Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Yosuwa 14:1-15

14  Iyi rero ni yo ntoranwa bene Isirayeli baronse mu gihugu ca Kanani+, iyo Eleyazari umuherezi na Yosuwa mwene Nuni n’abakuru ba ba se b’imiryango ya bene Isirayeli batumye batorana+.  Intoranwa yabo bayihawe biciye ku bupfindo+, nk’uko nyene Yehova yari yarategetse biciye kuri Musa ku vyerekeye ya miryango icenda na ca gice c’umuryango+.  Kuko Musa yari yaratanze intoranwa ya ya miryango yindi ibiri na ca gice kindi c’umuryango hakurya ya Yorodani+; Abalewi ntiyabahaye intoranwa hagati muri bo+.  Kuko bene Yozefu bari bacitse imiryango ibiri+, Manase+ na Efurayimu+; kandi Abalewi ntibari barahawe umuturi mu gihugu, kiretse ibisagara+ vyo kubamwo n’amatongo y’uburagiriro yavyo ku bw’ibitungwa vyabo n’ivyo batunze+.  Uko Yehova yari yarategetse Musa, ni ko bene Isirayeli bakoze; nuko batangura kugabanganya igihugu.  Maze bene Yuda begera Yosuwa i Gilugali+, hanyuma Kalebu+ mwene Yefune Umukenizi+ amubwira ati: “Ubwawe urazi neza ijambo Yehova yabwiye+ Musa wa muntu w’Imana y’ukuri+ ku binyerekeye no ku bikwerekeye, i Kadeshi-baruneya+.  Nari mfise imyaka mirongo ine igihe Musa umusavyi wa Yehova yandungika mvuye i Kadeshi-baruneya ngo nje gutata igihugu+, hanyuma nza ndamugarukaniye inkuru nk’uko nyene vyari mu mutima wanje+.  Bene wacu baduganye nanje batumye umutima w’abantu ushonga+; mugabo jewe, nakurikiye Yehova Imana yanje bimwe bishitse+.  Musa yaciye rero arahira kuri uwo musi ati: ‘Igihugu ikirenge cawe cahonyoyemwo+ kizoba icawe n’abahungu bawe bwa ntoranwa gushika igihe kitagira urugero, kuko wakurikiye Yehova Imana yanje bimwe bishitse+.’ 10  Ubu rero, ehe Yehova yaranzigamiye ubuzima+, nk’uko nyene yasezeranye+, iyi myaka mirongo ine n’itanu kuva Yehova ahaye Musa uwo muhango igihe Isirayeli yagendagenda mu gahinga+; none ehe uyu musi mfise imyaka mirongo umunani n’itanu. 11  Yamara, uyu musi nkomeye nk’uko nari nkomeye ku musi Musa yandungika+. Uko inkomezi zanje zari ico gihe, ni ko ziri n’ubu, haba mu kuja mu rugamba no mu kuvayo+. 12  Ubu rero numpe aka karere k’imisozi Yehova yasezeranye kuri uwo musi+, kuko ubwawe wumvise kuri uwo musi yuko ng’aho hari Abanakimu+ n’ibisagara bikomeye bikingijwe ibihome+. Biboneka yuko Yehova azobana nanje+, ndabomore ata gukeka, nk’uko nyene Yehova yasezeranye+.” 13  Yosuwa aca aramuhezagira maze aha Kalebu, mwene Yefune, Heburoni ngo ibe intoranwa yiwe+. 14  Ni co catumye Heburoni yegukira Kalebu mwene Yefune Umukenizi bwa ntoranwa gushika n’uyu musi, kuko yakurikiye Yehova Imana ya Isirayeli bimwe bishitse+. 15  Imbere y’aho izina rya Heburoni ryari Kiriyati-aruba+ (uwo Aruba+ yari we muntu akomeye mu Banakimu). Nuko igihugu nticahungabanywa n’intambara+.

Amakuru yiyongereye