Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Yosuwa 21:1-45

21  Nuko abakuru ba ba se b’Abalewi begera Eleyazari+ umuherezi na Yosuwa+ mwene Nuni n’abakuru ba ba se b’imiryango ya bene Isirayeli,  bababwirira i Shilo+ mu gihugu ca Kanani bati: “Yehova yategetse biciye kuri Musa ko duhabwa ibisagara vyo kubamwo, kumwe n’amatongo y’uburagiriro yavyo ku bw’ibikoko vyacu vy’ibitungano+.”  Bene Isirayeli, bakurikije itegeko rya Yehova, baha rero Abalewi+ ibi bisagara n’amatongo y’uburagiriro yavyo mu ntoranwa yabo+.  Maze ubupfindo busohoka ku bw’imiryango y’Abakohati+, hanyuma ibisagara cumi na bitatu biraheza vyegukira bene Aroni umuherezi, bo mu Balewi, biciye ku bupfindo, bikuwe mu muryango wa Yuda+ no mu muryango w’Abasimeyoni+ no mu muryango wa Benyamini+.  Bene Kohati+ bari basigaye, baronka biciye ku bupfindo ibisagara cumi mu miryango y’umuryango wa Efurayimu+ no mu muryango wa Dani+ no mu gice c’umuryango wa Manase+.  Bene Gerishoni+ baronka biciye ku bupfindo ibisagara cumi na bitatu mu miryango y’umuryango wa Isakari+ no mu muryango wa Asheri+ no mu muryango wa Nafutali+ no mu gice c’umuryango wa Manase muri Bashani+.  Bene Merari+, hakurikijwe imiryango yabo, baronka ibisagara cumi na bibiri mu muryango wa Rubeni+ no mu muryango wa Gadi+ no mu muryango wa Zebuloni+.  Ukwo ni ko bene Isirayeli bahaye Abalewi bino bisagara n’amatongo y’uburagiriro+ yavyo biciye ku bupfindo+, nk’uko nyene Yehova yari yarategetse biciye kuri Musa+.  Mu muryango wa bene Yuda no mu muryango wa bene Simeyoni batanga rero ibi bisagara bigira bivugwe amazina+, 10  maze vyegukira bene Aroni mu miryango y’Abakohati bo muri bene Lewi, kuko ubupfindo bwa mbere bwabaye ubwabo+. 11  Gutyo babaha Kiriyati-aruba+ (uwo Aruba yari se wa Anaki+), ari yo Heburoni+, mu karere k’imisozi ka Yuda+, be n’itongo ry’uburagiriro ryaho ryari rihakikuje; 12  akarere kegukira ico gisagara be n’imihana irundanye igikukira na vyo babiha Kalebu mwene Yefune ngo avyigabire+. 13  Bene Aroni umuherezi babaha igisagara c’ubuhungiro+ ku bw’uwishe umuntu+, ari co Heburoni+, n’itongo ry’uburagiriro ryaco, na Libuna+ n’itongo ry’uburagiriro ryaho, 14  na Yatiri+ n’itongo ry’uburagiriro ryaho, na Eshitemowa+ n’itongo ry’uburagiriro ryaho, 15  na Holoni+ n’itongo ry’uburagiriro ryaho, na Debiri+ n’itongo ry’uburagiriro ryaho, 16  na Ayini+ n’itongo ry’uburagiriro ryaho, na Yuta+ n’itongo ry’uburagiriro ryaho, na Beti-shemeshi+ n’itongo ry’uburagiriro ryaho; ibisagara icenda bikuwe muri iyo miryango ibiri. 17  Mu muryango wa Benyamini hatangwa Gibeyoni+ n’itongo ry’uburagiriro ryaho, Geba+ n’itongo ry’uburagiriro ryaho, 18  Anatoti+ n’itongo ry’uburagiriro ryaho, na Alumoni+ n’itongo ry’uburagiriro ryaho; ibisagara bine. 19  Ibisagara vyose vya bene Aroni+, abaherezi, vyari ibisagara cumi na bitatu n’amatongo y’uburagiriro yavyo+. 20  Imiryango ya bene Kohati, Abalewi bari basigaye muri bene Kohati, ironka biciye ku bupfindo bwabo, ibisagara mu muryango wa Efurayimu+. 