Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Zaburi 10:1-18

ל [Lamedi] 10  Kubera iki ga Yehova uguma uhagaze kure cane+?Kubera iki uguma winyegeje mu bihe vy’amarushwa+?   Mu bwibone bwiwe umubisha akurikirana umurushwa, yarakaye+;Bafatwa n’ivyiyumviro biyumviriye+.   Kuko umubisha yishemeje ku cipfuzo c’ubwikunzi c’umutima wiwe+,N’uwuronka inyungu y’umwina+ yihezagiye;נ [Nuni]Yagaye Yehova+.   Umubisha mu kwidundarika kwiwe ntarondera+;Ivyiyumviro vyiwe vyose ni: “Nta Mana iriho+.”   Inzira ziwe ziguma zitunganirwa igihe cose+.Ingingo zawe z’ubutungane* zirahanitse, ntazishikira+;Nayo abamwanka bose, abahemerako+.   Yavuze mu mutima wiwe ngo: “Sinzonyiganyizwa+;Uko iyaruka rikurikira irindi, ivyago nzobaza+.” פ [Peʼ]   Akanwa kiwe kuzuye indahiro n’ubuhendanyi n’agahahazo+.Munsi y’ururimi rwiwe hari icago n’ibintu bibabaza+.   Yicara mu kibundo co mu mihana irundanye;Azokwica intungane avuye ahantu hihishije+. ע [ʽAyini]Amaso yiwe aguma areretse umuntu yigorewe+.   Aguma abunze ahantu hihishije nk’intambwe mu kibundo cayo+.Aguma abunze+ ngo agire umurushwa atwara ku nguvu.Atwara nya murushwa ku nguvu igihe akweze urusenga rwiwe rukiyugara+. 10  Arafyonyorwa, akunama,Ingabo z’abajonjogoye zikabwirizwa kugwa mu vyara vyiwe bikomeye+. 11  Yavuze mu mutima wiwe+ ngo: “Imana yibagiye+.Yahishije mu maso hayo+.Emwe, ntizokwigera ibibona+.” ק [Kofu] 12  Haguruka+, Yehova we! Ewe Mana, duza ukuboko kwawe+.Ntiwibagire abarushwa+. 13  Kubera iki umubisha yagaye Imana+?Yavuze mu mutima wiwe ngo: “Ntuzogira ico ubaza+.” ר [Reshi] 14  Kuko ubwawe wabonye ivyago n’umwikomo.Uguma witegereza ngo ubizane bije mu kuboko kwawe+.Umuntu yigorewe+, mbere impfuvyi*, ni wewe yiragiza.Ni wewe wacitse umufasha wiwe+. ש [Shini] 15  Vuna ukuboko kw’umubisha, kw’umubi+.Nurondere ububisha bwiwe gushika aho utaba ukibubona+. 16  Yehova ni Umwami gushika igihe kitagira urugero, mbere ibihe bidahera+.Amahanga yayogeye mw’isi yiwe+. ת [Tau] 17  Icipfuzo c’abatekereza ntuzobura kucumva+, Yehova we!Uzotegura umutima wabo+.Uzokwumviriza n’ugutwi kwawe+, 18  Kugira ucire urubanza impfuvyi be n’uwajanjaguwe+,Ngo umuntu buntu kandi wo kw’isi ntiyongere kugira uwo ajugumiza+.

Amakuru yiyongereye

Raba Inyongera ya 21.
Ijambo ku rindi ni “agahungu katagira se.”