Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Yosuwa 18:1-28

18  Maze ikoraniro ryose rya bene Isirayeli rikoranira i Shilo+, hanyuma bashinga ihema ry’ihuriro ng’aho+, kuko igihugu cari kimaze kumarwa igabo imbere yabo+.  Mugabo muri bene Isirayeli hari hagisigaye abo intoranwa yabo itari bwagabanganywe, ni ukuvuga imiryango indwi.  Nuko Yosuwa abwira bene Isirayeli ati: “Muzogeza ryari gufata minenegwe ivyo kwinjira kwigarurira igihugu+ Yehova Imana ya ba sogokuruza banyu yabahaye+?  Nimwitorere abagabo batatu ku muryango umwumwe wose mpeze ndabarungike, kugira ngo bahaguruke banyuragire mu gihugu maze bagicapure bisunze intoranwa yabo, hanyuma baze aho ndi+.  Baze bakigabanganye hagati yabo mu mituri indwi+. Yuda azoguma ahagaze ku karere kiwe mu bumanuko+, ab’inzu ya Yozefu na bo bagume bahagaze ku karere kabo mu buraruko+.  Nayo mwebwe, muzocapura ico gihugu mugicemwo imituri indwi, muyinzanire ng’aha, nanje ndabapfindire ubupfindo+ ng’aha imbere ya Yehova Imana yacu.  Kuko Abalewi ata muturi bafise muri mwebwe+, kubera ko ubuherezi bwa Yehova ari bwo ntoranwa yabo+; Gadi na Rubeni+ n’igice c’umuryango wa Manase+ baratoye intoranwa yabo ku ruhande rwa Yorodani rw’amaja mu buseruko, iyo Musa umusavyi wa Yehova yabahaye+.”  Nya bagabo barahaguruka rero kugira bagende, maze Yosuwa ategeka+ abari bagiye gucapura ico gihugu ati: “Gende munyuragire mu gihugu, mugicapure hanyuma mugaruke aho ndi, kandi aha ni ho nzobagirira ubupfindo*+ imbere ya Yehova i Shilo+.”  Nuko nya bagabo baragenda, banyuragira mu gihugu, bagicapura+ mu gitabu bakurikije ibisagara, bagicamwo imituri indwi. Hanyuma baza aho Yosuwa ari kw’ikambi i Shilo, 10  maze Yosuwa abagirira ubupfindo i Shilo imbere ya Yehova+. Gutyo Yosuwa agabanganiriza bene Isirayeli igihugu ng’aho, mu mituri yabo+. 11  Maze umuryango wa bene Benyamini+ ugirirwa ubupfindo+ hakurikijwe imiryango yabo; akarere baheshejwe ubupfindo kari hagati ya bene Yuda+ na bene Yozefu+. 12  Urubibe rwabo rwari mu mfuruka yo mu buraruko uhereye kuri Yorodani, rukaduga rwerekeza ku mumanuko wa Yeriko+ mu buraruko hanyuma rukaduga ku musozi amaja mu burengero, rukagarukira mu gahinga ka Beti-aveni+. 13  Nya rubibe rwaragenda ruvuye ng’aho rukerekeza i Luzi+, ku mumanuko wo mu bumanuko wa Luzi, ari yo Beteli+; hanyuma rwaramanuka rwerekeza i Ataroti-adari+ ku musozi uri mu bumanuko bwa Beti-horoni yo Hepfo+. 14  Nya rubibe ruracibwa; rwarakevya ku ruhande rwo mu burengero rwerekeza mu bumanuko uhereye ku musozi urabana na Beti-horoni mu bumanuko; rwagarukira i Kiriyati-bayali, ni ukuvuga Kiriyati-yeyarimu+, igisagara ca bene Yuda. Urwo ni rwo ruhande rwo mu burengero. 15  Uruhande rwo mu bumanuko rwahera ku mpera ya Kiriyati-yeyarimu, urubibe na rwo rugasohoka rwerekeza mu burengero hanyuma rugasohoka ruja ku mbizi y’amazi ya Nefutowa+. 16  Nya rubibe rwaramanuka rwerekeza ku mpera y’umusozi urabana n’umubande wa mwene Hinomu+ uri mu kiyaya co hasi ca Refayimu+ mu buraruko, hanyuma rukamanuka ku mubande wa Hinomu, rwerekeza ku mumanuko w’Umuyebusi+ mu bumanuko, rugaheza rukamanuka rwerekeza i Eni-rogeli+. 17  Rucibwa rwerekeza mu buraruko hanyuma rusohoka rwerekeza i Eni-shemeshi maze rusohoka rwerekeza i Geliloti, aharabana n’umudugo wa Adumimu+; hanyuma rwamanuka rwerekeza kw’ibuye+ rya Bohani+ mwene Rubeni. 18  Rwagenda rwerekeza ku mumanuko wo mu buraruko urabana na Araba maze rukamanuka ruja muri Araba. 19  Nya rubibe rwaragenda rwerekeza ku mumanuko wa Beti-hogula+ wo mu buraruko, rukagarukira ku kagobe k’ikiyaga c’Umunyu+ ko mu buraruko ku mpera yo mu bumanuko ya Yorodani. Urwo ni rwo rwari urubibe rwo mu bumanuko. 20  Yorodani yari urubibe rw’akarere kabo ku ruhande rwo mu buseruko. Iyo ni yo yari intoranwa ya bene Benyamini hakurikijwe imiryango yabo, nk’uko imbibe zayo irya n’ino zari. 21  Ibisagara vy’umuryango wa bene Benyamini hakurikijwe imiryango yabo vyari Yeriko+ na Beti-hogula na Emeki-kezizi, 22  na Beti-araba+ na Zemarayimu na Beteli+, 23  na Avimu na Para na Ofura+, 24  na Kefari-amoni na Ofuni na Geba+; ibisagara cumi na bibiri n’imihana irundanye ibikukira. 25  Gibeyoni+ na Rama na Beyeroti, 26  na Mizipe+ na Kefira+ na Moza, 27  na Rekemu na Iripeyeli na Tarala, 28  na Zela+, Ha-elefu na Yebusi, ari yo Yeruzalemu+, na Gibeya+ na Kiriyati; ibisagara cumi na bine n’imihana irundanye ibikukira. Iyo ni yo yabaye intoranwa ya bene Benyamini hakurikijwe imiryango yabo+.

Amakuru yiyongereye

Canke, “nzobakwegera ubupfindo.”