Yosuwa 17:1-18

17  Maze ubupfindo+ bwerekana akarere k’umuryango wa Manase+, kuko yari imfura ya Yozefu+, egome akarere ka Makiri+ imfura ya Manase, se wa Gileyadi+, kuko yari umurwanyi+; Gileyadi+ na Bashani haba ahiwe.  Hanyuma ubupfindo bwerekana akarere ka bene Manase bari basigaye, nk’uko imiryango yabo iri, egome akarere ka bene Abi-ezeri+ na bene Heleki+ na bene Asiriyeli na bene Shekemu+ na bene Heferi na bene Shemida+. Abo ni bo bari abahungu ba Manase mwene Yozefu, ab’igitsina-gabo, nk’uko imiryango yabo iri.  Nayo Zelofehadi+ mwene Heferi, Heferi wa Gileyadi, Gileyadi wa Makiri, Makiri wa Manase, ntiyari afise abahungu, ahubwo yari afise abakobwa, aya akaba ari yo yari amazina ya nya bakobwa biwe: Mahila na Nowa, Hogula, Milika na Tiruza+.  Baza rero imbere ya Eleyazari+ umuherezi na Yosuwa mwene Nuni n’abakuru, bavuga bati: “Yehova ni we yategetse Musa kuduha intoranwa hagati mu b’iwacu+.” Nuko rero, kw’itegeko rya Yehova, abaha intoranwa hagati muri bene wabo na se+.  Nuko imigabane cumi iba iya Manase uretse igihugu ca Gileyadi na Bashani, ivyari hakurya ya Yorodani+;  kuko abakobwa ba Manase baronse intoranwa hagati mu bahungu biwe; igihugu ca Gileyadi na co kiba inyegu ya bene Manase bari basigaye.  Kandi urubibe rwa Manase rwahera i Asheri rukagenda rwerekeza i Mikimetati+, aharabana na Shekemu+, rukaja iburyo rwerekeza ku baba i Eni-Tapuwa.  Igihugu ca Tapuwa+ kiba ica Manase, mugabo Tapuwa, ku rubibe rwa Manase, yari iya bene Efurayimu.  Nya rubibe rwaramanuka ku mwonga wa Kana, amaja mu bumanuko, ku mwonga w’ibisagara vyaho+ vya Efurayimu biri hagati mu bisagara vya Manase; urubibe rwa Manase rwari mu buraruko bw’uwo mwonga, rukaba rwagarukira ku kiyaga+. 10  Mu bumanuko hari aha Efurayimu, mu buraruko na ho aha Manase, ikiyaga kikaba cabaye urubibe rwiwe+; mu buraruko bashika kwa Asheri, mu buseruko na ho bagashika kwa Isakari. 11  Ibi ni vyo vyabaye ivya Manase+ muri Isakari no muri Asheri: Beti-sheyani+ n’ibisagara bihakukira, na Ibuleyamu+ n’ibisagara bihakukira, n’ababa i Dori+ n’ibisagara bihakukira n’ababa i Eni-dori+ n’ibisagara bihakukira n’ababa i Tayanaki+ n’ibisagara bihakukira n’ababa i Megido+ n’ibisagara bihakukira, ibibanza bikirurutse bitatu. 12  Bene Manase ntibashoboye kwigarurira ivyo bisagara+, mugabo Abanyakanani baragagaje babandanya kuba muri ico gihugu+. 13  Maze bene Isirayeli bamaze gukomera+, bakoresha Abanyakanani ibikorwa vy’agahato+, ntibabomora ngo babaherengeteze+. 14  Nuko bene Yozefu babwira Yosuwa bati: “Kubera iki wampaye akarere kamwe biciye ku bupfindo+ be n’umugabane umwe ngo bibe intoranwa yanje, kandi ndi igisata c’abantu benshi bitumwe n’uko Yehova yampezagiye gushika ubu+?” 15  Yosuwa aca ababwira ati: “Nimba uri igisata c’abantu benshi, duga mu kibira, ucitemere, hariya mu gihugu c’Abaperizi+ n’Abarefayimu+, kuko akarere k’imisozi+ ka Efurayimu kakwagiye cane.” 16  Maze bene Yozefu bavuga bati: “Akarere k’imisozi ntikadukwiye, kandi hari imikogote y’intambara+ ifise ibikeruzo vy’icuma mu Banyakanani bose baba mu gihugu co mu kiyaya co hasi, haba mu bari i Beti-sheyani+ no mu bisagara bihakukira canke mu bari mu kiyaya co hasi ca Yezireyeli+.” 17  Yosuwa abwira rero inzu ya Yozefu, ni ukuvuga Efurayimu na Manase, ati: “Uri igisata c’abantu benshi, kandi ufise inkomezi nyinshi+. Ntukwiye kuronka akarere kavuye ku bupfindo kamwe+, 18  mugabo akarere k’imisozi gakwiye kuba rwawe+. Kubera ko ari ikibira, uze ugiteme, kibe aho ugarukira. Kuko ukwiye kwirukana Abanyakanani, naho bafise imikogote y’intambara ifise ibikeruzo vy’icuma kandi bakaba bakomeye+.”

Amakuru yiyongereye