Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Yosuwa 10:1-43

10  Adoni-zedeki umwami wa Yeruzalemu akimara kwumva ko Yosuwa yari yafashe Ayi+ maze akahatikiza+, yuko uko nyene yari yagiriye Yeriko+ n’umwami+ waho ari ko yari yagiriye Ayi n’umwami waho+, be n’uko ababa i Gibeyoni bari bagiriraniye amahoro na Isirayeli+, bakaba babandanya kuba hagati muri bo,  aratinya cane+, kubera ko Gibeyoni cari igisagara gikomeye, nka kimwe mu bisagara vya cami, no kubera ko cari gikomeye kuruta Ayi+, kandi abagabo baco bose bakaba bari abanyenkomezi.  Ku bw’ivyo rero Adoni-zedeki umwami wa Yeruzalemu+ atuma kuri Hohamu umwami wa Heburoni+ no kuri Piramu umwami wa Yarimuti+ no kuri Yafiya umwami wa Lakishi+ no kuri Debiri umwami wa Eguloni+, ati:  “Duge aho ndi mumfashe, dutere Gibeyoni, kuko yagiriraniye amahoro na Yosuwa be na bene Isirayeli+.”  Nuko bakoranira hamwe maze baraduga, abami batanu b’Abamori+, ni ukuvuga umwami wa Yeruzalemu, umwami wa Heburoni, umwami wa Yarimuti, umwami wa Lakishi, umwami wa Eguloni, bo hamwe n’amakambi yabo yose, barakambika ngo batere Gibeyoni maze barayirwanya.  Abagabo b’i Gibeyoni baca batuma kuri Yosuwa kw’ikambi i Gilugali+ bati: “Ntukure ukuboko ku bashumba bawe+. Duga ningoga aho turi udukize, udufashe, kuko abami bose b’Abamori baba mu karere k’imisozi bakoraniye kuturwanya.”  Yosuwa araduga rero avuye i Gilugali, we hamwe n’abarwanyi bose+ n’abagabo b’intwari kandi b’abanyenkomezi bose+.  Maze Yehova abwira Yosuwa ati: “Ntubatinye+, kuko ndabatanze mu kuboko kwawe+. Nta n’umwe muri bo azoguhagarara imbere+.”  Yosuwa aza kubatera giturumbuka. Yari yaduze ijoro ryose avuye i Gilugali. 10  Yehova abata mu muvurungano imbere ya Isirayeli+, maze batangura kubagandagura, inganda ziratikira bimwe bikomeye i Gibeyoni+, babakurikira baciye mu nzira y’umudugo wa Beti-horoni, barabasasika gushika i Azeka+ n’i Makeda+. 11  Mu gihe bariko barahunga imbere ya Isirayeli, bakiri ku mumanuko wa Beti-horoni, Yehova abatibagurirako ibibuye bininibinini+ bivuye mw’ijuru gushika i Azeka, ku buryo bapfa. Abishwe n’ayo mabuye y’urubura baba benshi kuruta abo bene Isirayeli bicishije inkota. 12  Maze Yosuwa avugana na Yehova ku musi Yehova yagabura Abamori kuri bene Isirayeli, avugira mu maso ya Isirayeli ati:“Zuba+, hagarara hejuru ya Gibeyoni+,Nawe kwezi, hagarara hejuru y’ikiyaya co hasi ca Ayaloni+.” 13  Nuko izuba riguma rihagaze, n’ukwezi kurahagarara koko, gushika iryo hanga ryihoye abansi baryo+. None ivyo ntivyanditswe mu gitabu ca Yashari+? Nuko izuba riguma rihagaze hagati mw’ijuru, ntiryihutira kurenga, hafi umusi wose+. 14  Kandi nta musi wabaye nk’uwo, haba imbere yawo canke inyuma yawo, kuko Yehova yumvirije ijwi ry’umuntu+, kubera ko Yehova ubwiwe yariko arwanira Isirayeli+. 15  Inyuma y’ivyo, Yosuwa ari kumwe na Isirayeli yose asubira kw’ikambi i Gilugali+. 16  Muri ico gihe, abo bami batanu barahunga+, binyegeza mw’isenga i Makeda+. 17  Maze Yosuwa amenyeshwa ngo: “Ba bami batanu babasanze binyegeje mw’isenga i Makeda+.” 18  Yosuwa aca avuga ati: “Nimutembagarize ibibuye bininibinini ku munwa w’iryo senga hanyuma murishinge abagabo kugira babarinde. 19  Ariko mweho, ntimuhagarare. Mwome inyuma abansi banyu, mubatere ku gice cabo c’inyuma+. Ntimubakundire kwinjira mu bisagara vyabo, kuko Yehova Imana yanyu yabatanze mu maboko yanyu+.” 20  Yosuwa na bene Isirayeli bakirangiza kubagandagura inganda zigatikira bimwe bikomeye, gushika bano baherengeteye+, abacitse kw’icumu muri bo na bo bagahunga bakinjira mu bisagara bikingijwe ibihome+, 21  abantu bose batangura gusubira kw’ikambi, aho Yosuwa ari, i Makeda mu mahoro. Nta muntu n’umwe yazungagije ururimi yarakaye ngo arwanye bene Isirayeli+. 