Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Yosuwa 7:1-26

7  Nuko bene Isirayeli barahemuka ku bijanye n’ikintu co gutikizwa, kuko Akani+ mwene Karumi, Karumi wa Zabidi, Zabidi wa Zera, wo mu muryango wa Yuda, yatoye ku kintu co gutikizwa+. Ishavu rya Yehova rica rirurumbira bene Isirayeli+.  Maze Yosuwa arungika abagabo bavuye i Yeriko ngo baje i Ayi+ hafi ya Beti-aveni+, mu buseruko bwa Beteli+, ababwira ati: “Duge mutate ico gihugu.” Nuko nya bagabo baduga gutata Ayi+.  Mu nyuma bagaruka kuri Yosuwa, bamubwira bati: “Ntihaduge abantu bose. Abagabo nk’ibihumbi bibiri canke bitatu babe ari bo baduga gutera Ayi. Ntiwirirwe uraruhisha abantu bose ubarungikayo, kuko abaho ari bake.”  Hadugayo rero abagabo nk’ibihumbi bitatu bo mu bantu, mugabo barahunga imbere y’abagabo b’i Ayi+.  Nya bagabo b’i Ayi bica muri bo abagabo nka mirongo itatu na batandatu, babomako+ kuva imbere y’irembo gushika i Shebarimu, bagenda barabica ku mumanuko. Ku bw’ivyo umutima w’abantu utangura gushonga, ucika nk’amazi+.  Yosuwa aca atantamura imitamana yiwe, agwa yubamye+ ashika hasi imbere y’isandugu ya Yehova gushika ku mugoroba, we hamwe n’abagabo b’inararibonye ba Isirayeli; baguma basūrira umukungugu ku mitwe yabo+.  Hanyuma Yosuwa avuga ati: “Yoo, ewe Mukama Segaba Yehova, kubera iki wajabukanye koko aba bantu Yorodani kugira gusa udutange mu kuboko kw’Abamori ngo baturandure? Iyo dupfuma twemera kuguma tuba hakurya ya Yorodani+!  Ntunga Yehova we, mbega mvuge iki ko Isirayeli yahindukiye igahunga imbere y’abansi bayo?  Abanyakanani n’ababa mu gihugu bose bazovyumva, badukikuze ata gukeka, maze barandure izina ryacu kw’isi+; none uzokora iki ku bw’izina ryawe rihambaye+?” 10  Yehova abwira Yosuwa ati: “Wewe haguruka! Kubera iki uguye wubamye? 11  Isirayeli yacumuye, bahonyanze isezerano ryanje+ nabategetse kugumya; kandi batoye ku kintu co gutikizwa+, kandi bivye+, kandi babinumye+, kandi babishize mu bintu vyabo bwite+. 12  Bene Isirayeli ntibazoshobora kurwanya abansi babo+. Bazohindukira bahunge imbere y’abansi babo, kuko bacitse ikintu co gutikizwa. Sinzosubira kubana namwe mutazimanganije ikintu co gutikizwa kikava hagati yanyu+. 13  Haguruka, weze abantu+, ubabwire uti: ‘Muze mwiyeze ejo, kuko ibi ari vyo Yehova Imana ya Isirayeli yavuze ati: “Hari ikintu co gutikizwa kiri hagati muri wewe, ewe Isirayeli+. Ntuzoshobora kurwanya abansi bawe mutarakura hagati muri mwebwe nya kintu co gutikizwa. 14  Muze murenguke mu gitondo, umuryango umwumwe, maze umuryango Yehova azotora+ uzokwegera, inzu imwimwe, maze inzu Yehova azotora izokwegera, urugo rumwerumwe, maze urugo Yehova azotora ruzokwegera, umugabo umwumwe. 15  Kandi uwuzofatanwa nya kintu co gutikizwa azoturizwa umuriro+, we n’ivyiwe vyose, kuko yahonyanze isezerano+ rya Yehova akaba kandi yakoze ubusazi bw’agaterasoni muri Isirayeli+.”’” 16  Nuko Yosuwa ahaguruka kare mu gitondo, yegereza hafi Isirayeli, umuryango umwumwe, maze umuryango wa Yuda uba ari wo utorwa. 17  Ubukurikira yegereza hafi inzu za Yuda maze atora inzu y’Abazera+, hanyuma yegereza hafi inzu y’Abazera, umuntu w’umugabo umwumwe, Zabidi aba ari we atorwa. 18  Amaherezo yegeza hafi urugo rwiwe, umuntu w’umugabo umwumwe, maze Akani mwene Karumi, Karumi wa Zabidi, Zabidi wa Zera, wo mu muryango wa Yuda, aba ari we atorwa+. 19  Maze Yosuwa abwira Akani ati: “Mwananje, ndakwinginze uninahaze Yehova Imana ya Isirayeli+, umwaturire ico wakoze+; ndakwinginze umbwire+: Wakoze iki? Ntumpishe+.” 20  Akani aca yishura Yosuwa ati: “Mu vy’ukuri ni jewe nacumuye kuri Yehova Imana ya Isirayeli+; nakoze uku n’uku. 21  Igihe nabona+ mw’isahu impuzu y’ibango iryoheye ijisho y’i Shinari+, na shekeli amajana abiri z’ifeza n’ingegene imwe y’inzahabu ipima shekeli mirongo itanu, naciye ndavyipfuza+, maze ndabitwara+; kandi ehe binyegejwe mu kuzimu hagati mw’ihema ryanje, amahera akaba ari munsi ya nya mpuzu+.” 22  Yosuwa aca atuma intumwa, ziriruka zija kuri nya hema, zisanga yari inyegejwe mw’ihema ryiwe, amahera ari munsi ya nya mpuzu. 23  Babikura rero hagati mw’ihema maze babizanira Yosuwa na bene Isirayeli bose, babisuka imbere ya Yehova. 24  Yosuwa hamwe na Isirayeli yose bafata rero Akani+ mwene Zera, na nya feza, na nya mpuzu y’ibango, na nya ngegene y’inzahabu+, n’abahungu biwe n’abakobwa biwe, n’amashuri yiwe n’indogobwa ziwe n’umukuku wiwe, n’ihema ryiwe n’ibintu vyiwe vyose, babidugana mu kiyaya co hasi ca Akori+. 25  Maze Yosuwa avuga ati: “Kubera iki wadukwegeye ugukumirwa+? Yehova arakuzanako ugukumirwa uyu musi.” Nuko Isirayeli yose imutera amabuye+, hanyuma babaturiza umuriro+. Ukwo ni ko babateye amabuye. 26  Hanyuma bamurundako ikirundo kinini c’amabuye, kikaba kikiriho gushika n’uyu musi+. Yehova aca areka ishavu ryiwe rirurumba+. Ni co catumye aho hantu hitwa Ikiyaya co Hasi ca Akori*+, gushika n’uyu musi.

Amakuru yiyongereye

Bisobanura “Ikumirwa; Ingorane.”