Yohani 9:1-41
9 Ariko ararengana, abona umugabo yavutse ari impumyi.
2 Nuko abigishwa biwe bamubaza bati: “Rabi+, ni nde yacumuye+, ni uyu muntu canke ni abavyeyi biwe+, ku buryo yavutse ari impumyi?”
3 Yezu yishura ati: “Yaba uyu muntu canke abavyeyi biwe, nta n’umwe yacumuye, mugabo vyabaye kugira ngo ibikorwa vy’Imana bibonekere kuri we+.
4 Dutegerezwa gukora ibikorwa vy’uwandungitse hakiri ku murango+; ijoro+ ririko riraza aho ata muntu n’umwe ashobora gukora.
5 Umwanya nkiri mw’isi, ndi umuco w’isi+.”
6 Ahejeje kuvuga ivyo, acira hasi, akora utubumba n’amate, maze utwo tubumba twiwe adushira ku maso ya nya muntu+,
7 amubwira ati: “Genda wiyoge+ mu kidengeri ca Silowamu+” (bikaba bisobanura ngo: ‘Yatumwe’). Aragenda rero ariyoga+, hanyuma agaruka abona+.
8 Ababanyi be n’abahora bamubona ari umusezi batangura rero kuvuga bati: “Uyu si wa muntu yahora yicara asega+?”
9 Bamwe bavuga bati: “Ni we.” Abandi bakavuga bati: “Eka da! ahubwo asa na we.” Nya muntu akavuga ati: “Ndi we.”
10 Ku bw’ivyo rero batangura kumubwira bati: “None amaso yawe yahumutse gute+?”
11 Yishura ati: “Wa muntu yitwa Yezu yakoze utubumba atunsiga ku maso hanyuma ambwira ati: ‘Genda kuri Silowamu+ wiyoge.’ Nanje rero ndagenda, ndiyoga hanyuma ndahumuka.”
12 Baca bamubwira bati: “Uyo muntu ari hehe?” Na we ati: “Sinzi.”
13 Bajana wa muntu yahora ari impumyi ku Bafarizayo.
14 Ku musi Yezu yakora nya tubumba agahumura amaso yiwe+, hari kw’Isabato+.
15 Ico gihe rero Abafarizayo na bo nyene batangura kumubaza ingene yahumutse+. Ababwira ati: “Yashize utubumba ku maso yanje, hanyuma ndiyoga, none ndabona.”
16 Bamwe mu Bafarizayo batangura rero kuvuga bati: “Uyu si umuntu ava ku Mana, kuko atubahiriza Isabato+.” Abandi batangura kuvuga bati: “Umuntu w’umucumuzi ashobora gute gukora ibimenyetso+ mwene ivyo?” Nuko haba ukwicamwo ibice+ hagati yabo.
17 Ku bw’ivyo bongera kubwira nya muntu w’impumyi bati: “Wewe umuvugako iki, ko yahumuye amaso yawe?” Nya muntu ati: “Ni umuhanuzi+.”
18 Ariko Abayuda ntibemera yuko yahora ari impumyi akaba yari yahumutse, gushika bahamagaye abavyeyi ba nya muntu yari yahumutse.
19 Hanyuma bababaza bati: “Uyu ni we mwana wanyu muvuga ko yavutse ari impumyi? None vyagenze gute ngo ubu abe abona?”
20 Maze abavyeyi biwe bishura bati: “Turazi yuko uyu ari umwana wacu be n’uko yavutse ari impumyi.
21 Mugabo ivy’ingene ubu abona, canke uwamuhumuye amaso, nta vyo tuzi. Mwibarize. Arakuze. Ategerezwa kwivugira.”
22 Abavyeyi biwe bavuze ivyo bintu kubera yuko batinya+ Abayuda, kuko Abayuda bari bamaze kwumvikana yuko hagize uwumwemera icese ko ari Kristu, acibwa mw’isinagogi+.
23 Ni co catumye abavyeyi biwe bavuga ngo: “Arakuze. Mwibarize.”
24 Bahamagara rero ubugira kabiri nya mugabo yari yahoze ari impumyi, bamubwira bati: “Ha Imana ubuninahazwa+; twebwe turazi ko uyo muntu ari umucumuzi.”
25 Na we arishura ati: “Namba ari umucumuzi sindabizi. Ico nzi co ni kimwe: ni uko naho nahora ndi impumyi, ubu mbona.”
26 Bamubwira rero bati: “Yakugiriye iki? Yahumuye amaso yawe gute?”
27 Abishura ati: “Namaze kubibabwira, yamara ntimwumvirije. Mushakira iki kwongera kuvyumva? Namwe mushaka gucika abigishwa biwe?”
28 Kuri ivyo baramutuka bavuga bati: “Ni wewe uri umwigishwa w’uyo muntu, mugabo twebwe turi abigishwa ba Musa.
29 Twebwe tuzi ko Imana yavuganye na Musa+; mugabo uwo muntu, ntituzi iyo ava+.”
30 Nya mugabo abishura ati: “Ni ukuri ivyo bidatangaje+, kubona mutazi iyo ava, kandi yampumuye amaso.
31 Turazi ko Imana itumviriza abacumuzi+, mugabo igihe umuntu atinya Imana agakora ukugomba kwayo, iramwumviriza+.
32 Kuva kera hose, ntihigeze humvikana ko hari uwahumuye amaso y’uwavutse ari impumyi.
33 Iyo uwo muntu ataba ava ku Mana+, nta kintu na kimwe yari gushobora gukora.”
34 Bamwishura bati: “Wewe uko wakabaye wavukiye mu bicumuro+, none uriko wigisha twebwe?” Baca bamuta hanze+!
35 Yezu yumva yuko bamutaye hanze, hanyuma amubonye, avuga ati: “Urizera Umwana+ w’umuntu?”
36 Nya muntu yishura ati: “Ni nde ga mutungwa, ngo ndamwizere?”
37 Yezu amubwira ati: “Wamubonye, kandi bitayeko, uwuriko aravugana nawe ni we w’uyo+.”
38 Aca avuga ati: “Ndamwizeye, Mukama.” Hanyuma yikubita imbere yiwe+.
39 Yezu na we avuga ati: “Uru rubanza+ ni rwo rwanzanye muri iyi si: ni ukugira ngo abatabona babone+, ababona na bo bacike impumyi+.”
40 Abo mu Bafarizayo bari kumwe na we barumva ivyo bintu, baca bamubwira bati: “None natwe turi impumyi+?”
41 Yezu ababwira ati: “Iyo muba muri impumyi nta gicumuro mwari kuba mufise. Mugabo ubu muvuga muti: ‘Turabona+.’ Igicumuro+ canyu kigumyeho.”