Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Zaburi 103:1-22

Ni izaburi ya Dawidi. 103  Mutima wanje, hezagira Yehova+,Nawe ikiri muri jewe cose, hezagira izina ryiwe ryeranda+.   Mutima wanje, hezagira Yehova,Kandi ntiwibagire ibikorwa vyiwe vyose+,   We ababarira ikosa ryawe ryose+,Agakiza indwara zawe zose+,   Agahabuza ubuzima bwawe abukuye mu cobo+,Akakwambika urugori rw’ubuntu bwuzuye urukundo be n’imbabazi+,   Agahaza ubuzima bwawe ivyiza+;Ubuto bwawe buguma bwiyubura nk’ubw’inkona+.   Yehova ashitsa ibikorwa vy’ubugororotsi+N’ingingo z’ubutungane ku bw’abo bose bagungwa+.   Yamenyesheje inzira ziwe Musa+,Ivyo akora abimenyesha mbere bene Isirayeli+.   Yehova ni umunyembabazi n’umunyempuhwe+,Ateba gushavura, kandi agwije ubuntu bwuzuye urukundo+.   Ntazoguma atora amahinyu ibihe vyose+,Eka ntazogumana inzika gushika igihe kitagira urugero+. 10  Ntiyadukoreye ibihwanye n’ibicumuro vyacu+;Eka ntiyatuzanyeko ivyo dukwiriye yisunze amakosa yacu+. 11  Kuko, nk’uko amajuru ari hejuru cane y’isi+,Ni ko ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe ari agahebuza ku bamutinya+. 12  Nk’uko uburasirazuba buri kure y’uburengerazuba+,Ni ko yashize kure yacu ibigabitanyo vyacu+. 13  Nk’uko se w’abana agirira imbabazi abana biwe+,Ni ko Yehova yagiriye imbabazi abamutinya+. 14  Kuko ubwiwe azi neza ingene tubumbwe+,Akibuka ko turi umukungugu+. 15  Nayo umuntu buntu, imisi yiwe ni nk’iy’ivyatsi bitoto+;Ashurika nka kurya kw’ishurwe ryo mw’ishamba+. 16  Kuko umuyaga uricako ntirisubire kubaho+;Aharyo ntihazosubira kurimenya+. 17  Mugabo ubuntu bwuzuye urukundo bwa Yehova ni ubwo kuva igihe kitagira urugero gushika igihe kitagira urugero+Ku bamutinya+,Ubugororotsi bwiwe na bwo bugashika ku bana b’abana babo+, 18  Ku bagumya isezerano ryiwe+No ku bibuka amateka yiwe kugira bayashitse+. 19  Yehova ubwiwe yashimangiye intebe yiwe y’ubwami mu majuru+;Kandi ingoma yiwe yaganje vyose+. 20  Hezagire Yehova, yemwe bamarayika+ biwe, mukomeye mu bubasha, mushitsa ijambo ryiwe+,Mu kwumviriza ijwi ry’ijambo ryiwe+. 21  Hezagire Yehova, yemwe ngabo ziwe mwese+,Yemwe basuku biwe, mukora ukugomba kwiwe+. 22  Hezagire Yehova, yemwe bikorwa vyiwe mwese+,Ahantu hose aganza+.Mutima wanje, hezagira Yehova+!

Amakuru yiyongereye