Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Yosuwa 6:1-27

6  Kandi i Yeriko hari hugaye hadadiye kubera bene Isirayeli, ata wusohoka kandi ata n’uwinjira+.  Yehova abandanya kubwira Yosuwa ati: “Raba, ntanze mu kuboko kwawe Yeriko n’umwami waho, n’abagabo b’intwari kandi b’abanyenkomezi+.  Namwe mwese abarwanyi muze muzunguruke igisagara, mukizunguruke incuro imwe. Ukwo ni ko uzobigira imisi itandatu.  Abaherezi indwi baze batware inzamba indwi z’amahembe y’impfizi z’intama, baje imbere y’Isandugu; ku musi ugira indwi muze muzunguruke igisagara incuro indwi, kandi nya baherezi baze bavuze nya nzamba+.  Nibavuza ihembe ry’impfizi y’intama maze mukumva iryo jwi ry’inzamba, abantu bose baze bavuze akaruru k’intambara gakomeye+; uruhome rw’ico gisagara ruzohomvokera hasi+; abantu bazoce baduga, umwe wese atumbereye imbere yiwe.”  Nuko rero Yosuwa mwene Nuni ahamagara abaherezi+ ababwira ati: “Nimutore isandugu y’isezerano+, kandi abaherezi indwi batware inzamba indwi z’amahembe y’impfizi z’intama baje imbere y’isandugu+ ya Yehova.”  Maze yongera kubwira abantu ati: “Gende muzunguruke ico gisagara, kandi inteko zifise ibikenewe ku bw’intambara+ zigende imbere y’isandugu ya Yehova.”  Nuko biba nk’uko nyene Yosuwa yabwiye abantu; abaherezi indwi batwaye inzamba indwi z’amahembe y’impfizi z’intama imbere ya Yehova baragenda hanyuma bavuza izo nzamba, kandi isandugu y’isezerano rya Yehova yariko ibakurikira.  Za nteko zifise ibikenewe ku bw’intambara zariko zigendera imbere y’abaherezi bariko bavuza inzamba, mu gihe abacunzi b’inyuma+ bariko bakurikira Isandugu inzamba zibandanya kuvuzwa. 10  Kandi Yosuwa yari yategetse abantu+ ati: “Ntimusemerere canke ngo mwumvikanishe amajwi yanyu, kandi ntihagire ijambo riva mu kanwa kanyu gushika umusi nzobabwira nti: ‘Semerere!’ Muzoheza rero musemerere+.” 11  Nuko atuma isandugu ya Yehova izunguruka igisagara, ikizunguruka incuro imwe, hanyuma baja mw’ikambi bararayo. 12  Maze Yosuwa avyuka kare mu gitondo+, abaherezi na bo barerura isandugu+ ya Yehova; 13  abaherezi indwi batwaye inzamba indwi z’amahembe y’impfizi z’intama imbere y’isandugu ya Yehova bǎgenda baravuza inzamba badahagarika; inteko zifise ibikenewe ku bw’intambara na zo zagendera imbere yabo, mu gihe abacunzi b’inyuma bari bakurikiye isandugu ya Yehova inzamba zibandanya kuvuzwa+. 14  Ku musi ugira kabiri bazunguruka igisagara incuro imwe, hanyuma bagaruka mw’ikambi. Ukwo ni ko bagize imisi itandatu+. 15  Nuko ku musi ugira indwi bavyuka kare, umutwenzi ugitambika, maze bazunguruka igisagara muri ubwo buryo incuro indwi. Kuri uwo musi gusa ni ho bazungurutse igisagara incuro indwi+. 16  Ku ncuro igira indwi, nya baherezi bavuza inzamba, maze Yosuwa abwira abantu ati: “Semerere+; kuko Yehova abahaye iki gisagara+. 17  Kandi iki gisagara gitegerezwa kuba ikintu co gutikizwa+; co hamwe n’ibiri muri co vyose ni ivya Yehova. Rahabu+ wa mumaraya ni we gusa aza kuguma ari muzima, we n’abari kumwe na we mu nzu bose, kuko yanyegeje za ntumwa twarungika+. 18  Nayo mwebwe, mwirinde gusa ikintu co gutikizwa+, kugira ngo ntimugire icipfuzo+ ngo mutore koko ku kintu co gutikizwa+ maze mugatuma koko ikambi ya Isirayeli iba ikintu co gutikizwa, mukayikwegera gukumirwa+. 19  Mugabo ifeza zose n’inzahabu zose n’ibintu vy’umujumpu n’ivy’icuma, ni ikintu ceranda cegukira Yehova+. Kize kije mw’itunga rya Yehova+.” 20  Batanguye kuvuza inzamba, abantu baca barasemerera+. Nuko abantu bakimara kwumva ijwi ry’inzamba hanyuma bagatangura kuvuza akaruru k’intambara gakomeye, uruhome ruca rutangura guhomvokera hasi+. Inyuma y’ivyo, abantu baduga mu gisagara, umwe wese atumbereye imbere yiwe, maze bafata nya gisagara. 21  Hanyuma batikiza ivyari mu gisagara vyose n’ubugi bw’inkota, kuva ku mugabo gushika ku mugore, kuva ku musore gushika ku mutama no gushika kw’ishūri n’intama n’indogobwa+. 22  Yosuwa abwira ba bagabo babiri bari baratase ico gihugu ati: “Nimwinjire mu nzu ya wa mugore, umwe maraya, mumusohorane n’abiwe bose, nk’uko nyene mwabimurahiye+.” 23  Abo basore bari baratase ico gihugu barinjira rero, basohora Rahabu na se na nyina na basazawe n’abiwe bose, egome, basohora abo mu muryango wiwe bose+; maze babashira inyuma y’ikambi ya Isirayeli. 24  Nuko baturiza umuriro ico gisagara n’ikintu cose cari muri co+. Ifeza n’inzahabu n’ibintu vy’umujumpu n’ivy’icuma ni vyo gusa batanze ngo bishirwe mw’itunga ry’inzu ya Yehova+. 25  Mugabo Rahabu wa mumaraya n’urugo rwa se n’abiwe bose, Yosuwa abazigamira ubuzima+; Rahabu aba hagati muri Isirayeli gushika n’uyu musi+, kuko yanyegeje za ntumwa Yosuwa yarungika gutata Yeriko+. 26  Maze Yosuwa arahiza indahiro ico gihe nyene ati: “Arakavumwa imbere ya Yehova umugabo azohaguruka akubaka koko iki gisagara, egome, iki gisagara Yeriko. Niyashinga umushinge waco aze abure imfura yiwe, kandi niyahagarika imiryango yaco aze abure umuhererezi wiwe+.” 27  Gutyo, Yehova abana na Yosuwa+, ukuba rurangiranwa kwiwe gukwiragira mw’isi yose+.

Amakuru yiyongereye