Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Yosuwa 5:1-15

5  Abami bose b’Abamori+ bari ku ruhande rwa Yorodani rwo mu burengero, n’abami bose b’Abanyakanani+ bari iruhande y’ikiyaga, bakimara kwumva yuko Yehova yari yakamije amazi ya Yorodani imbere ya bene Isirayeli gushika bamaze kujabuka, imitima yabo ica itangura gushonga+, ntibasubira kugira umutima rugabo kubera bene Isirayeli+.  Ico gihe nyene, Yehova abwira Yosuwa ati: “Niwihingurire imbugita z’ibuye ry’isare, usubire kugenyera+ bene Isirayeli ubugira kabiri.”  Nuko rero Yosuwa yihingurira imbugita z’ibuye ry’isare, agenyerera bene Isirayeli i Gebeyati-hayaraloti+.  Iki ni co catumye Yosuwa agira iryo genyera: abantu bose bavuye mu Misiri, ab’igitsina-gabo, abarwanyi bose, bari barapfiriye+ mu gahinga ku nzira igihe bari bavuye mu Misiri.  Kuko abantu bose bavuyeyo bari baragenyerewe, mugabo abantu bose bavukiye mu gahinga, ku nzira, igihe bari bavuye mu Misiri ntibari baragenyerewe.  Kuko bene Isirayeli bari bamaze imyaka mirongo ine+ bagendagenda mu gahinga, gushika ihanga ryose ry’abarwanyi bavuye mu Misiri batumvirije ijwi rya Yehova rirangiye, abo Yehova yarahiye yuko atokwigeze areka ngo babone igihugu+ Yehova yari yararahiye ba sekuruza babo ko azokiduha+, igihugu gitemba amata n’ubuki+.  Mugabo yahagurukije abahungu babo mu kibanza cabo+. Bano ni bo Yosuwa yagenyereye, kubera ko batari bagenyereye, kuko batari barabagenyereye ku nzira.  Nuko ihanga ryose rihejeje kugenyerwa, baguma bicaye mu kibanza cabo mw’ikambi gushika bagaruye agatege+.  Maze Yehova abwira Yosuwa ati: “Uno musi nakuye iceyi ca Misiri kuri mwebwe+.” Aho hantu rero bahita Gilugali+ gushika n’uyu musi. 10  Nuko bene Isirayeli babandanya gukambika i Gilugali; bahimbaza pasika* ku musi ugira cumi na kane w’ukwo kwezi+, ku mugoroba, mu biyaya vy’ubugaragwa vy’i Yeriko. 11  Ku musi w’inyuma ya pasika, batangura kurya ku mwimbu w’ico gihugu, udutsima tutarimwo umwambiro+ n’intete zicishijwe ku muriro, kuri uwo musi nyene. 12  Nuko manu* ireka kuboneka ku musi ukurikira, igihe bari bariye ku mwimbu w’ico gihugu; manu ntiyasubira kuboneka ku bwa bene Isirayeli+, maze batangura kurya ku mwimbu w’igihugu ca Kanani muri uwo mwaka+. 13  Yosuwa ari hafi ya Yeriko, araramura amaso araraba, maze abona ng’aho hari umugabo+ yari ahagaze imbere yiwe, yasokoye inkota yiwe ayifise mu kuboko+. Yosuwa rero aja iyo ari, amubwira ati: “Uri ku ruhande rwacu canke ku rw’abaturwanya?” 14  Na we avuga ati: “Oya, ahubwo jewe ubu naje bwa mukuru w’ingabo za Yehova+.” Yosuwa aca yubarara hasi+, akubita inkoro hasi maze amubwira ati: “Umukama wanje agira abwire iki umusavyi wiwe?” 15  Nya mukuru w’ingabo za Yehova na we abwira Yosuwa ati: “Kura inkweto* zawe ku birenge vyawe, kuko ahantu uhagaze ari heranda.” Yosuwa aca agira kuno+.

Amakuru yiyongereye

Raba Inyongera ya 21.
Raba Inyongera ya 21.
Canke, “amasandali.”