa vyiwe vy’agatangaza akorera abana b’abantu+!
32 Nibamuhayagize mw’ishengero ry’abantu+;Aho abahumure bicaye, nibamushemeze+!
33 Ahindura inzuzi agahinga+,Amasôko atemba y’amazi akayahindura ubutaka bunyotewe+,
34 Isi yimbuka ayihindura igihugu c’umunyu+,Kubera ububi bw’abahaba.
35 Ahindura agahinga ikidengeri c’amazi cuzuyeko amarenga+,Isi yo mu ntara igadutse akayihindura amasôko atemba y’amazi+.
36 Kandi atuma abashonje bibera ng’aho+,Ku buryo bashimangira igisagara co kubamwo+.
37 Barabiba amatongo bagatera n’imirima y’imizabibu+,Kugira ngo bitange ivyimburwa bigwira+.
38 Arabahezagira bakagwira cane+;Kandi ntareka ngo inka zabo zigabanuke+.
39 Barongera bakagabanuka, bakituna+Kubera ukuzigirizwa, ivyago n’intuntu+.
40 Asuka agakengerwe ku banyacubahiro+,Ku buryo atuma bayerera ahantu h’agahinga, hatagira inzira+.
41 Mugabo akingira umworo amarushwa+Akamuhindura imiryāngo nk’umukuku+.
42 Abagororotsi barabibona bakanezerwa+;Nayo ukutagororoka kwose, kubwirizwa kwugara akanwa+.
43 Ni nde ari inkerebutsi? Azokwitegereza ivyo bintu+Yongere yiteho ibikorwa vy’ubuntu bwuzuye urukundo vya Yehova+.