Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Yoweli 2:1-32

2  “Nimuvuze inzamba i Siyoni+, mukome akaruru k’intambara+ ku musozi wanje mweranda+. Ababa mu gihugu bose nibahagarike umutima+; kuko umusi wa Yehova uriko uraza+, kuko uri hafi!  Ni umusi w’umwiza n’umuzimagiza+, umusi w’ibicu n’umuzimagiza w’umuzitanya, nk’umuco w’umutwenzi utambitse ku misozi+. “Hari igisata kigwiriye kandi gikomeye+; nta kimeze nka co cigeze kubaho kuva mu bihe vya kera bitagira urugero*+, kandi mu nyuma zaco nta kizokwongera kubaho gushika mu myaka izoza uko iyaruka rikurikira irindi.  Imbere yaco umuriro warigase+, inyuma yaco na ho urubeya ruratongora+. Imbere yaco igihugu kimeze nka wa murima wa Edeni+, mugabo inyuma yaco ni agahinga k’umusaka; emwe, nta na kimwe gicika kw’icumu.  “Gifise ishusho nk’iy’amafarasi, kandi baguma biruka nk’amafarasi y’imbangutsi+.  Baguma bikina amatavu ukamengo ni urwamo rw’imikogote ku masonga y’imisozi+, ukamengo ni urwamo rw’umuriro ururumba urigata ibishakara+. Ni nk’igisata gikomeye, gitonze urugamba+.  Ibisata vy’abantu bizogira ububabare bukaze kubera co+. Nayo mu maso ha bose, ntihazobura kujonjogora+.  “Biruka nk’abanyabubasha+. Burira uruhome nk’abarwanyi. Umwe wese muri bo ajana inzira ziwe bwite, kandi ntibahindura iminyuro yabo+.  Ntibasunikana. Baguma bagenda nk’umugabo ari mu nzira yiwe; bishitse bamwe bakagwa mu myampi, abandi ntibahagarara.  “Bitera mu gisagara. Biruka ku ruhome. Burira ku mazu. Binjirana mu madirisha nk’igisuma. 10  Imbere y’ico gisata igihugu kirahagaritse umutima, amajuru yatigise. Izuba n’ukwezi vyacuze umwiza+, inyenyeri na zo zidohora ukwakaka kwazo+. 11  Emwe, Yehova ubwiwe azokwumvikanisha ijwi ryiwe+ imbere y’inteko ziwe za gisirikare+, kuko ikambi yiwe igwiriye cane+. Kuko uwushitsa ijambo ryiwe ari uw’inkomezi; kuko umusi wa Yehova uhambaye+ kandi uteye ubwoba cane; kandi ni nde yowihanganira+?” 12  “Kandi n’ubu nyene,” ni ko Yehova avuze, “nimungarukeko n’imitima yanyu yose+, mwisonzesha+, murira, muboroga+. 13  Nimutantamure imitima yanyu+, si impuzu zanyu+; nimugaruke kuri Yehova Imana yanyu, kuko ari umunyempuhwe n’umunyembabazi+, ateba gushavura+ kandi agwije ubuntu bwuzuye urukundo+, na we ntazobura kwicuza kuri ivyo vyago+. 14  Ni nde azi ko atazohindukira akicuza vy’ukuri+, inyuma yavyo agasiga umuhezagiro+, ari wo shikanwa ry’intete n’ishikanwa ry’ikinyobwa ku bwa Yehova Imana yanyu? 15  “Nimuvuze inzamba i Siyoni+. Nimweze igihe co kwisonzesha+. Nimukoranye ikoraniro ry’agakūra+. 16  Nimukoranirize hamwe abantu. Nimweze ishengero+. Nimwegeranirize hamwe abatama. Nimukoranirize hamwe abana n’abonka+. Umukwe nasohoke ave mu cumba ciwe, n’umugeni ave mu cumba ciwe c’ubugeni. 