21  Babaha rero igisagara c’ubuhungiro+ ku bw’uwishe umuntu+, ari co Shekemu+, n’itongo ry’uburagiriro ryaco+ mu karere k’imisozi ka Efurayimu, na Gezeri+ n’itongo ry’uburagiriro ryaho, 22  na Kibuzayimu+ n’itongo ry’uburagiriro ryaho, na Beti-horoni+ n’itongo ry’uburagiriro ryaho; ibisagara bine. 23  Mu muryango wa Dani hatangwa Eliteke n’itongo ry’uburagiriro ryaho, Gibetoni+ n’itongo ry’uburagiriro ryaho, 24  Ayaloni+ n’itongo ry’uburagiriro ryaho, Gati-rimoni+ n’itongo ry’uburagiriro ryaho; ibisagara bine. 25  Mu gice c’umuryango wa Manase hatangwa Tayanaki+ n’itongo ry’uburagiriro ryaho, na Gati-rimoni n’itongo ry’uburagiriro ryaho; ibisagara bibiri. 26  Ibisagara vyose kumwe n’amatongo y’uburagiriro yavyo imiryango ya bene Kohati bari basigaye baronse vyari cumi. 27  Bene Gerishoni+, bo mu miryango y’Abalewi, baronka, mu gice c’umuryango wa Manase+, igisagara c’ubuhungiro ku bw’uwishe umuntu, ari co Golani+ muri Bashani, n’itongo ry’uburagiriro ryaco, na Beyeshitera+ n’itongo ry’uburagiriro ryaho; ibisagara bibiri. 28  Mu muryango wa Isakari+ hatangwa Kishiyoni+ n’itongo ry’uburagiriro ryaho, Daberati+ n’itongo ry’uburagiriro ryaho, 29  Yarimuti+ n’itongo ry’uburagiriro ryaho, Eni-ganimu+ n’itongo ry’uburagiriro ryaho; ibisagara bine. 30  Mu muryango wa Asheri+ hatangwa Mishali+ n’itongo ry’uburagiriro ryaho, Abudoni+ n’itongo ry’uburagiriro ryaho, 31  Helikati+ n’itongo ry’uburagiriro ryaho, na Rehobu+ n’itongo ry’uburagiriro ryaho; ibisagara bine. 32  Mu muryango wa Nafutali+ hatangwa igisagara c’ubuhungiro+ ku bw’uwishe umuntu+, ari co Kedeshi+ muri Galilaya, n’itongo ry’uburagiriro ryaco, na Hamoti-dori+ n’itongo ry’uburagiriro ryaho, na Karutani n’itongo ry’uburagiriro ryaho; ibisagara bitatu. 33  Ibisagara vyose vy’Abagerishoni hakurikijwe imiryango yabo vyari ibisagara cumi na bitatu n’amatongo y’uburagiriro yavyo. 34  Imiryango ya bene Merari+, Abalewi bari basigaye, ironka mu muryango wa Zebuloni+, Yokineyamu+ n’itongo ry’uburagiriro ryaho, Karuta n’itongo ry’uburagiriro ryaho, 35  Dimuna+ n’itongo ry’uburagiriro ryaho, Nahalali+ n’itongo ry’uburagiriro ryaho; ibisagara bine. 36  Mu muryango wa Rubeni+ hatangwa Bezeri+ n’itongo ry’uburagiriro ryaho, na Yahazi+ n’itongo ry’uburagiriro ryaho, 37  Kedemoti+ n’itongo ry’uburagiriro ryaho, na Mefayati+ n’itongo ry’uburagiriro ryaho; ibisagara bine. 38  Mu muryango wa Gadi+ hatangwa igisagara c’ubuhungiro ku bw’uwishe umuntu, ari co Ramoti i Gileyadi+, n’itongo ry’uburagiriro ryaho, na Mahanayimu+ n’itongo ry’uburagiriro ryaho, 39  Heshiboni+ n’itongo ry’uburagiriro ryaho, Yazeri+ n’itongo ry’uburagiriro ryaho; ibisagara vyose bikaba vyari bine. 40  Ibisagara vyose vyegukiye bene Merari+ hakurikijwe imiryango yabo, abari basigaye mu miryango y’Abalewi, vyari ibisagara cumi na bibiri baheshejwe ubupfindo. 41  Ibisagara vyose vy’Abalewi hagati mu karere bene Isirayeli bigabira vyari ibisagara mirongo ine n’umunani+ kumwe n’amatongo y’uburagiriro yavyo+. 42  Igisagara kimwe cose muri ivyo kiba igisagara kiri kumwe n’itongo ry’uburagiriro ryaco rigikikije; ukwo ni ko vyari kuri ivyo bisagara vyose+. 43  Yehova aha rero Isirayeli igihugu cose yari yararahiye ko azoha ba sekuruza babo+; nuko baracigarurira+, bakibamwo. 44  Vyongeye, Yehova abaha akaruhuko+ impande zose, yisunze ivyo yari yararahiye+ ko azoha ba sekuruza babo vyose; nta n’umwe mu bansi babo bose yabahagaze imbere+. Abansi babo bose Yehova yabatanze mu kuboko kwabo+. 45  Nta muhango n’umwe utashitse mu mihango myiza yose Yehova yari yarahaye inzu ya Isirayeli; yose yararangutse+.

Amakuru yiyongereye