Zaburi 105:1-45
105 Nimukengurukire Yehova, mwambaze izina ryiwe+,Mumenyeshe mu bisata vy’abantu ivyo akora+.
2 Nimumuririmbire, mumuhibongoreze+,Mwitwararike ibikorwa vy’agatangaza vyiwe vyose+.
3 Nimwiratire izina ryiwe ryeranda+.Umutima w’abarondera Yehova nunezerwe+.
4 Nimurondere Yehova be n’inkomezi ziwe+.Nimurondere mu maso hiwe nantaryo+.
5 Nimwibuke ibikorwa vyiwe vy’agatangaza yaranguye+,Ibitangaro vyiwe n’ingingo z’ubutungane z’akanwa kiwe+,
6 Yemwe ruvyaro rwa Aburahamu umusavyi wiwe+,Mwebwe bene Yakobo, abo yatoye+!
7 Ni we Yehova Imana yacu+.Ingingo ziwe z’ubutungane ziri mw’isi yose+.
8 Yaributse isezerano ryiwe, egome, gushika igihe kitagira urugero+,Ijambo yategetse, gushika ku mayaruka igihumbi+,
9 Isezerano yagiranye na Aburahamu+,N’indahiro yarahiye Izahaki+,
10 Iyo yagumijeho bwa ngingo nyobozi kuri Yakobo,Bwa sezerano ryamaho igihe kitagira urugero kuri Isirayeli+,
11 Akavuga ati: “Nzoguha igihugu ca Kanani+Kibe wo mugabane w’intoranwa yanyu+.”
12 Aho hari igihe bari imparurwa+,Emwe, bake cane, bakaba na ba kavamahanga muri co+.
13 Kandi baguma bagendagenda bava mw’ihanga baja mu rindi+,Bava mu bwami bumwe bagana ikindi gisata+.
14 Ntiyemeye ko hagira umuntu n’umwe abagunga+,Mugabo kubera bo, yarakangiriye abami+,
15 Ati: “Ntimukore ku bo narobanuje amavuta+,Kandi ntihagire ikintu kibi na kimwe mugirira abahanuzi banje+.”
16 Nuko ahamagarira ikigoyi ku gihugu+;Avuna inkoni yose yatungirwako imikate imeze nk’ikigōmbo+.
17 Arungika imbere yabo umuntuYagurishijwe ngo abe umushumba, ari we Yozefu+.
18 Bababarisha amapingu ibirenge vyiwe+,Ubuzima bwiwe bwinjira mu vyuma+;
19 Gushika aho ijambo ryiwe riziye+,Ijambo rya Yehova ubwaryo riramutyorora+.
20 Umwami atuma umuntu kugira amubohore+,Umutware w’ibisata vy’abantu arabikora, kugira amurekure.
21 Amugira shebuja w’urugo rwiwe+N’umutware aganza ivyiwe vyose+,
22 Kugira agabe abaganwa biwe uko umutima wiwe ugomba+No kugira ngo yigishe ubukerebutsi abahumure biwe+.
23 Hanyuma Isirayeli araza mu Misiri+,Yakobo ubwiwe abaho ari kavamahanga mu gihugu ca Hamu+.
24 Aguma atuma abantu biwe barondoka cane+,Amaherezo abaha kugira inkomezi kuruta abarwanizi babo+.
25 Areka umutima wabo urahinduka ngo wanke abantu biwe+,Ngo bagire ivy’urwenge ku basavyi biwe+.
26 Atuma Musa umusavyi wiwe+,Atuma Aroni, uwo yari yaratoye+.
27 Bashira hagati yabo ibintu vy’ibimenyetso vyiwe+,N’ibitangaro mu gihugu ca Hamu+.
28 Arungika umwiza, atuma hijima+;Kandi ntibagararije amajambo yiwe+.
29 Ahindura amazi yabo amaraso+,Yica amafi yabo+.
30 Igihugu cabo kinyagaramwo ibikere+,Mu vyumba vy’abami babo.
31 Avuga ngo ibibugu bize+,Imibu mu turere twabo twose+.
32 Imvura zabo z’isegenya azigira urubura+,Umuriro ururumba ku gihugu cabo+.
33 Akubita imizabibu yabo n’ibiti vyabo vy’imisukoni,Avunagura n’ibiti vyo mu karere kabo+.
34 Avuga ngo inzige zize+,N’inzige zikiri nto, emwe, zitagira igitigiri+.
35 Zirya ibimera vyose mu gihugu cabo+;Zirya n’umwimbu w’ubutaka bwabo.
36 Hanyuma yica zina mfura mu gihugu cabo+,Ubuzibūra bwabo* bwose+.
37 Atangura kubasohorana ifeza n’inzahabu+;Kandi mu miryāngo yiwe nta n’umwe yagenda aratsitara.
38 Misiri yaranezerewe basohotse,Kuko ukubagirira ubwoba kwari kwabatekeye+.
39 Asanza igicu ngo kibe igikingirizo+,N’umuriro wo gutanga umuco mw’ijoro+.
40 Barasaba, azana inkware+,Aguma abahaza umukate uva mw’ijuru+.
41 Yugurura igitandara, amazi atangura gutemba+;Ano agenda aca mu turere tugadutse, atemba nk’uruzi+.
42 Kuko yibutse ijambo ryiwe ryeranda yavuganye na Aburahamu umusavyi wiwe+.
43 Nuko asohora abantu biwe n’umwigino+,Abo yatoye abasohorana akamo k’umunezero+.
44 Amaherezo abaha ibihugu vy’amahanga+,Baguma bigarurira ibiva mu gikorwa c’ubutame c’imiryango y’amahanga+,
45 Kugira ngo bagumye ingingo nyobozi ziwe+,Bubahirize amategeko yiwe+.Shemeze Ya+!
Utujambo tw'epfo
^ Ijambo ku rindi ni “Intango y’ububasha bwabo bwo kurondoka.”