Yosuwa 24:1-33

24  Nuko Yosuwa akoraniriza hamwe imiryango yose ya Isirayeli i Shekemu+, maze ahamagara abagabo b’inararibonye ba Isirayeli+ n’abakuru bayo n’abacamanza bayo n’abarongozi bayo, baja guhagarara imbere y’Imana y’ukuri+.  Maze Yosuwa abwira abantu bose ati: “Ibi ni vyo Yehova Imana ya Isirayeli avuze: ‘Hakurya ya rwa Ruzi+ ni ho ba sogokuruza banyu+ baba kera, harimwo na Tera se wa Aburahamu akaba na se wa Nahori+, kandi bakorera izindi mana.  “‘Mu nyuma, narakuye sogokuruza wanyu Aburahamu+ hakurya ya rwa Ruzi+, ndamugendagendesha mu gihugu cose ca Kanani nongera ngwiza uruvyaro rwiwe+. Nuko ndamuha Izahaki+.  Maze Izahaki ndamuha Yakobo na Esawu+. Mu nyuma Esawu ndamuha umusozi Seyiri kugira ngo awigarurire+; hanyuma Yakobo n’abahungu biwe bamanuka mu Misiri+.  Mu nyuma ntuma Musa na Aroni+, maze nkubitisha Misiri ivyo nakoreye hagati muri yo+; hanyuma mwebwe ndabakurayo+.  Igihe nakura ba so mu Misiri+ mugashika ku kiyaga, Abanyamisiri baciye boma+ inyuma ba so n’imikogote y’intambara n’abarwanira ku mafarasi gushika ku kiyaga Gitukura.  Na bo batangura kuririra Yehova+. Nuko ashira umwiza hagati yanyu n’Abanyamisiri+ hanyuma azana ikiyaga kuri bo arabapfuka+, kandi amaso yanyu yarabonye ivyo nakoreye mu Misiri+; hanyuma muba mu gahinga imisi myinshi+.  “‘Amaherezo ndabazana mu gihugu c’Abamori baba hakurya ya Yorodani, maze bano barabarwanya+. Nca ndabatanga mu kuboko kwanyu kugira ngo mwigarurire igihugu cabo nongera ndabazimanganya imbere yanyu+.  Maze Balaki mwene Zipori+, umwami wa Mowabu, arahaguruka, arwanya Isirayeli+. Atumako rero Balamu mwene Beyori kugira ngo ahamagarire akabi kuri mwebwe+. 10  Ariko sinashatse kwumviriza Balamu+. Nuko rero arabahezagira yisubiriza+. Gutyo ndabarokora mu kuboko kwiwe+. 11  “‘Hanyuma mujabuka Yorodani+, mushika i Yeriko+. Maze bene amatongo b’i Yeriko, Abamori n’Abaperizi n’Abanyakanani n’Abaheti n’Abagirugashi, Abahiwi n’Abayebusi batangura kubarwanya; mugabo ndabatanga mu kuboko kwanyu+. 12  Ndungika rero ukujonjogora ngo kubitangire imbere, kuraheza kugenda kurabirukana intambwe ku yindi imbere yanyu+, abami babiri b’Abamori, hadakoreshejwe inkota yawe n’umuheto wawe+. 13  Gutyo ndabaha igihugu mutari mwaracumukuriye n’ibisagara mutari mwarubatse+, muraheza mubibamwo. Imirima y’imizabibu n’imirima y’imyelayo mutateye ni yo muriko murarya+.’ 14  “Ubu rero nimutinye Yehova+ mwongere mumukorere ata mahinyu no mu kuri+, kandi mukureho imana ba sogokuruza banyu bakorera hakurya ya rwa Ruzi no mu Misiri+, maze mukorere Yehova. 15  Mugabo nimba ari bibi mu maso yanyu gukorera Yehova, nimwihitiremwo uyu musi uwo muzokorera+, ari imana ba sogokuruza banyu bari hakurya ya rwa Ruzi bakorera+ canke imana z’Abamori bene igihugu mubayemwo+. Ariko jewe n’urugo rwanje tuzokorera Yehova+.” 