Yosuwa 24:1-33
24 Nuko Yosuwa akoraniriza hamwe imiryango yose ya Isirayeli i Shekemu+, maze ahamagara abagabo b’inararibonye ba Isirayeli+ n’abakuru bayo n’abacamanza bayo n’abarongozi bayo, baja guhagarara imbere y’Imana y’ukuri+.
2 Maze Yosuwa abwira abantu bose ati: “Ibi ni vyo Yehova Imana ya Isirayeli avuze: ‘Hakurya ya rwa Ruzi+ ni ho ba sogokuruza banyu+ baba kera, harimwo na Tera se wa Aburahamu akaba na se wa Nahori+, kandi bakorera izindi mana.
3 “‘Mu nyuma, narakuye sogokuruza wanyu Aburahamu+ hakurya ya rwa Ruzi+, ndamugendagendesha mu gihugu cose ca Kanani nongera ngwiza uruvyaro rwiwe+. Nuko ndamuha Izahaki+.
4 Maze Izahaki ndamuha Yakobo na Esawu+. Mu nyuma Esawu ndamuha umusozi Seyiri kugira ngo awigarurire+; hanyuma Yakobo n’abahungu biwe bamanuka mu Misiri+.
5 Mu nyuma ntuma Musa na Aroni+, maze nkubitisha Misiri ivyo nakoreye hagati muri yo+; hanyuma mwebwe ndabakurayo+.
6 Igihe nakura ba so mu Misiri+ mugashika ku kiyaga, Abanyamisiri baciye boma+ inyuma ba so n’imikogote y’intambara n’abarwanira ku mafarasi gushika ku kiyaga Gitukura.
7 Na bo batangura kuririra Yehova+. Nuko ashira umwiza hagati yanyu n’Abanyamisiri+ hanyuma azana ikiyaga kuri bo arabapfuka+, kandi amaso yanyu yarabonye ivyo nakoreye mu Misiri+; hanyuma muba mu gahinga imisi myinshi+.
8 “‘Amaherezo ndabazana mu gihugu c’Abamori baba hakurya ya Yorodani, maze bano barabarwanya+. Nca ndabatanga mu kuboko kwanyu kugira ngo mwigarurire igihugu cabo nongera ndabazimanganya imbere yanyu+.
9 Maze Balaki mwene Zipori+, umwami wa Mowabu, arahaguruka, arwanya Isirayeli+. Atumako rero Balamu mwene Beyori kugira ngo ahamagarire akabi kuri mwebwe+.
10 Ariko sinashatse kwumviriza Balamu+. Nuko rero arabahezagira yisubiriza+. Gutyo ndabarokora mu kuboko kwiwe+.
11 “‘Hanyuma mujabuka Yorodani+, mushika i Yeriko+. Maze bene amatongo b’i Yeriko, Abamori n’Abaperizi n’Abanyakanani n’Abaheti n’Abagirugashi, Abahiwi n’Abayebusi batangura kubarwanya; mugabo ndabatanga mu kuboko kwanyu+.
12 Ndungika rero ukujonjogora ngo kubitangire imbere, kuraheza kugenda kurabirukana intambwe ku yindi imbere yanyu+, abami babiri b’Abamori, hadakoreshejwe inkota yawe n’umuheto wawe+.
13 Gutyo ndabaha igihugu mutari mwaracumukuriye n’ibisagara mutari mwarubatse+, muraheza mubibamwo. Imirima y’imizabibu n’imirima y’imyelayo mutateye ni yo muriko murarya+.’
14 “Ubu rero nimutinye Yehova+ mwongere mumukorere ata mahinyu no mu kuri+, kandi mukureho imana ba sogokuruza banyu bakorera hakurya ya rwa Ruzi no mu Misiri+, maze mukorere Yehova.
15 Mugabo nimba ari bibi mu maso yanyu gukorera Yehova, nimwihitiremwo uyu musi uwo muzokorera+, ari imana ba sogokuruza banyu bari hakurya ya rwa Ruzi bakorera+ canke imana z’Abamori bene igihugu mubayemwo+. Ariko jewe n’urugo rwanje tuzokorera Yehova+.”
