Zaburi 101:1-8

Ni izaburi ya Dawidi. Agahibongozo. 101  Nzoririmba ubuntu bwuzuye urukundo be n’ubutungane+.Nzoguhibongoreza, Yehova we+!   Nzokorana ukwiyubara, ata mahinyu+.Uzoza aho ndi ryari+?Nzogendera mu gutungana kw’umutima wanje mu nzu yanje+.   Sinzoshira imbere y’amaso yanje ikintu na kimwe kitagira akamaro+.Emwe, igikorwa c’abata inzira ndacanka+;Ntikinyumirako+.   Umutima uhetaraye unja kure+;Nta kibi na kimwe nzi+.   Uwo wese abeshera mugenziwe mu mpisho+,Uwo ndamunumya+.Uwo wese w’amaso yibona kandi w’umutima w’akagaye+,Uwo sinshobora kumwihanganira+.   Amaso yanje ari ku bizigirwa bo kw’isi+,Kugira ngo babane nanje+.Uwugenda ata mahinyu+,Uwo ni we azonkorera+.   Nta wukora ivy’amayeri azoba mu nzu yanje+.Nayo uwo wese avuga ibinyoma, ntazoshimangirwa+Imbere y’amaso yanje+.   Buri gitondo nzonumya ababisha bose bo kw’isi+,Kugira ndandure mu gisagara+ ca Yehova abakora ibibabaza bose+.

Utujambo tw'epfo