Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Yona 2:1-10

2  Maze Yona asengera Yehova Imana yiwe imbere muri nya rufi+,  ati: “Natakambiye Yehova ndi mu marushwa yanje+, na we aranyishura+. Natabaje ndi mu nda y’ukuzimu*+. Warumvise ijwi ryanje+.   Igihe wanshiburira ibwina, mu nda y’igezi ry’ikiyaga*+, Uruzi rwaciye runkikuza. Imikuba isuriranya yawe n’imipfunda yawe yose yaciye hejuru yanje+.   Jeho navuze nti: ‘Narirukanywe mva mu maso yawe+! Nzokwongera nte kwitegereza urusengero rwawe rweranda+?’   Amazi yarankikuje ageramira ubuzima bwanje+; inyenga y’amazi yagumye inzitiye. Ivyatsi bibi vyari binyizingiriye ku mutwe.   Naramanutse mu matanguriro y’imisozi. Nayo isi, ibihindizo vyayo vyaranyugaranye igihe kitagira urugero*. Mugabo waradugije ubuzima bwanje ubukura mu cobo, ewe Yehova Mana yanje+!   Igihe umutima wanje wadendebukira muri jewe+, Yehova ni we nibutse+. Maze isengesho ryanje ryaragushikiriye, mu rusengero rwawe rweranda+.   Nayo abubaha ibigirwamana vy’ububeshi, baheba ubuntu bwuzuye urukundo bwabo+.   Ariko jeho, nzogushikanira ikimazi njanisha n’ijwi ry’ugukenguruka+. Ico naraganye, nzogishitsa+. Ubukiriro ni ubwa Yehova+.” 10  Amaherezo Yehova ategeka nya rufi, rudahwa Yona kw’isi yumutse+.

Amakuru yiyongereye

Mu giheburayo ni “Sheoli” (sheʹohlʹ). Raba Inyongera ya 7.
Ijambo ku rindi ni “mu mutima w’igezi ry’ikiyaga.”
Raba Inyongera ya 21.