Yosuwa 1:1-18
1 Inyuma y’urupfu rwa Musa umusavyi wa Yehova, Yehova abwira Yosuwa+ mwene Nuni, umusuku wa Musa+, ati:
2 “Musa umusavyi wanje yapfuye+; ubu rero haguruka, ujabuke uru ruzi Yorodani, wewe n’aba bantu bose, mwinjire mu gihugu ngira ndabahe, egome, ico ngira mpe bene Isirayeli+.
3 Ahantu hose ikirenge canyu kizohonyora, nzohabaha ata gukeka, nk’uko nasezeraniye Musa+.
4 Guhera mu gahinga, n’iyi Libani, gushika kuri rwa ruzi runini, uruzi Efurate, ni ukuvuga igihugu cose c’Abaheti+, no gushika ku Kiyaga Kinini amaja mu burengero bw’izuba, ni ko kazoba akarere kanyu+.
5 Nta n’umwe azohagarara imbere yawe imisi yose y’ubuzima bwawe+. Nk’uko nabanye na Musa ni ko nzobana nawe+. Sinzoguta canke ngo ndaguhebe buhere+.
6 Gira umutima rugabo kandi ukomere+, kuko ari wewe uzotuma aba bantu batorana+ igihugu narahiye ba sekuruza ko nzokibaha+.
7 “Gusa ugire umutima rugabo kandi ukomere cane kugira witwararike gukora wisunze itegeko ryose Musa umusavyi wanje yagutegetse+. Ntukevye ngo uve kuri ryo, ngo ukebereze iburyo canke ibubamfu+, kugira ngo ukorane ubukerebutsi aho uzoja hose+.
8 Iki gitabu c’itegeko ntikize kive mu kanwa kawe+; uze usome muri co n’ijwi ritoyi umurango n’ijoro, kugira ngo witwararike gukora wisunze ivyanditswe muri co vyose+; kuko ari ho uzotuma inzira yawe iroranirwa kandi ugakorana ubukerebutsi+.
9 None si jewe ndagutegetse+? Gira umutima rugabo kandi ukomere. Nturanduke umutima canke ngo ucike ivutu+, kuko Yehova Imana yawe azobana nawe aho uzoja hose+.”
10 Nuko Yosuwa ategeka abarongozi b’abantu ati:
11 “Nimuce hagati mw’ikambi maze mutegeke abantu muti: ‘Nimwitegurire impamba, kuko mu misi itatu uhereye ubu muzojabuka uru ruzi Yorodani kugira mwinjire kwigarurira igihugu Yehova Imana yanyu agira abahe ngo mucigarurire+.’”
12 Hanyuma Yosuwa abwira Abarubeni n’Abagadi n’igice c’umuryango wa Manase ati:
13 “Nimwibuke ijambo Musa umusavyi wa Yehova yabategetse+ ati: ‘Yehova Imana yanyu abahaye akaruhuko, kandi yabahaye iki gihugu.
14 Abagore banyu n’abana banyu batoyi n’ibitungwa vyanyu bizoba mu gihugu Musa yabahaye hakuno ya Yorodani+; mugabo mwebwe muzojabuka nk’abatonze urugamba+ imbere ya bene wanyu, abagabo b’intwari kandi b’abanyenkomezi bose+, kandi muze mubafashe.
15 Yehova niyaha akaruhuko bene wanyu nk’uko yagahaye mwebwe, na bo bakigarurira igihugu Yehova Imana yanyu agira abahe+, ni ho rero muzogaruka mu gihugu muzokwiganzira maze mucigarurire+, ico Musa umusavyi wa Yehova yabahaye ku ruhande rwa Yorodani ruherereye iyo izuba rirasira+.’”
16 Na bo rero bishura Yosuwa bati: “Ivyo udutegetse vyose tuzobikora, kandi aho uzodutuma hose tuzogenda+.
17 Nk’uko twumvirije Musa mu kintu cose, ni ko na wewe tuzokwumviriza. Gusa, Yehova Imana yawe abane nawe+ nk’uko nyene yabanye na Musa+.
18 Umuntu wese azogarariza itegeko ryawe+ ntiyumvirize amajambo yawe mu vyo uzomutegeka vyose, azokwicwa+. Gusa, ugire umutima rugabo kandi ukomere+.”