Zaburi 102:1-28

Isengesho ry’umurushwa mu gihe yaregeye, agasuka amaganya yiwe imbere ya Yehova ubwiwe+. 102  Ewe Yehova, niwumve isengesho ryanje+;Kandi ugutabaza kwanje nikugushikire+.   Ntumpishe mu maso hawe ku musi ngeze habi+.Ntega ugutwi+;Ku musi mpamagaye, nunyaruke, unyishure+.   Kuko imisi yanje irangiye nk’umwotsi+,N’amagufa yanje akaba arunguriye nk’iziko+.   Umutima wanje ukubiswe nk’ivyatsi kandi urumye+,Kuko nibagiye gufungura udufungurwa twanje+.   Kubera ijwi ry’ukuniha kwanje+,Amagufa yanje amatanye n’inyama zanje+.   Nsa n’ikinyoni ntamayuruzi co mu gahinga+.Ncitse nk’agahuna gatoyi k’ahantu hagizwe umusaka.   Ndanamvye;Mbaye nk’akanyoni kari ukwa konyene ku gisenge+.   Abansi banje bansize iceyi burinda bwira+.Abankengereza ni jewe barahiye+.   Kuko nariye iminyota nk’umukate+;Kandi ivyo nywa nabivanze n’amarira+, 10  Kubera imisibo yawe n’uburakari bwawe+;Kuko wandugije hejuru, kugira ngo unte kure+. 11  Imisi yanje ni nk’igitutu kiyonze+,Kandi jewe numye nk’ivyatsi+. 12  Nayo wewe, ewe Yehova, uzobaho gushika igihe kitagira urugero+,Kandi icibutso cawe kizokwamaho uko iyaruka rikurikira irindi+. 13  Wewe ubwawe uzohaguruka, uzogirira imbabazi Siyoni+,Kuko ari co kiringo co kuyigirira ivyiza,Kuko igihe cashinzwe gishitse+. 14  Kuko abasavyi bawe bahimbawe n’amabuye yaho+,Kandi ubutoni bwabo babwerekeza ku mukungugu waho+. 15  Amahanga azotinya izina rya Yehova+,Abami bose bo mw’isi na bo batinye ubuninahazwa bwawe+. 16  Kuko Yehova atazobura kwubaka Siyoni+;Emwe, azoseruka mu buninahazwa bwiwe+. 17  Ntazobura guhindukira ngo yumve isengesho ry’abakobwe ibintu vyose+,Kandi ntazosuzugura isengesho ryabo+. 18  Ibi vyandikiwe iyaruka rizoza+;Kandi igisata c’abantu kizoremwa kizoshemeza Ya*+. 19  Kuko yaravye hasi ari iyo hejuru hiwe heranda+,Yehova ubwiwe yaravye isi ari mu majuru+, 20  Kugira ngo yumve ukuniha kw’imbohe+,Kugira ngo abohore abagenewe urupfu+; 21  Kugira ngo izina rya Yehova rimenyeshwe i Siyoni+,Ishemezo ryiwe na ryo rimenyeshwe i Yeruzalemu+, 22  Ibisata vy’abantu nivyakoranirizwa hamwe vyose+,Be n’ubwami, kugira bikorere Yehova+. 23  Ku nzira, yaruhije inkomezi zanje+,Yagabanije imisi yanje+. 24  Naciye mvuga nti: “Ewe Mana yanje,Ntunkureho ncagatije imisi yanje+;Imyaka yawe yamaho mu mayaruka yose+. 25  Kera washinze imishinge y’isi+,Kandi amajuru ni igikorwa c’amaboko yawe+. 26  Vyo bizoyogera, mugabo wewe uzogumaho+;Bizoshira vyose nka kurya kw’impuzu+.Nka kurya kw’icambarwa, uzobisubiriza, bimare ikiringo cavyo+. 27  Ariko wewe wama uri wa wundi, kandi imyaka yawe ntizohera+. 28  Abana b’abasavyi bawe bazobandanya kwiberaho+;Kandi imbere yawe, uruvyaro rwabo ruzoshimangirwa+.”

Utujambo tw'epfo

“Ya” ni impfunyapfunyo y’izina “Yehova.”