Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Zaburi 1:1-6

1  Hahiriwe+ umuntu* atagendeye mu nama y’ababisha+,Atahagaze mu nzira y’abacumuzi+,Aticaye mu cicaro c’abashinyaguzi+.   Ahubwo ahimbarwa n’itegeko rya Yehova+,Kandi itegeko ryiwe arisoma n’ijwi ritoyi umurango n’ijoro+.   Azoba koko nk’igiti gitewe hafi y’imigezi y’amazi+,Gitanga ivyamwa vyaco mu gihe caco+Kandi amababi yaco ntakabirane+,Kandi ico akora cose kizokunda+.   Ababisha ntibameze gutyo,Ahubwo bameze nk’umuguruka ugururwa n’umuyaga+.   Ni co gituma ababisha batazohagarara mu rubanza+,Canke abacumuzi ngo bahagarare mw’ikoraniro ry’abagororotsi+.   Kuko Yehova amenya inzira y’abagororotsi+,Mugabo inzira y’ababisha izozimangana+.

Amakuru yiyongereye

Ijambo ry’igiheburayo ryahinduwe ngo “umuntu” ryerekeza ku mugabo.