Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Yosuwa 8:1-35

8  Maze Yehova abwira Yosuwa ati: “Ntutinye canke ngo utekerwe n’ubwoba+. Tora abarwanyi bose hanyuma uhaguruke, uduge i Ayi. Raba, ntanze mu kuboko kwawe umwami wa Ayi n’abantu biwe n’igisagara ciwe n’igihugu ciwe+.  Uze ugirire Ayi n’umwami waho nk’uko wagiriye Yeriko n’umwami waho+. Gusa mushobora kwisahurira isahu ryaho n’ibikoko vy’ibitungano vyaho+. Wishirireho ababundira igisagara, inyuma yaco+.”  Nuko rero Yosuwa n’abarwanyi bose+ barahaguruka kugira baduge i Ayi; Yosuwa atora abagabo ibihumbi mirongo itatu, abagabo b’abanyenkomezi kandi b’intwari+, abarungika mw’ijoro.  Abategeka ati: “Raba, mugira mubundire+ igisagara inyuma yaco. Ntimuje kure cane y’ico gisagara, kandi mwese mugume mwiteguye.  Nayo jewe n’abantu bose bari kumwe nanje, tuzokwegera nya gisagara. Maze nibasohoka guhura natwe nk’ubwa mbere+, tuzoca duhunga imbere yabo.  Na bo bazosohoka badukurikire gushika tubajanye kure y’igisagara, kuko bazovuga bati: ‘Barahunze imbere yacu nk’ubwa mbere+.’ Kandi tuzohunga koko imbere yabo.  Namwe muzoca muhaguruka muve aho mubunze, maze mwigarurire igisagara; Yehova Imana yanyu azogitanga ata gukeka mu maboko yanyu+.  Nimwamara gufata ico gisagara, muze mugiturire+. Muze mukore nk’uko ijambo rya Yehova riri. Raba, ivyo ni vyo ndabategetse+.”  Inyuma y’ivyo Yosuwa arabarungika baja aho babunda, baguma hagati ya Beteli na Ayi mu burengero bwa Ayi, Yosuwa na we iryo joro arara hagati mu bantu. 10  Maze Yosuwa avyuka kare mu gitondo+, asuzuma abantu hanyuma we n’abagabo b’inararibonye ba Isirayeli baduga i Ayi bari imbere y’abantu. 11  Abarwanyi bose+ bari kumwe na we baraduga kugira begere maze bashike imbere y’igisagara, baraheza bakambika mu buraruko bwa Ayi, hagati yabo na Ayi hakaba hari umubande. 12  Muri ico gihe afata abagabo nk’ibihumbi bitanu, abashiraho ngo babunde+ hagati ya Beteli+ na Ayi, mu burengero bw’igisagara. 13  Gutyo abantu bashinga ikambi nyamukuru mu buraruko bw’igisagara+ be n’abagize igice c’inyuma gihereza cayo mu burengero bw’igisagara+; muri iryo joro Yosuwa aja hagati y’ikiyaya co hasi. 14  Umwami wa Ayi akimara kubibona, abagabo bo mu gisagara baca bihutira kuvyuka kare, maze we n’abantu biwe bose basohoka guhura na Isirayeli ngo barwane, ku gihe cashinzwe, imbere y’ikiyaya c’ubugaragwa. Ariko ntiyari azi ko hari abamubundiye inyuma y’igisagara+. 15  Yosuwa na Isirayeli yose bigira nk’abaneshejwe imbere yabo+, baca barahunga bajanye inzira yo mu gahinga+. 16  Nuko abantu bose bari mu gisagara barahamagarwa ngo babome inyuma; boma inyuma Yosuwa maze bajanwa kure y’igisagara+. 17  Nta mugabo yasigaye i Ayi n’i Beteli atasohotse gukurikira Isirayeli, gutyo basiga igisagara kirangaye, boma inyuma Isirayeli. 18  Maze Yehova abwira Yosuwa ati: “Ramvura ikobero riri mu kuboko kwawe uryerekeze i Ayi+, kuko ngira ndahatange mu kuboko kwawe+.” Yosuwa aramvura rero nya kobero ryari mu kuboko kwiwe aryerekeza kuri nya gisagara. 19  Bamwe bari babunze baca bahaguruka ningoga aho bari, batangura kwiruka akiramvura ukuboko, binjira mu gisagara baragifata+. Maze bihutira guturira nya gisagara+. 