Yohani 7:53–8:59
* Ivyandiko vy’iminwe (Codex Sinaiticus, Codex Vaticanus na Sinaitic Syriac codex) birakuramwo umurongo wa 53 gushika ku kigabane ca 8, umurongo wa 11. Ico gisomwa (ariko harimwo udutandukaniro mu bisomwa bimwebimwe n’impinduro vy’ikigiriki), kigira giti:
53 Nuko baragenda umwe wese i muhira iwe.
8 Mugabo Yezu aja ku musozi w’Imyelayo.
2 Ariko mu mutwenzi, yongera kuboneka mu rusengero, abantu bose batangura kuza kuri we, na we aricara, atangura kubigisha.
3 Buno abanditsi n’Abafarizayo bazana umugore yafashwe arenga ibigo, hanyuma bamaze kumuhagarika hagati yabo,
4 bamubwira bati: “Mwigisha, uyu mugore yafashwe arenga ibigo.
5 Mw’Itegeko, Musa yadutegetse gutera amabuye mwene aba bagore. None vy’ukuri wewe ubivugako iki?”
6 Nkako, bariko bavuga ivyo kugira bamugeze, ngo baronke ico bomwagiriza. Mugabo Yezu arunama, atangura kwandikisha urutoke hasi.
7 Bakobeje kumubaza, arunamuka, ababwira ati: “Uwo muri mwebwe atagira igicumuro nabe uwa mbere mu kumutera ibuye.”
8 Yongera kwunama aguma yandika hasi.
9 Mugabo abumvise ivyo batangura gusohoka, umwumwe, uhereye ku bagabo b’inararibonye, na we asigara ari wenyene, na wa mugore yari hagati yabo.
10 Yezu arunamuka, amubwira ati: “Mugore, bari hehe? Nta n’umwe yagutsindishije?”
11 Avuga ati: “Nta n’umwe, mutungwa.” Yezu avuga ati: “Na jewe singutsindisha. Igire; kuva ubu ntukongere kuza uracumura.”
12 Yezu rero yongera kubabwira ati: “Ndi umuco+ w’isi. Uwunkurikira ntazogenda agendeye mu mwiza+, mugabo azogira umuco w’ubuzima.”
13 Ku bw’ivyo rero Abafarizayo bamubwira bati: “Wewe urishingira intahe; intahe yawe si iy’ukuri.”
14 Yezu abishura ati: “Naho nishingira intahe koko, intahe+ yanje ni iy’ukuri, kuko nzi iyo navuye n’iyo ndiko ndaja+. Mugabo mwebwe ntimuzi iyo navuye n’iyo ndiko ndaja.
15 Mwebwe muca urubanza mwisunze umubiri+; jewe sincira urubanza umuntu n’umwe+.
16 Yamara ndamutse nciye urubanza, urubanza rwanje ruba ari urw’ukuri, kuko ntari jenyene, mugabo Data yandungitse ari kumwe nanje+.
17 Vyongeye, mw’Itegeko ryanyu bwite handitswe ngo: ‘Intahe y’abantu babiri iba ari iy’ukuri+.’
18 Ni jewe nishingira intahe, kandi na Data yandungitse aranshingira intahe+.”
19 Babandanya rero kumubwira bati: “So ari hehe?” Yezu yishura ati: “Yaba jewe canke Dawe, nta n’umwe muzi+. Iyo muba munzi koko, na Dawe muba mumuzi+.”
20 Ayo majambo yayavugiye mw’ishikaniro+ igihe yariko yigisha mu rusengero. Mugabo nta n’umwe yamufashe+, kuko isaha+ yiwe itari bwagere.
21 Ku bw’ivyo rero yongera kubabwira ati: “Ndiko ndagenda, kandi muzondondera+, yamara muzopfira mu gicumuro canyu+. Iyo ndiko ndaja ntimushobora kuhaza.”
22 Abayuda rero batangura kuvuga bati: “None azokwiyica? Kubera ko avuga ngo: ‘Iyo ndiko ndaja ntimushobora kuhaza+.’”
23 Nuko abandanya kubabwira ati: “Mwebwe muri abo mu turere two hasi; jewe ndi uwo mu turere two hejuru+. Mwebwe muri abo muri iyi si+; jewe sindi uwo muri iyi si+.
24 Ni co gituma ndababwiye nti: Muzopfira mu bicumuro vyanyu+. Kuko nimba mutemera yuko ndi we, muzopfira mu bicumuro vyanyu+.”
25 Batangura rero kumubwira bati: “Wewe uri nde?” Yezu ababwira ati: “Mbega hoho ndiko mbavugishiriza iki?
26 Ndafise ibintu vyinshi vyo kuvuga ku biberekeye no gucako urubanza. Kukaba nkako, uwandungitse ni uw’ukuri, kandi ivyo namwumvanye nyene ni vyo ndiko mvuga mw’isi+.”
27 Ntibategereye yuko yariko ababwira ivyerekeye Se.
28 Yezu rero ababwira ati: “Nimwamara kuduza+ Umwana w’umuntu+, ni ho muzomenya yuko ndi we+, be n’uko ata kintu na kimwe nkora ndavyigeneye+; mugabo nk’uko Data yanyigishije ni ko mvuga ivyo bintu+.
