Yohani 7:1-53

7  Inyuma y’ivyo Yezu abandanya kugendagenda i Galilaya, kuko atashaka kugendagenda i Yudaya, kubera ko Abayuda bariko barondera kumwica+.  Ariko umusi mukuru w’Abayuda, ari wo musi mukuru w’insago+, wari hafi.  Bene wabo+ rero bamubwira bati: “Va ng’aha uje i Yudaya, kugira ngo n’abigishwa bawe babone ibikorwa ukora.  Kuko ata muntu akora ikintu mu mpisho igihe arondera kumenyekana mu bantu. Nimba ukora ivyo bintu, niwiyereke isi.”  Kukaba nkako, bene wabo+ ntibari bamwizeye+.  Yezu rero ababwira ati: “Igihe canje ntikirashika+, mugabo igihe canyu camaho.  Isi nta mpamvu ifise yo kubanka, mugabo jewe iranyanka, kuko nshinga intahe ku biyerekeye yuko ibikorwa vyayo ari bibi+.  Mwebwe nimuduge ku musi mukuru; jewe ntiharagera ko nduga kuri uwo musi mukuru, kubera ko igihe canje+ kitaragera neza+.”  Amaze kubabwira ivyo bintu, aguma i Galilaya. 10  Mugabo aho bene wabo bamariye kuduga ku musi mukuru, na we nyene ubwiwe araduga, atari ku mugaragaro, ahubwo nko mu mpisho+. 11  Abayuda batangura rero kumurondera+ kuri uwo musi mukuru, bavuga bati: “Wa muntu ari hehe?” 12  Kandi mu masinzi hari ubwongoshwe bwinshi ku bimwerekeye+. Bamwe bavuga ngo: “Ni umuntu mwiza.” Abandi na bo ngo: “Habe namba, ahubwo azimiza isinzi.” 13  Ariko nta n’umwe yavuga ivyiwe ku mugaragaro kubera ugutinya Abayuda+. 14  Igihe umusi mukuru wari ugeze hagati, Yezu araduga aja mu rusengero, atangura kwigisha+. 15  Abayuda baratangara rero, bavuga bati: “Uyu muntu yamenye gute ivy’indome+, kandi atize mu mashure+?” 16  Yezu na we arabishura, avuga ati: “Ivyo nigisha si ivyanje, ahubwo ni ivy’uwandungitse+. 17  Nimba umuntu yipfuza gukora ukugomba kw’Uyo, azomenya ivyerekeye iyo nyigisho, ko iva ku Mana+ canke ko mvuga ivyo nibwiye. 18  Uwuvuga ivyo yibwiye aba ariko arondera ubuninahazwa bwiwe bwite; mugabo uwurondera ubuninahazwa+ bw’uwamurungitse, uwo ni we w’ukuri, kandi nta kutagororoka kuba muri we. 19  None Musa ntiyabahaye Itegeko+? Mugabo nta n’umwe muri mwebwe agamburuka Itegeko. Kubera iki murondera kunyica+?” 20  Isinzi ryishura riti: “Wewe urimwo idayimoni*+. Ni nde ariko arondera kukwica?” 21  Yezu abishura ati: “Nakoze igikorwa kimwe+, namwe mwese muratangara. 22  Ni co gituma Musa yabahaye ukugenyerwa+—atari ukubera yuko kuva kuri Musa, ahubwo kubera yuko kuva kuri ba sogokuruza+—kandi muragenyera umuntu kw’isabato. 23  Nimba umuntu agenyerwa kw’isabato kugira ngo itegeko rya Musa ntirirengwe, mungiriye ishavu rirerire kubera ko nakijije umuntu kw’isabato+? 24  Reka guca urubanza mufatiye ku biboneka inyuma, ahubwo ba muca urubanza rugororotse+.” 25  Bamwe mu baba i Yeruzalemu rero batangura kuvuga bati: “Uwu si wa muntu bariko barondera kwica+? 26  Yamara raba ariko avugira ku mugaragaro+, kandi nta na kimwe bamubwira. None abatware barazi neza yuko uyu ari we Kristu+? 27  Ariko tweho turazi iyo uyu muntu ava+; yamara Kristu niyaza, nta n’umwe azomenya iyo ava+.” 