16 Nuko abantu bishura bati: “Ni ibitokwiyumvirwa kuri twebwe guheba Yehova ngo dukorere izindi mana.
17 Kuko Yehova Imana yacu ari we yatuduganye twe na ba data adukuye mu gihugu ca Misiri+, mu nzu y’abashumba+, kandi akaba ari we yakoreye ibi bimenyetso bikomeye mu maso yacu+ kandi akaguma aturinda mu nzira yose twaciyemwo no mu bisata vy’abantu vyose twaciye hagati+.
18 Kandi Yehova yirukanye imbere yacu ibisata vy’abantu vyose+ vyaba mu gihugu, egome, Abamori. Ku bitwerekeye, natwe tuzokorera Yehova, kuko ari we Mana yacu+.”
19 Maze Yosuwa abwira abantu ati: “Ntimushobora gukorera Yehova, kuko ari Imana nyeranda+; ni Imana isaba kwiheberwa yonyene gusa+. Ntazoharira ukugarariza kwanyu n’ibicumuro vyanyu+.
20 Nimwaheba Yehova+ mugakorera koko imana z’inyamahanga+, ntazobura guhindukira rero abagirire nabi, abatikize, amaze kubagirira neza+.”
21 Abantu na bo babwira Yosuwa bati: “Oya, ahubwo Yehova ni we tuzokorera+!”
22 Yosuwa aca abwira abantu ati: “Muri ivyabona bibagiriza+ yuko mwihitiyemwo Yehova, kugira mumukorere+.” Na bo bavuga bati: “Turi ivyabona.”
23 “Ubu rero nimukureho imana z’inyamahanga ziri hagati muri mwebwe+, maze mushire imitima yanyu kuri Yehova Imana ya Isirayeli.”
24 Abantu na bo babwira Yosuwa bati: “Yehova Imana yacu ni we tuzokorera, kandi ijwi ryiwe ni ryo tuzokwumviriza+!”
25 Nuko Yosuwa agirana isezerano n’abantu kuri uwo musi, abashingira ingingo nyobozi n’ingingo y’ubutungane*+ i Shekemu.
26 Maze Yosuwa yandika ayo majambo mu gitabu c’itegeko ry’Imana+ hanyuma atora ibuye rinini+ arishinga ng’aho, munsi y’uruti rusagaraye+ ruri iruhande y’aheranda ha Yehova.
27 Yosuwa abandanya kubwira abantu bose ati: “Ehe iri buye ni ryo rizoba icabona co kutwagiriza+, kuko ryiyumviye amajambo yose ya Yehova, ayo yatubwiye; ritegerezwa kuba icabona co kubagiriza, kugira ntimwihakane Imana yanyu.”
28 Yosuwa aca arungika abantu, umwe wese ku ntoranwa yiwe+.
29 Inyuma y’ivyo, Yosuwa mwene Nuni, umusavyi wa Yehova, amaherezo arapfa afise imyaka ijana na cumi+.
30 Nuko bamuhamba mu karere k’intoranwa yiwe i Timunati-sera+ mu karere k’imisozi ka Efurayimu, mu buraruko bw’umusozi Gayashi.
31 Isirayeli ibandanya gukorera Yehova imisi yose ya Yosuwa n’imisi yose y’abagabo b’inararibonye babandanije kubaho inyuma ya Yosuwa+ kandi bari baramenye igikorwa cose ca Yehova, ico yakoreye Isirayeli+.
32 Kandi amagufa ya Yozefu+, ayo bene Isirayeli bari baraduganye bayakuye mu Misiri, bayahamba i Shekemu mu gice c’itongo Yakobo yari yaguze na bene Hamori+, se wa Shekemu, ku bice ijana vy’amahera+; kiraheza cegukira bene Yozefu bwa ntoranwa+.
33 Na Eleyazari mwene Aroni arapfa+. Nuko bamuhamba mu Murambi wa Finehasi umuhungu wiwe+, uwo yari yaramuhaye mu karere k’imisozi ka Efurayimu.
Utujambo tw'epfo
^ Raba Inyongera ya 21.