17  “Hagati y’ibaraza n’igicaniro+, abaherezi, abasuku ba Yehova, nibarire bavuge bati: ‘Umvira akagongwe abantu bawe, Yehova we, kandi intoranwa yawe ntuyigire iceyi+, ngo amahanga abaganze. Kubera iki bokwirirwa baravugira mu bisata vy’abantu ngo: “Mbega Imana yabo iri he+?”’ 18  Yehova azogirira umwete igihugu ciwe+, agirire impuhwe abantu biwe+. 19  Kandi Yehova azokwishura abantu biwe ati: ‘Ehe ngira ndabarungikire intete n’umuvinyu mushasha n’amavuta, namwe ntimuzobura guhazwa na vyo+; kandi sinzokwongera kubagira iceyi mu mahanga+. 20  Umunyaburaruko+ nzomubakurako ndamushire kure yanyu, ndamushwiragirize koko mu gihugu kigadutse, ahantu h’igiharabuga, mu maso hiwe haraba ku kiyaga co mu buseruko+, igice ciwe c’inyuma na co kiraba ku kiyaga co mu burengero+. Kandi umuduhu umuvako uzoduga koko, umunuko umuvako na wo ugume uduga+; kuko vy’ukuri Imana izokora ikintu gikomeye mu vyo ikora.’ 21  “Ntugire ubwoba, butaka we! Nunezerwe uhimbarwe; kuko vy’ukuri Yehova azokora ikintu gikomeye mu vyo akora+. 22  Ntimugire ubwoba, mwa bikoko vyo mu gahinga+, kuko amatongo y’uburagiriro yo mu gahinga atazobura gutotahara+. Kuko igiti kizotanga koko ivyamwa vyaco+. Igiti c’umusukoni be n’umuzabibu ntibizobura gutanga inkomezi zavyo+. 23  Namwe bana ba Siyoni, nimunezerwe muhimbarwe muri Yehova Imana yanyu+; kuko atazobura kubaha imvura y’agatasi ku rugero rukwiriye+, kandi azobacuncuburirako imvura, imvura y’agatasi n’imvura y’impeshi, nko mu ntango+. 24  Emwe, imbuga z’ikubitiro zizokwuzura intete zisukuye, n’ibikono muganiramwo bisesekare umuvinyu mushasha n’amavuta+. 25  Nzobashumbusha ku myaka yariwe n’uruzige be n’uruzige rutagira amababa rwikwega hasi, n’inyenzi n’ikinyabwoya, za nteko zanje za gisirikare zikomeye nabarungikamwo+. 26  Emwe, muzorya, murye muhage+, kandi ntimuzobura gushemeza izina rya Yehova Imana yanyu+ yabakoreye ibintu vy’agatangaza gutyo+; kandi abantu banje ntaho bazomaramara, gushika igihe kitagira urugero+. 27  Kandi muzobwirizwa kumenya yuko ndi hagati muri Isirayeli+, be n’uko jewe ndi Yehova Imana yanyu kandi ko ata wundi ariho+. Kandi abantu banje ntaho bazomaramara, gushika igihe kitagira urugero. 28  “Kandi inyuma y’ivyo, uku ni ko bitegerezwa kuba: nzosuka impwemu yanje+ ku bari n’umubiri b’ubwoko bwose+, kandi abahungu banyu n’abakobwa banyu+ bazovuga koko ubuhanuzi. Abatama banyu bazorota indoto. N’abasore banyu bazobona ivyo beretswe. 29  Kandi nzosuka impwemu yanje mbere no ku basuku n’abasukukazi muri iyo misi+. 30  “Kandi nzotanga ibitangaza mu majuru+ no kw’isi, amaraso n’umuriro n’inkingi z’umwotsi+. 31  Izuba rizohinduka umwiza+, ukwezi guhinduke amaraso+, imbere y’uko haza wa musi uhambaye kandi uteye ubwoba wa Yehova+. 32  Kandi uku ni ko bitegerezwa kuba: umuntu wese yambaza izina rya Yehova azokira+; kuko ku musozi Siyoni be n’i Yeruzalemu hazoboneka abacitse kw’icumu+, nk’uko Yehova yavuze, no mu barokotse, abo Yehova ahamagara+.”

Amakuru yiyongereye

Raba Inyongera ya 21.