16  Nuko abantu bishura bati: “Ni ibitokwiyumvirwa kuri twebwe guheba Yehova ngo dukorere izindi mana. 17  Kuko Yehova Imana yacu ari we yatuduganye twe na ba data adukuye mu gihugu ca Misiri+, mu nzu y’abashumba+, kandi akaba ari we yakoreye ibi bimenyetso bikomeye mu maso yacu+ kandi akaguma aturinda mu nzira yose twaciyemwo no mu bisata vy’abantu vyose twaciye hagati+. 18  Kandi Yehova yirukanye imbere yacu ibisata vy’abantu vyose+ vyaba mu gihugu, egome, Abamori. Ku bitwerekeye, natwe tuzokorera Yehova, kuko ari we Mana yacu+.” 19  Maze Yosuwa abwira abantu ati: “Ntimushobora gukorera Yehova, kuko ari Imana nyeranda+; ni Imana isaba kwiheberwa yonyene gusa+. Ntazoharira ukugarariza kwanyu n’ibicumuro vyanyu+. 20  Nimwaheba Yehova+ mugakorera koko imana z’inyamahanga+, ntazobura guhindukira rero abagirire nabi, abatikize, amaze kubagirira neza+.” 21  Abantu na bo babwira Yosuwa bati: “Oya, ahubwo Yehova ni we tuzokorera+!” 22  Yosuwa aca abwira abantu ati: “Muri ivyabona bibagiriza+ yuko mwihitiyemwo Yehova, kugira mumukorere+.” Na bo bavuga bati: “Turi ivyabona.” 23  “Ubu rero nimukureho imana z’inyamahanga ziri hagati muri mwebwe+, maze mushire imitima yanyu kuri Yehova Imana ya Isirayeli.” 24  Abantu na bo babwira Yosuwa bati: “Yehova Imana yacu ni we tuzokorera, kandi ijwi ryiwe ni ryo tuzokwumviriza+!” 25  Nuko Yosuwa agirana isezerano n’abantu kuri uwo musi, abashingira ingingo nyobozi n’ingingo y’ubutungane*+ i Shekemu. 26  Maze Yosuwa yandika ayo majambo mu gitabu c’itegeko ry’Imana+ hanyuma atora ibuye rinini+ arishinga ng’aho, munsi y’uruti rusagaraye+ ruri iruhande y’aheranda ha Yehova. 27  Yosuwa abandanya kubwira abantu bose ati: “Ehe iri buye ni ryo rizoba icabona co kutwagiriza+, kuko ryiyumviye amajambo yose ya Yehova, ayo yatubwiye; ritegerezwa kuba icabona co kubagiriza, kugira ntimwihakane Imana yanyu.” 28  Yosuwa aca arungika abantu, umwe wese ku ntoranwa yiwe+. 29  Inyuma y’ivyo, Yosuwa mwene Nuni, umusavyi wa Yehova, amaherezo arapfa afise imyaka ijana na cumi+. 30  Nuko bamuhamba mu karere k’intoranwa yiwe i Timunati-sera+ mu karere k’imisozi ka Efurayimu, mu buraruko bw’umusozi Gayashi. 31  Isirayeli ibandanya gukorera Yehova imisi yose ya Yosuwa n’imisi yose y’abagabo b’inararibonye babandanije kubaho inyuma ya Yosuwa+ kandi bari baramenye igikorwa cose ca Yehova, ico yakoreye Isirayeli+. 32  Kandi amagufa ya Yozefu+, ayo bene Isirayeli bari baraduganye bayakuye mu Misiri, bayahamba i Shekemu mu gice c’itongo Yakobo yari yaguze na bene Hamori+, se wa Shekemu, ku bice ijana vy’amahera+; kiraheza cegukira bene Yozefu bwa ntoranwa+. 33  Na Eleyazari mwene Aroni arapfa+. Nuko bamuhamba mu Murambi wa Finehasi umuhungu wiwe+, uwo yari yaramuhaye mu karere k’imisozi ka Efurayimu.

Utujambo tw'epfo

Raba Inyongera ya 21.