Yosuwa 4:1-24
4 Ihanga ryose rikirangiza kujabuka Yorodani+, Yehova abwira Yosuwa ati:
2 “Nimwitorere abagabo cumi na babiri mu bantu, umugabo umwe ku muryango umwumwe wose+,
3 ubategeke uti: ‘Nimwitorere amabuye cumi n’abiri+ hagati nyene muri Yorodani, mu kibanza ibirenge vy’abaherezi vyahagazemwo bidakakaza+, muyajane maze muyatereke mu kibanza c’uburaro+ muza kuraramwo iri joro.’”
4 Yosuwa ahamagara rero abagabo cumi na babiri+ yari yahisemwo muri bene Isirayeli, umugabo umwe ku muryango umwumwe wose;
5 hanyuma Yosuwa ababwira ati: “Nimuje imbere y’isandugu ya Yehova Imana yanyu hagati muri Yorodani, maze umwe wese muri mwebwe atore ibuye arishire ku rutugu, nk’uko igitigiri c’imiryango ya bene Isirayeli kiri,
6 kugira ngo ivyo bibe ikimenyetso hagati muri mwebwe+. Abana banyu nibababaza mu gihe kizoza bati: ‘Kubera iki mufise aya mabuye+?’,
7 muze rero mubabwire muti: ‘Ni kubera yuko amazi ya Yorodani yagabuwemwo kubiri imbere y’isandugu y’isezerano rya Yehova+. Igihe isandugu yaca muri Yorodani, amazi ya Yorodani yaragabuwemwo kubiri, kandi aya mabuye abwirizwa kubera icibutso bene Isirayeli gushika igihe kitagira urugero*+.’”
8 Bene Isirayeli rero bakora kuno, nk’uko nyene Yosuwa yari yategetse: batora amabuye cumi n’abiri hagati muri Yorodani, nk’uko nyene Yehova yari yabwiye Yosuwa, kugira ngo ahure n’igitigiri c’imiryango ya bene Isirayeli+; hanyuma bayatwara mu kibanza c’uburaro+, bayaterekaho.
9 Hari n’amabuye cumi n’abiri Yosuwa yashinze hagati muri Yorodani mu kibanza ibirenge vy’abaherezi bareruye isandugu y’isezerano vyahagazemwo+, kandi ni ho akiri gushika n’uyu musi.
10 Nya baherezi bareruye Isandugu bari bahagaze hagati+ muri Yorodani gushika ivyo Yehova yari yategetse Yosuwa kubwira abantu vyose birangiye, nk’uko ivyo Musa yari yategetse Yosuwa vyose vyari+. Ico gihe abantu bihutira+ kujabuka.
11 Abantu bose barangije kujabuka, isandugu+ ya Yehova na yo ica irajabuka, be n’abaherezi, bajabuka abantu bitegereza.
12 Bene Rubeni na bene Gadi n’igice c’umuryango wa Manase+ batangura kujabuka nk’abatonze urugamba+ mu maso ya bene Isirayeli, nk’uko nyene Musa yari yarababwiye+.
13 Abagabo nk’ibihumbi mirongo ine bafise ibikenewe ku bw’ingabo barajabuka imbere ya Yehova ku bw’intambara, baja mu biyaya vy’ubugaragwa vy’i Yeriko.
14 Kuri uwo musi Yehova agira Yosuwa uwukomeye mu maso ya Isirayeli yose+, maze baramutinya, nk’uko nyene bari baratinye Musa, imisi yose y’ubuzima bwiwe+.
15 Yehova abwira Yosuwa ati:
16 “Tegeka abaherezi bareruye isandugu y’igishingantahe+ baduge bave muri Yorodani.”
17 Yosuwa rero ategeka nya baherezi ati: “Nimuduge muve muri Yorodani.”
18 Nya baherezi bari bareruye isandugu+ y’isezerano rya Yehova baduze bakava hagati muri Yorodani kandi bagakurayo ibirenge+ vyabo bagahonyora ku butaka bwumutse, amazi ya Yorodani aca atangura gusubira mu kibanza cayo, ararenga+ inkombe zarwo zose nka mbere.
19 Nuko abantu baduga bavuye muri Yorodani ku musi ugira cumi w’ukwezi kwa mbere, bakambika i Gilugali+ ku mupaka wa Yeriko wo mu buseruko.
20 Nayo ya mabuye cumi n’abiri bari bakuye muri Yorodani, Yosuwa ayashinga i Gilugali+.
21 Hanyuma abwira bene Isirayeli ati: “Abana banyu nibabaza ba se mu gihe kizoza bati: ‘Aya mabuye asobanura iki+?’,
22 muze rero mumenyeshe abana banyu muti: ‘Isirayeli yajabutse uru ruzi Yorodani iciye kw’isi yumutse+,
23 igihe Yehova Imana yanyu yakamya amazi ya Yorodani imbere yabo gushika bamaze kujabuka, nk’uko nyene Yehova Imana yanyu yari yarabigize ku kiyaga Gitukura igihe yagikamya imbere yacu gushika tumaze kujabuka+;
24 kugira ngo ibisata vy’abantu vyose vyo kw’isi bimenye ukuboko kwa Yehova+, kandi bimenye yuko gukomeye+; kugira ngo mutinye koko Yehova Imana yanyu nantaryo+.’”
Amakuru yiyongereye
^ Raba Inyongera ya 21.