Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Yosuwa 9:1-27

9  Abami bose+ bari hakuno ya Yorodani mu karere k’imisozi no muri Shefela* no ku nkengera yose ya ca Kiyaga Kinini+ n’imbere ya Libani+, Abaheti+ n’Abamori, Abanyakanani+, Abaperizi+, Abahiwi n’Abayebusi+, bakimara kuvyumva,  batangura gukoranira hamwe bose kugira barwanye Yosuwa na Isirayeli bahuje inama+.  Ababa i Gibeyoni+ bumva ivyo Yosuwa yari yagiriye Yeriko+ na Ayi+.  Nuko, bibiviriyeko, bakorana ubwenge+ maze baragenda bironsa impamba bongera batora imipfuko y’imishire ku bw’indogobwa zabo, n’imikuza y’inshato y’umuvinyu y’imishire, yaturitse ikongera igasanasanwa+,  bambara ku birenge inkweto z’imishire kandi zifise ibiremo, bambara n’impuzu z’imishire, kandi umukate wose batekeye bwa mpamba wari wumye kandi uvungaguritse.  Nuko baja aho Yosuwa ari kw’ikambi i Gilugali+, babwira Yosuwa n’abagabo ba Isirayeli bati: “Tuvuye mu gihugu ca kure. Ubu rero nimugirane isezerano+ natwe.”  Nya bagabo ba Isirayeli baca babwira abo Bahiwi+ bati: “Kumbure muba mu micungararo yacu. Twoshobora gute none kugirana isezerano namwe+?”  Na bo babwira Yosuwa bati: “Turi abasuku bawe+.” Maze Yosuwa ababwira ati: “Muri bande, kandi muva he?”  Baca bamubwira bati: “Abasuku bawe bavuye mu gihugu ca kure cane+ ku bijanye n’izina+ rya Yehova Imana yawe, kuko twumvise ingene ari rurangiranwa be n’ivyo yakoze mu Misiri vyose+, 10  be n’ibintu vyose yakoreye ba bami babiri b’Abamori baba hakurya ya Yorodani, ari bo Sihoni+ umwami wa Heshiboni na Ogi+ umwami wa Bashani yari i Ashitaroti+. 11  Ni co gituma abagabo b’inararibonye bacu n’ababa mu gihugu cacu bose batubwiye+ bati: ‘Nimutore impamba y’urugendo, muje kubonana na bo, mubabwire muti: “Turi abasuku banyu+. Ubu rero nimugirane isezerano natwe+.”’ 12  Uyu mukate wacu wari ushushe igihe twawutora ngo utubere impamba mu mazu yacu ku musi twasohoka kugira tuze ng’aha aho muri, none ehe warumye kandi waravungaguritse+. 13  Kandi ng’iyi imikuza y’inshato y’umuvinyu twujuje ikiri mishasha, none ehe yaraturitse+; izi mpuzu n’izi nkweto zacu na vyo bisigaye ari imishire kubera urugendo rwabaye rurerure cane.” 14  Nya bagabo baca bakira ku mpamba zabo, ntibasiguza Yehova+. 15  Nuko Yosuwa agiriranira amahoro na bo+, agirana isezerano na bo kugira abareke babeho, abakuru+ b’ikoraniro baca barabarahira+. 16  Nuko hashize imisi itatu bamaze kugirana isezerano na bo, bumva yuko bari hafi yabo be n’uko baba mu micungararo yabo. 17  Maze bene Isirayeli bafata inzira, bashika ku bisagara vyabo ku musi ugira gatatu; nya bisagara vyabo vyari Gibeyoni+ na Kefira+ na Beyeroti+ na Kiriyati-yeyarimu+. 18  Bene Isirayeli ntibabica, kuko abakuru b’ikoraniro bari babarahiye+ Yehova Imana ya Isirayeli+. Nuko ikoraniro ryose ritangura kwidodombera abo bakuru+. 19  Abakuru bose baca babwira ikoraniro ryose bati: “Ubwacu twarabarahiye Yehova Imana ya Isirayeli, ubu rero tukaba tutarekuriwe kubagirira nabi+. 20  Ukwo ni ko tuzobagirira naho tubaretse ngo babeho, kugira ntiturakarirwe ku bw’indahiro twabarahiye+.” 21  Nya bakuru rero bababwira bati: “Nibabeho kandi bacike abashenyi b’inkwi n’abavomyi b’amazi b’ikoraniro ryose+, nk’uko nyene abakuru babasezeraniye+.” 22  Yosuwa arabahamagara rero, ababwira ati: “Kubera iki mwaduhenze mukavuga ngo: ‘Tuba kure cane yanyu+,’ kandi muba hagati nyene muri twebwe+? 23  Ubu rero muri abantu bavumwe+, kandi muzokwama muri abashumba+ n’abashenyi b’inkwi be n’abavomyi b’amazi b’inzu y’Imana yanje+.” 24  Maze bishura Yosuwa bati: “Ni kubera ko abasuku bawe biganiwe neza yuko Yehova Imana yawe yari yategetse Musa umusavyi wiwe kubaha igihugu cose no kuzimanganya imbere yanyu ababa mu gihugu bose+; twaciye rero dutinyira cane ubuzima bwacu kubera mwebwe+. Ni co catumye tugira ivyo+. 25  Ubu rero ehe turi mu kuboko kwawe. Nugire uko ubona ko ari vyiza kandi bibereye mu maso yawe kutugirira+.” 26  Nuko abagirira gutyo maze abarokora mu kuboko kwa bene Isirayeli, ntibabica+. 27  Uwo musi rero Yosuwa abagira+ abashenyi b’inkwi n’abavomyi b’amazi b’ikoraniro+ n’igicaniro ca Yehova gushika n’uyu musi, ahantu yohisemwo+.

Amakuru yiyongereye

Canke, “mu ntara yo hasi.”