Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Zaburi 106:1-48

106  Shemeze Ya+! Nimukengurukire Yehova, kuko ari mwiza+; Kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe ari ubwo gushika igihe kitagira urugero+.   Ni nde ashoboye kuvuga ibikorwa vy’ubushobozi vya Yehova+, Canke agashobora kwumvikanisha ishemezo ryiwe ryose+?   Hahiriwe abubahiriza ubutungane+, Bagakora ivy’ubugororotsi igihe cose+.   Nunyibuke, ewe Yehova, unyibukishe bwa butoni ugirira abantu bawe+. Nunyitwararikishe ubukiriro bwawe+,   Kugira ngo mbone ineza igirirwa abo watoye+, Kugira ngo nezerwe umunezero w’ihanga ryawe+, Kugira ngo niratane n’intoranwa yawe+.   Twaracumuye cokimwe na ba sogokuruza bacu+; Twaragize nabi; twakoze ivy’ububisha+.   Nayo ba sogokuruza bacu mu Misiri, Nta gutahura kwimbitse na gukeyi berekanye ku bijanye n’ibikorwa vy’agatangaza vyawe+. Ntibibutse umurengera w’ubuntu bwuzuye urukundo bwawe buhambaye+, Ahubwo baragararije ku kiyaga, kuri ca kiyaga Gitukura+.   Hanyuma arabakiza ku bw’izina ryiwe+, Kugira atume ubushobozi bwiwe bumenyekana+.   Nuko ahambarira ikiyaga Gitukura, kirakama+; Abacisha mu nyenga y’amazi nko mu gahinga+; 10  Nuko abakiza ukuboko kw’umwankanyi+, Abahabuza mu kuboko kw’umwansi+. 11  Amazi atangura gupfuka abarwanizi babo+; Ntihasigara n’umwe+. 12  Maze bizera ijambo ryiwe+; Batangura kuririmba ishemezo ryiwe+. 13  Bibagira ningoga ibikorwa vyiwe+; Ntibarindira impanuro yiwe+. 14  Mugabo berekana icipfuzo cabo c’ubwikunzi mu gahinga+, Bagerageza Imana mu bugaragwa+. 15  Na yo ibaha ivyo basavye+, Mugabo ibarungikamwo indwara y’ubugesera+. 16  Batangura kugirira agashari Musa mw’ikambi+, Na Aroni wa mweranda wa Yehova+. 17  Isi ica iruguruka imira miyonzwa Datani+, Ipfukiranya ikoraniro rya Abiramu+. 18  Nuko umuriro urarurumba mw’ikoraniro ryabo+; Urubeya rurigata ababisha+. 19  Vyongeye, bakora inyana i Horebu+, Bunamira igishusho c’icuma gishongeshejwe+, 20  Ku buryo bakāba ubuninahazwa bwanje+ Ishusho y’ishūri, iyirya ibimera+. 21  Bibagira Imana yo Mukiza wabo+, Iyakoze ibintu bikomeye mu Misiri+, 22  Ibikorwa vy’agatangaza mu gihugu ca Hamu+, Ibintu biteye ubwoba kuri ca kiyaga Gitukura+. 23  Yagira ivuge ivy’ukubazimanganya+, Iyo hataba Musa uwo yatoye, Uwahagaze mu mukokwe imbere yayo+, Kugira asubize inyuma ubushangashirwe bwayo ngo ntibubahonye+. 24  Bakengera ca gihugu gihimbaye+; Ntibizeye ijambo ryayo+. 25  Baguma bidogera mu mahema yabo+; Ntibumviriza ijwi rya Yehova+. 26  Nuko aduza ukuboko kwiwe ararahira ku biberekeye+, Yuko yobatsinze mu gahinga+, 27  Yuko yotumye uruvyaro rwabo rugwa mu mahanga+, Be n’uko yobasanzaje mu bihugu+. 28  Batangura kwifatanya na Bayali y’i Peyori+ No kurya ibimazi vy’abapfuye+. 29  Kubera ko bariko bamutera ishavu biciye ku bikorwa vyabo+, Ikiza caciye caduka muri bo+. 30  Igihe Finehasi yahaguruka akabijamwo+, Ni ho nya kiza cahagarikwa. 31  Abiharurwako nk’ubugororotsi Uko iyaruka rikurikira irindi gushika igihe kitagira urugero+. 32  Vyongeye, batera ishavu kuri ya mazi ya Meriba+, Ku buryo bigendera nabi Musa bivuye kuri bo+. 33  Kuko bababaje impwemu yiwe, Atangura guhuruduka n’iminwa yiwe+. 34  Ntibazimanganije ibisata vy’abantu+, Nk’uko Yehova yari yababwiye+. 35  Bivanga n’amahanga+, Batangura kwiga ibikorwa vyabo+. 36  Baguma bakorera ibigirwamana vyabo+, Bino biraheza bibabera umutego+. 37  Bashikana bwa bimazi abahungu babo+ N’abakobwa babo, babashikanira amadayimoni*+. 38  Baguma bavisha amaraso y’intungane+, Amaraso y’abahungu babo n’abakobwa babo, Abo bashikaniye ibigirwamana vy’i Kanani+; Igihugu kiraheza gihumanywa n’ugusesa amaraso+. 39  Bahumanywa n’ibikorwa vyabo+, Baguma bashurashura biciye ku vyo bakora+. 40  Maze ishavu rya Yehova ritangura kururumbira abantu biwe+, Araheza yanka urunuka intoranwa yiwe+. 41  Incuro n’izindi abatanga mu kuboko kw’amahanga+, Kugira ngo ababanka babaganze+, 42  No kugira ngo abansi babo babahahaze, Kugira ngo bamarwe igabo munsi y’ukuboko kwabo+. 43  Kenshi yarabarokora+, Mugabo bo bakagarariza mu ngendo yabo y’ukugambarara+, Bagacishwa bugufi kubera ikosa ryabo+. 44  Yarabona amarushwa yabo+ Igihe yumva akamo kabo k’ukwinginga+. 45  Yaribuka ku biberekeye isezerano ryiwe+, Akumva yicujije, nk’uko umurengera w’ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe buhambaye uri+. 46  Yaratuma batera ikigongwe Ababagira imbohe bose+. 47  Dukize, ewe Yehova Mana yacu+, Utwegeranye udukuye mu mahanga+ Ngo dukengurukire izina ryawe ryeranda+, Ngo tuvugane ukwigina tugushemeza+. 48  Hahezagirwe Yehova ya Mana ya Isirayeli+ Kuva igihe kitagira urugero no gushika igihe kitagira urugero; Kandi abantu bose nibavuge Amen+. Shemeze Ya+!

Amakuru yiyongereye

Raba Inyongera ya 21.