28  Yezu rero, ariko arigisha mu rusengero, arasemerera ati: “Mwebwe muranzi kandi murazi n’iyo mva+. Vyongeye, sinaje ndavyigeneye+, mugabo uwandungitse ariho koko+, kandi mwebwe ntimumuzi+. 29  Jewe ndamuzi+, kubera ko ndi uwumuserukira yavuye kuri we, kandi Uwo yarantumye+.” 30  Baca batangura kurondera kumufata+, mugabo ntihagira n’umwe amushirako ukuboko, kuko isaha+ yiwe itari bwagere. 31  Mugabo benshi muri iryo sinzi baramwizera+; hanyuma batangura kuvuga bati: “Kristu niyashika, mugira ngo azokora ibimenyetso+ biruta ivyo uyu muntu yakoze?” 32  Abafarizayo bumva isinzi rivugira mu ntamatama ivyo bintu kuri we, hanyuma abakuru b’abaherezi n’Abafarizayo batuma abapolisi kumufata+. 33  Yezu rero avuga ati: “Ndacari kumwe namwe akandi kanya gatoyi, imbere y’uko nja ku wandungitse+. 34  Muzondondera+, mugabo ntimuzombona, kandi aho nzoba ndi ntimushobora kuhaza+.” 35  Abayuda rero bavugana hagati yabo bati: “Uyu muntu agomba aje hehe ku buryo tutazomubona? Yoba agomba kuja ku Bayuda bashwiragiye+ mu Bagiriki ngo yigishe Abagiriki? 36  Iryo jambo risobanura iki, aho avuga ngo: ‘Muzondondera, mugabo ntimuzombona, kandi aho nzoba ndi ntimushobora kuhaza’?” 37  Ku musi wa nyuma, ari wo uhambaye kuri uwo musi mukuru+, Yezu arahagarara, arasemerera ati: “Nimba hari uwunyotewe+, naze kuri jewe anywe. 38  Uwunyizera+, nk’uko Icanditswe cavuze, ‘Imbere muri we hazotemba imigezi y’amazi mazima+.’” 39  Ariko ivyo yabivuga ku vyerekeye impwemu abamwizeye bari bagiye kuronka; kuko kugeza ico gihe ata mpwemu yari bwahabe+, kuko Yezu atari bwaninahazwe+. 40  Bamwe muri iryo sinzi rero ngo bumve ayo majambo, batangura kuvuga bati: “Emwe, uyu ni Wa Muhanuzi+.” 41  Abandi na bo bati: “Uyu ni we Kristu+.” Mugabo bamwe bakavuga bati: “None Kristu+ vy’ukuri yovuye i Galilaya+? 42  Mbega Icanditswe nticavuze yuko Kristu yovuye mu ruvyaro rwa Dawidi+, n’i Betelehemu+ ca kigwati Dawidi yabamwo+?” 43  Iryo sinzi rero riracanamwo kubera we+. 44  Mugabo bamwe muri bo bashaka kumufata, ariko ntihagira n’umwe amushirako amaboko. 45  Nya bapolisi rero basubira kuri ba bakuru b’abaherezi n’Abafarizayo, maze bano bababwira bati: “Kubera iki mutamuzanye?” 46  Nya bapolisi bishura bati: “Ntiharigera haboneka umuntu avuga nka we+.” 47  Abafarizayo na bo bishura bati: “Mbega namwe mwazimijwe? 48  Hari n’umwe mu batware canke mu Bafarizayo yamwizeye+? 49  Mugabo iri sinzi ritazi Itegeko ni ibivume+.” 50  Nikodemu, uwari yaje kuri we imbere yaho, akaba kandi yari uwo muri bo, ababwira ati: 51  “None itegeko ryacu riracira umuntu urubanza ritabanje kumwumva+ ngo rimenye ivyo ariko arakora?” 52  Bamwishura bati: “Mbega nawe uri uw’i Galilaya? Sesangura urabe ko hari umuhanuzi+ yohagurukijwe i Galilaya*.” * Ivyandiko vy’iminwe (Codex Sinaiticus, Codex Vaticanus na Sinaitic Syriac codex) birakuramwo umurongo wa 53 gushika ku kigabane ca 8, umurongo wa 11. Ico gisomwa (ariko harimwo udutandukaniro mu bisomwa bimwebimwe n’impinduro vy’ikigiriki), kigira giti: 53  Nuko baragenda umwe wese i muhira iwe.

Utujambo tw'epfo

Raba Inyongera ya 21.