Zaburi 104:1-35

104  Hezagira Yehova, mutima wanje+!Ewe Yehova Mana yanje, wabonetse ko uhambaye cane+.Wiyambika iteka n’ubwiza bwakaka+,   Witwikira umuco nk’impuzu+,Uramvura amajuru nk’igitambara c’ihema+,   Ukaba Umwe yubaka mu mazi ivyumba vyiwe vyo hejuru akoresheje ibigiga+,Akagira ibicu umukogote wiwe+,Akagendera ku mababa y’umuyaga+,   Akagira abamarayika biwe impwemu+,Abasuku biwe akabagira umuriro urigata+.   Yashinze isi ku bibanza vyayo bishimangiye+;Ntizogenda inyiganyijwe gushika igihe kitagira urugero, emwe gushika ibihe bidahera+.   Wayipfutse inyenga y’amazi nk’impuzu+.Amazi yareremba hejuru y’imisozi+.   Warahambaye atangura guhunga+;Yumvise ijwi ry’umuturagaro wawe, yiruka yataye umutwe,   Imisozi itangura kuduga+,Ibiyaya vy’imibande bitangura kumanuka,Yiruka aja mu kibanza wayashingiye.   Washinze urubibe adakwiye kurenga+,Ngo ntiyongere gupfuka isi+. 10  Arungika imbizi mu myonga+;Ziguma zitemba hagati y’imisozi. 11  Ntizihengeshanya kunywesha ibikoko vyose vyo mu gahinga+;Imparage+ zama zîzimya inyota. 12  Hejuru yazo ni ho ibiremwa biguruka vyo mu kirere vyikinga+;Biguma bijwiragirira mu mababi azitanye+. 13  Anywesha imisozi ari mu vyumba vyiwe vyo hejuru+.Isi ihazwa n’ivyamwa vy’ibikorwa vyawe+. 14  Amereza ibikoko ivyatsi bitoto+,N’ibimera ngo abantu bavyikoreko+,Ngo atume ibifungurwa bisokoroka biva mw’ivu+, 15  N’umuvinyu unezereza umutima w’umuntu buntu+,Ngo akayanganishe mu maso amavuta+,N’umukate utunga umutima w’umuntu apfa+. 16  Ibiti vya Yehova birahaga,Amasederi y’i Libani yateragiye+, 17  Aho inyoni ubwazo zarika+.Nayo agasoza, ibiti vy’imiberoshi ni vyo nzu yako+. 18  Imisozi miremire+ ni iy’impene zo mu misozi+;Ibibuye vy’urutare ni ubuhungiro bw’inkezi zo mu bitandara+. 19  Yakoze ukwezi ku bw’ibihe vyashinzwe+;Izuba ubwaryo rirazi neza iyo rirengera+. 20  Uzana umwiza, ngo habe mw’ijoro+;Ibikoko vyo mu kibira vyose bigendagenda muri ryo. 21  Intambwe z’imikangara z’imigāra ziroha zirondera ico zicakira+,No kugira zirondere ku Mana ico zirya+. 22  Izuba ritangura kwaka+, bikigira,Bikiryamira mu bwikingo bwavyo. 23  Umuntu arasohoka akaja ku murimo wiwe+,Akaja ku gikorwa ciwe gushika ku mugoroba+. 24  Ewe kuntu ibikorwa vyawe ari vyinshi, Yehova we+!Vyose wabikoranye ubukerebutsi+.Isi yuzuye ivyo wakoze+. 25  Nayo iki kiyaga amahanga kandi kigereza kure gutyo+,Muri co hariyo ibigendagenda bitagira igitigiri+,Ibinyabuzima, bitobito na bininibinini+. 26  Aho ni ho imeri zigendagenda+;Nayo Lewiyatani+, wayibumvye ngo yiginagure muri co+. 27  Vyose, biguma bikurindiriye+Ngo ubihe indya zavyo mu gihe cazo+. 28  Ico ubihaye biratora+.Upfumbaturura ikiganza cawe, bigahaga ivyiza+. 29  Uhishije mu maso hawe, bihagarika umutima+.Utwaye impwemu yavyo, biracikana+,Bigasubira mu mukungugu wavyo+. 30  Urungitse impwemu yawe, biraremwa+;Ku buringanire bw’ubutaka uhagira hashasha. 31  Ubuninahazwa bwa Yehova buzokwamaho gushika igihe kitagira urugero+.Yehova azonezererwa ibikorwa vyiwe+. 32  Araba isi, ikajugumira+;Akora ku misozi, igafumba umwotsi+. 33  Nzoririmbira Yehova ubuzima bwanje bwose+;Nzohibongoreza Imana yanje igihe cose nzoba nkiriho+. 34  Ukuzirikana ibiyerekeye kwanje nikube akaryoshe+.Nayo jewe, nzonezerwa muri Yehova+. 35  Abacumuzi bazoherengetezwa kw’isi+;Nayo ababisha, ntibazokwongera kubaho+.Hezagira Yehova, mutima wanje! Shemeze Ya+!

Utujambo tw'epfo