29 Kandi uwandungitse ari kumwe nanje; ntiyantaye jenyene, kuko nama nkora ibimuhimbara+.”
30 Ariko avuga ivyo bintu, benshi baramwizera+.
31 Nuko rero Yezu abandanya kubwira Abayuda bari bamwemeye ati: “Nimwaguma mw’ijambo ryanje+, muri abigishwa banje vy’ukuri,
32 kandi muzomenya ukuri+, kandi ukuri kuzobagira abidegemvya+.”
33 Baramwishura bati: “Turi uruvyaro rwa Aburahamu+ kandi ntaho twigeze tuba abashumba b’umuntu n’umwe+. Uvuga gute none ngo: ‘Muzoba abidegemvya’?”
34 Yezu abishura ati: “Ni ukuri kwose ndabibabwiye: Uwukora igicumuro wese aba ari umushumba w’igicumuro+.
35 Vyongeye, umushumba ntaguma mu rugo ibihe vyose; umwana agumaho ibihe vyose+.
36 Umwana rero niyabagira abidegemvya, muzoba abidegemvya koko+.
37 Ndazi ko muri uruvyaro rwa Aburahamu; mugabo muriko murondera kunyica+, kubera ko ijambo ryanje ridatera imbere muri mwebwe+.
38 Jewe mvuga+ ivyo nabonanye Dawe+; namwe rero, nimukore ivyo mwumvanye so.”
39 Bamwishura bati: “Data ni Aburahamu+.” Yezu ababwira ati: “Nimba muri abana ba Aburahamu+, nimukore ibikorwa vya Aburahamu.
40 Mugabo ubu muriko murondera kunyica, jewe umuntu yababwiye ukuri numvanye Imana+. Aburahamu ivyo nta vyo yakoze+.
41 Mwebwe mukora ibikorwa vya so.” Bamubwira bati: “Ntitwavutse ku busambanyi; dufise Data umwe+, ni Imana.”
42 Yezu ababwira ati: “Iyo Imana iba ari yo So, muba munkunda+, kuko navuye ku Mana, nkaba ndi hano+. Kandi sinaje ndavyigeneye na gato, mugabo Uwo ni we yantumye+.
43 Kubera iki mutazi ivyo ndiko ndavuga? Kubera ko mudashobora kwumviriza ijambo ryanje+.
44 Mwebwe muva kuri so Shetani*+, kandi mushaka gushitsa ivyipfuzo vya so+. Uwo yari umwicanyi kuva mu ntango+, kandi ntiyashikamye mu kuri, kuko ukuri kutari muri we. Iyo avuga ikinyoma, avuga nk’uko agatima kiwe bwite kari, kuko ari umunyakinyoma akaba na se w’ikinyoma+.
45 Ariko kubera ko jewe mvuga ukuri, ntimunyemera+.
46 Ni nde muri mwebwe anyemeza igicumuro+? Nimba mvuga ukuri, kubera iki mutanyemera?
47 Uwuva ku Mana arumviriza amajambo y’Imana+. Ni co gituma mutumviriza, kuko mutava ku Mana+.”
48 Abayuda bamwishura bati: “Wumva none tutaba tuvuze ukuri iyo tuvuze duti: Uri Umusamariya+ kandi urimwo idayimoni+?”
49 Yezu yishura ati: “Sindimwo idayimoni, ahubwo ntera iteka Dawe+, namwe mukantetereza.
50 Mugabo sindiko nironderera ubuninahazwa+; hariho Umwe abundonderera kandi agaca urubanza+.
51 Ni ukuri kwose ndabibabwiye: Umuntu niyubahiriza ijambo ryanje, ntazokwigera abona urupfu+.”
52 Abayuda bamubwira bati: “Ubu rero turamenye koko yuko urimwo idayimoni+. Aburahamu yarapfuye+, n’abahanuzi nyene+; mugabo nawe ngo: ‘Umuntu niyubahiriza ijambo ryanje ntazokwigera ahonja+ urupfu.’
53 None wewe uruta+ data Aburahamu yapfuye? N’abahanuzi barapfuye+. None wewe wigira ngo uri nde?”
54 Yezu yishura ati: “Nimba nininahaza, ubuninahazwa bwanje ni ubusa. Dawe ni we aninahaza+, uwo muvuga ngo ni Imana yanyu;
55 yamara ntimwamumenye+. Mugabo jewe ndamuzi+. Kandi hamwe novuga ko ntamuzi noba mbaye umunyabinyoma nkamwe. Mugabo ndamuzi koko kandi ndubahiriza ijambo ryiwe+.
56 Aburahamu so yaranezererwa cane icizigiro co kubona umusi wanje+, kandi yarawubonye, aranezerwa+.”
57 Abayuda rero bamubwira bati: “Nta n’imyaka mirongo itanu ufise, hanyuma ngo warabonye Aburahamu?”
58 Yezu ababwira ati: “Ni ukuri kwose ndabibabwiye: Imbere y’uko Aburahamu abaho, jewe nariho+.”
59 Baca batora amabuye ngo bayamutere+; mugabo Yezu arinyegeza hanyuma arasohoka, ava mu rusengero.
Utujambo tw'epfo
^ Dufatiye ku kigiriki ni “Diyabolosi,” bisobanura ngo “Umubesheranyi.” Raba kandi Inyongera ya 21.