Zaburi 102:1-28
Isengesho ry’umurushwa mu gihe yaregeye, agasuka amaganya yiwe imbere ya Yehova ubwiwe+.
102 Ewe Yehova, niwumve isengesho ryanje+;Kandi ugutabaza kwanje nikugushikire+.
2 Ntumpishe mu maso hawe ku musi ngeze habi+.Ntega ugutwi+;Ku musi mpamagaye, nunyaruke, unyishure+.
3 Kuko imisi yanje irangiye nk’umwotsi+,N’amagufa yanje akaba arunguriye nk’iziko+.
4 Umutima wanje ukubiswe nk’ivyatsi kandi urumye+,Kuko nibagiye gufungura udufungurwa twanje+.
5 Kubera ijwi ry’ukuniha kwanje+,Amagufa yanje amatanye n’inyama zanje+.
6 Nsa n’ikinyoni ntamayuruzi co mu gahinga+.Ncitse nk’agahuna gatoyi k’ahantu hagizwe umusaka.
7 Ndanamvye;Mbaye nk’akanyoni kari ukwa konyene ku gisenge+.
8 Abansi banje bansize iceyi burinda bwira+.Abankengereza ni jewe barahiye+.
9 Kuko nariye iminyota nk’umukate+;Kandi ivyo nywa nabivanze n’amarira+,
10 Kubera imisibo yawe n’uburakari bwawe+;Kuko wandugije hejuru, kugira ngo unte kure+.
11 Imisi yanje ni nk’igitutu kiyonze+,Kandi jewe numye nk’ivyatsi+.
12 Nayo wewe, ewe Yehova, uzobaho gushika igihe kitagira urugero+,Kandi icibutso cawe kizokwamaho uko iyaruka rikurikira irindi+.
13 Wewe ubwawe uzohaguruka, uzogirira imbabazi Siyoni+,Kuko ari co kiringo co kuyigirira ivyiza,Kuko igihe cashinzwe gishitse+.
14 Kuko abasavyi bawe bahimbawe n’amabuye yaho+,Kandi ubutoni bwabo babwerekeza ku mukungugu waho+.
15 Amahanga azotinya izina rya Yehova+,Abami bose bo mw’isi na bo batinye ubuninahazwa bwawe+.
16 Kuko Yehova atazobura kwubaka Siyoni+;Emwe, azoseruka mu buninahazwa bwiwe+.
17 Ntazobura guhindukira ngo yumve isengesho ry’abakobwe ibintu vyose+,Kandi ntazosuzugura isengesho ryabo+.
18 Ibi vyandikiwe iyaruka rizoza+;Kandi igisata c’abantu kizoremwa kizoshemeza Ya*+.
19 Kuko yaravye hasi ari iyo hejuru hiwe heranda+,Yehova ubwiwe yaravye isi ari mu majuru+,
20 Kugira ngo yumve ukuniha kw’imbohe+,Kugira ngo abohore abagenewe urupfu+;
21 Kugira ngo izina rya Yehova rimenyeshwe i Siyoni+,Ishemezo ryiwe na ryo rimenyeshwe i Yeruzalemu+,
22 Ibisata vy’abantu nivyakoranirizwa hamwe vyose+,Be n’ubwami, kugira bikorere Yehova+.
23 Ku nzira, yaruhije inkomezi zanje+,Yagabanije imisi yanje+.
24 Naciye mvuga nti: “Ewe Mana yanje,Ntunkureho ncagatije imisi yanje+;Imyaka yawe yamaho mu mayaruka yose+.
25 Kera washinze imishinge y’isi+,Kandi amajuru ni igikorwa c’amaboko yawe+.
26 Vyo bizoyogera, mugabo wewe uzogumaho+;Bizoshira vyose nka kurya kw’impuzu+.Nka kurya kw’icambarwa, uzobisubiriza, bimare ikiringo cavyo+.
27 Ariko wewe wama uri wa wundi, kandi imyaka yawe ntizohera+.
28 Abana b’abasavyi bawe bazobandanya kwiberaho+;Kandi imbere yawe, uruvyaro rwabo ruzoshimangirwa+.”
Utujambo tw'epfo
^ “Ya” ni impfunyapfunyo y’izina “Yehova.”