20  Abagabo b’i Ayi barahindukira bararaba, babona umwotsi w’ico gisagara uriko uduga mw’ijuru, ntibaronka intege zo guhungira aha canke hariya. Ba bantu bariko bahungira mu gahinga baca barahindukira barwanya abariko babakurikira. 21  Yosuwa na Isirayeli yose babona ko abari babunze+ bari bafashe igisagara be n’uko umwotsi wa nya gisagara wariko uraduga; barahindukira, batangura kwica abagabo b’i Ayi. 22  Bamwe bandi na bo bava mu gisagara ngo baje guhura na bo, ku buryo abagabo b’i Ayi basigara bari hagati ya Isirayeli, bamwe hino abandi hirya, maze barabica gushika n’aho muri bo hatagira uwurokoka canke uwucika kw’icumu+. 23  Umwami+ wa Ayi na we bamufata ari muzima baraheza bamuzanira Yosuwa. 24  Isirayeli ikiriko irarangiza kwicira ababa i Ayi bose mu gahinga bari babakurikiyemwo, bose baguma bagwishwa n’ubugi bw’inkota gushika baherengeteye. Inyuma y’ivyo Isirayeli yose isubira i Ayi ihakubitisha ubugi bw’inkota. 25  Abaguye kuri uwo musi bose, kuva ku mugabo gushika ku mugore, bashika ku bihumbi cumi na bibiri, abantu bose b’i Ayi. 26  Yosuwa ntiyagarukana ukuboko kwiwe yaramvurishije ikobero+, gushika atikije ababa i Ayi bose+. 27  Ibikoko vy’ibitungano n’isahu vy’ico gisagara ni vyo gusa Isirayeli yisahuriye, nk’uko ijambo Yehova yari yategetse Yosuwa ryari+. 28  Maze Yosuwa aturira Ayi, ayihindura ikidunduri camaho igihe kitagira urugero+, iba umusaka gushika n’uyu musi. 29  Amanika umwami wa Ayi+ ku giti gushika ku mugoroba+; maze kubera ko izuba ryagira rirenge, Yosuwa atanga itegeko, baraheza bamanura umuvyimba wiwe+ bawukura kuri nya giti, bawuterera ku bwinjiriro bw’irembo ry’igisagara hanyuma bamurundako ikirundo kinini c’amabuye, kikaba kikiriho gushika n’uyu musi. 30  Ico gihe ni ho Yosuwa yatangura kwubakira igicaniro*+ Yehova Imana ya Isirayeli, ku musozi Ebali+, 31  nk’uko nyene Musa umusavyi wa Yehova yari yarategetse bene Isirayeli, nk’uko vyanditswe mu gitabu c’itegeko+ rya Musa ngo: “Igicaniro c’amabuye ari uko yakabaye, atigeze akozwako igikoresho c’icuma+”; baraheza bagishikanirako Yehova amashikanwa aturirwa bongera bashikana ibimazi vy’ugusangira+. 32  Maze yandika ng’aho kuri ayo mabuye ibiri+ mw’itegeko rya Musa, iryo uno yari yaranditse imbere ya bene Isirayeli+. 33  Isirayeli yose n’abagabo b’inararibonye bayo+ n’abarongozi n’abacamanza bayo, bari bahagaze hirya no hino y’Isandugu imbere y’abaherezi+, Abalewi, ari bo barerura isandugu y’isezerano rya Yehova+, kavamahanga n’imvukira+, igice kimwe cabo kiri imbere y’umusozi Gerizimu+, ikindi gice cabo na co kiri imbere y’umusozi Ebali+ (nk’uko nyene Musa umusavyi wa Yehova yari yarategetse+), kugira babanze guhezagira+ abantu ba Isirayeli. 34  Inyuma y’ivyo asoma n’ijwi ryumvikana amajambo yose y’itegeko+, imihezagiro+ n’imivumo+, yisunze ivyanditswe mu gitabu c’itegeko vyose. 35  Nta jambo na rimwe mu yo Musa yari yarategetse yose Yosuwa atasomeye n’ijwi ryumvikana imbere y’ishengero rya Isirayeli ryose+, kumwe n’abagore+ n’abana batoyi+ na ba kavamahanga+ bagendera hagati muri bo.

Amakuru yiyongereye

Raba Inyongera ya 21.