22  Maze Yosuwa avuga ati: “Nimwugurure umunwa wa rya senga, musohore abo bami batanu muri iryo senga mubanzanire.” 23  Nuko bagira gutyo, basohora nya bami batanu mw’isenga barabamuzanira, ari bo b’aba: umwami wa Yeruzalemu+, umwami wa Heburoni+, umwami wa Yarimuti, umwami wa Lakishi+, umwami wa Eguloni+. 24  Bakimara gusohora abo bami bakabazanira Yosuwa, Yosuwa ahamagara abagabo bose ba Isirayeli maze abwira abakomanda b’abarwanyi bari bajanye na we ati: “Nimwegere. Nimushire ibirenge ku bikanu vy’aba bami+.” Nuko baregera maze bashira ibirenge ku bikanu vyabo+. 25  Hanyuma Yosuwa abandanya kubabwira ati: “Ntimutinye canke ngo mutekerwe n’ubwoba+. Mugire umutima rugabo kandi mukomere, kuko uku ari ko Yehova azogirira abansi banyu bose muriko murarwanya+.” 26  Inyuma y’ivyo Yosuwa arabakubita, arabica, hanyuma abamanika ku biti bitanu, baguma bamanitse kuri nya biti gushika ku mugoroba+. 27  Nuko ku kirengazuba Yosuwa atanga itegeko, maze babamanura kuri nya biti+ hanyuma babaterera muri rya senga bari binyegejemwo. Baca bashira ibibuye bininibinini ku munwa w’iryo senga, gushika n’uyu musi. 28  Kuri uwo musi Yosuwa afata Makeda+, ahakubitisha ubugi bw’inkota. Umwami waho na we amutikizanya n’igifise ubuzima cose cariyo+. Ntiyasigaza n’umwe. Gutyo, agirira umwami wa Makeda+ nk’uko nyene yari yagiriye umwami wa Yeriko. 29  Maze Yosuwa ari kumwe na Isirayeli yose abandanya i Libuna avuye i Makeda araheza arwanya Libuna+. 30  Nuko Yehova ahatanga na ho nyene be n’umwami waho mu kuboko kwa Isirayeli, bakubitisha ubugi bw’inkota aho hantu n’igifise ubuzima cose cariyo. Ntibasigazayo n’umwe. Gutyo, bagirira umwami waho nk’uko nyene bari bagiriye umwami wa Yeriko+. 31  Ubukurikira, Yosuwa ari kumwe na Isirayeli yose abandanya i Lakishi+ avuye i Libuna, arakambika ngo ahatere maze araharwanya. 32  Nuko Yehova atanga Lakishi mu kuboko kwa Isirayeli ku buryo bahafata ku musi ugira kabiri, maze bakubitisha ubugi bw’inkota aho hantu n’igifise ubuzima cose cariyo+, bahagirira nk’ivyo bari bagiriye Libuna vyose. 33  Ico gihe ni ho Horamu umwami wa Gezeri+ yaduga gufasha Lakishi. Yosuwa rero amwicana n’abantu biwe, ntihagira n’umwe amusigira+. 34  Maze Yosuwa ari kumwe na Isirayeli yose abandanya i Eguloni+ avuye i Lakishi, arakambika ngo ahatere araheza araharwanya. 35  Barahafata kuri uwo musi maze batangura kuhakubitisha ubugi bw’inkota bongera batikiza kuri uwo musi igifise ubuzima cose cariyo, bahagirira nk’ivyo bari bagiriye Lakishi vyose+. 36  Maze Yosuwa ari kumwe na Isirayeli yose aduga i Heburoni+ avuye i Eguloni, atangura kuharwanya. 37  Barahafata maze bakubitisha ubugi bw’inkota aho hantu n’umwami waho n’ibisagara vyaho vyose n’igifise ubuzima cose cariyo. Ntiyasigaza n’umwe; ahagirira nk’ivyo yari yagiriye Eguloni vyose. Gutyo, ahatikizanya n’igifise ubuzima cose cariyo+. 38  Amaherezo Yosuwa ari kumwe na Isirayeli yose arahindukira aja i Debiri+ maze atangura kuharwanya. 39  Arahafata, be n’umwami waho n’ibisagara vyaho vyose, babakubitisha ubugi bw’inkota bongera batikiza igifise ubuzima cose cariyo+. Ntiyasigaza n’umwe+. Agirira Debiri n’umwami waho nk’uko nyene yari yagiriye Heburoni kandi nk’uko nyene yari yagiriye Libuna n’umwami waho+. 40  Yosuwa asasika igihugu cose c’akarere k’imisozi+ na Negebu+ na Shefela+ n’imimanuko+ n’abami baho bose. Ntiyasigaza n’umwe, kandi atikiza+ ikintu cose cahumeka+, nk’uko nyene Yehova Imana ya Isirayeli yari yarategetse+. 41  Nuko Yosuwa arabasasika guhera i Kadeshi-baruneya+ gushika i Gaza+ n’igihugu cose ca Gosheni+ no gushika i Gibeyoni+. 42  Yosuwa afata abo bami bose n’igihugu cabo mu gihe kimwe+, kuko Yehova Imana ya Isirayeli ari we yarwanira Isirayeli+. 43  Inyuma y’ivyo, Yosuwa ari kumwe na Isirayeli yose asubira kw’ikambi i Gilugali+.

Amakuru yiyongereye