Zaburi 105:1-45

105  Nimukengurukire Yehova, mwambaze izina ryiwe+,Mumenyeshe mu bisata vy’abantu ivyo akora+.   Nimumuririmbire, mumuhibongoreze+,Mwitwararike ibikorwa vy’agatangaza vyiwe vyose+.   Nimwiratire izina ryiwe ryeranda+.Umutima w’abarondera Yehova nunezerwe+.   Nimurondere Yehova be n’inkomezi ziwe+.Nimurondere mu maso hiwe nantaryo+.   Nimwibuke ibikorwa vyiwe vy’agatangaza yaranguye+,Ibitangaro vyiwe n’ingingo z’ubutungane z’akanwa kiwe+,   Yemwe ruvyaro rwa Aburahamu umusavyi wiwe+,Mwebwe bene Yakobo, abo yatoye+!   Ni we Yehova Imana yacu+.Ingingo ziwe z’ubutungane ziri mw’isi yose+.   Yaributse isezerano ryiwe, egome, gushika igihe kitagira urugero+,Ijambo yategetse, gushika ku mayaruka igihumbi+,   Isezerano yagiranye na Aburahamu+,N’indahiro yarahiye Izahaki+, 10  Iyo yagumijeho bwa ngingo nyobozi kuri Yakobo,Bwa sezerano ryamaho igihe kitagira urugero kuri Isirayeli+, 11  Akavuga ati: “Nzoguha igihugu ca Kanani+Kibe wo mugabane w’intoranwa yanyu+.” 12  Aho hari igihe bari imparurwa+,Emwe, bake cane, bakaba na ba kavamahanga muri co+. 13  Kandi baguma bagendagenda bava mw’ihanga baja mu rindi+,Bava mu bwami bumwe bagana ikindi gisata+. 14  Ntiyemeye ko hagira umuntu n’umwe abagunga+,Mugabo kubera bo, yarakangiriye abami+, 15  Ati: “Ntimukore ku bo narobanuje amavuta+,Kandi ntihagire ikintu kibi na kimwe mugirira abahanuzi banje+.” 16  Nuko ahamagarira ikigoyi ku gihugu+;Avuna inkoni yose yatungirwako imikate imeze nk’ikigōmbo+. 17  Arungika imbere yabo umuntuYagurishijwe ngo abe umushumba, ari we Yozefu+. 18  Bababarisha amapingu ibirenge vyiwe+,Ubuzima bwiwe bwinjira mu vyuma+; 19  Gushika aho ijambo ryiwe riziye+,Ijambo rya Yehova ubwaryo riramutyorora+. 20  Umwami atuma umuntu kugira amubohore+,Umutware w’ibisata vy’abantu arabikora, kugira amurekure. 21  Amugira shebuja w’urugo rwiwe+N’umutware aganza ivyiwe vyose+, 22  Kugira agabe abaganwa biwe uko umutima wiwe ugomba+No kugira ngo yigishe ubukerebutsi abahumure biwe+. 23  Hanyuma Isirayeli araza mu Misiri+,Yakobo ubwiwe abaho ari kavamahanga mu gihugu ca Hamu+. 24  Aguma atuma abantu biwe barondoka cane+,Amaherezo abaha kugira inkomezi kuruta abarwanizi babo+. 25  Areka umutima wabo urahinduka ngo wanke abantu biwe+,Ngo bagire ivy’urwenge ku basavyi biwe+. 26  Atuma Musa umusavyi wiwe+,Atuma Aroni, uwo yari yaratoye+. 27  Bashira hagati yabo ibintu vy’ibimenyetso vyiwe+,N’ibitangaro mu gihugu ca Hamu+. 28  Arungika umwiza, atuma hijima+;Kandi ntibagararije amajambo yiwe+. 29  Ahindura amazi yabo amaraso+,Yica amafi yabo+. 30  Igihugu cabo kinyagaramwo ibikere+,Mu vyumba vy’abami babo. 31  Avuga ngo ibibugu bize+,Imibu mu turere twabo twose+. 32  Imvura zabo z’isegenya azigira urubura+,Umuriro ururumba ku gihugu cabo+. 33  Akubita imizabibu yabo n’ibiti vyabo vy’imisukoni,Avunagura n’ibiti vyo mu karere kabo+. 34  Avuga ngo inzige zize+,N’inzige zikiri nto, emwe, zitagira igitigiri+. 35  Zirya ibimera vyose mu gihugu cabo+;Zirya n’umwimbu w’ubutaka bwabo. 36  Hanyuma yica zina mfura mu gihugu cabo+,Ubuzibūra bwabo* bwose+. 37  Atangura kubasohorana ifeza n’inzahabu+;Kandi mu miryāngo yiwe nta n’umwe yagenda aratsitara. 38  Misiri yaranezerewe basohotse,Kuko ukubagirira ubwoba kwari kwabatekeye+. 39  Asanza igicu ngo kibe igikingirizo+,N’umuriro wo gutanga umuco mw’ijoro+. 40  Barasaba, azana inkware+,Aguma abahaza umukate uva mw’ijuru+. 41  Yugurura igitandara, amazi atangura gutemba+;Ano agenda aca mu turere tugadutse, atemba nk’uruzi+. 42  Kuko yibutse ijambo ryiwe ryeranda yavuganye na Aburahamu umusavyi wiwe+. 43  Nuko asohora abantu biwe n’umwigino+,Abo yatoye abasohorana akamo k’umunezero+. 44  Amaherezo abaha ibihugu vy’amahanga+,Baguma bigarurira ibiva mu gikorwa c’ubutame c’imiryango y’amahanga+, 45  Kugira ngo bagumye ingingo nyobozi ziwe+,Bubahirize amategeko yiwe+.Shemeze Ya+!

Utujambo tw'epfo

Ijambo ku rindi ni “Intango y’ububasha bwabo bwo kurondoka.”