Yohani 6:1-71
6 Hanyuma Yezu aja hakurya y’ikiyaga c’i Galilaya, ari co Tiberiya+.
2 Mugabo isinzi rinini riguma rimukurikira, kubera bariko babona ibimenyetso akora ku bari barwaye+.
3 Yezu aduga ku musozi+, hanyuma yicarayo ari kumwe n’abigishwa biwe.
4 Ico gihe pasika+, umusi mukuru w’Abayuda, yari hafi.
5 Yezu yunamuye amaso rero akabona yuko isinzi rinini ririko riraza kuri we, abwira Filipo ati: “Tugurira hehe imikate kugira aba barye+?”
6 Ariko yariko avuga ivyo kugira amugeze, kuko we yari azi ico yagira akore.
7 Filipo amwishura ati: “Imikate iciye idenariyo* amajana abiri ntiyobakwira ku buryo umwe wese aronka gatoyi+.”
8 Umwe mu bigishwa biwe, ari we Andereya mwene wabo na Simoni Petero, amubwira ati:
9 “Hano hariho agahungu gatoyi gafise imikate itanu ya sayiri+ n’udufi tubiri. Mugabo ivyo ni iki ku bantu benshi gutyo+?”
10 Yezu avuga ati: “Nimwicarike aba bantu nko mu gihe co gufungura+.” Kandi aho hantu hari ivyatsi vyinshi. Nya bantu rero baricara, bakaba bari nk’ibihumbi bitanu+.
11 Nuko Yezu atora nya mikate, hanyuma amaze gukenguruka, ayigaburira abari bicaye, na twa dufi nyene ku rugero bashaka+.
12 Mugabo bamaze guhaga+ abwira abigishwa biwe ati: “Nimwegeranye utumanyu dusigaye, kugira ntihagire igipfa ubusa.”
13 Baratwegeranya rero, buzuza ibisimbo cumi na bibiri nya tumanyu tuvuye kuri ya mikate itanu ya sayiri twasigajwe n’abari bariye+.
14 Nya bantu rero ngo babone ibimenyetso akora, batangura kuvuga bati: “Ni ukuri uyu ni wa muhanuzi+ yabwirizwa kuza mw’isi.”
15 Yezu rero, amenya ko bagira baze kumufata ngo bamugire umwami, aca asubira+ ku musozi wenyene.
16 Bugorovye, abigishwa biwe bamanuka ku kiyaga+,
17 hanyuma burira ubwato, bajabuka ikiyaga baja i Kaperinawumu. Ico gihe bwari bumaze kwira, kandi Yezu ntiyari bwaze aho bari.
18 Vyongeye, ikiyaga gitangura gusuriranya kubera ko umuyaga ukomeye wariko urahuhuta+.
19 Ariko bamaze gusoza nk’ibilometero bitanu canke bitandatu, babona Yezu agendagenda ku kiyaga yegera ubwato; na bo bagira ubwoba+.
20 Mugabo ababwira ati: “Ni jewe; ntimutinye+!”
21 Bagomba rero kumutwara mu bwato, ako kanya ubwato bushika i musozi aho bariko barondera kuja+.
22 Bukeye isinzi ryari rihagaze ku yindi nkengera y’ikiyaga ribona ko ata bwato buhari kiretse akato gatoyi, be n’uko Yezu atari yinjiranye mu bwato n’abigishwa biwe mugabo ko abigishwa biwe bonyene ari bo bari bagiye;
23 mugabo amato avuye i Tiberiya arashika hafi y’aho baririye ya mikate inyuma y’aho Umukama amariye gukenguruka.
24 Aho rero nya sinzi riboneye ko Yezu atari ahari canke abigishwa biwe, burira utwato twabo dutoyi, baza i Kaperinawumu kurondera+ Yezu.
25 Aho bamusangiye hakurya y’ikiyaga, bamubwira bati: “Rabi+, washitse ng’aha ryari?”
26 Yezu arabishura ati: “Ni ukuri kwose ndabibabwiye: Ntimuriko mundondera kubera mwabonye ibimenyetso, ahubwo ni kubera mwariye kuri ya mikate mugahaga+.
27 Ntimukorere ibifungurwa bibora+, ahubwo mukorere ibifungurwa bigumaho ku bw’ubuzima budahera+, ivyo Umwana w’umuntu azobaha; kuko kuri uwo ari ho Data, Imana, yashize ikidodo c’ugushimwa+.”
28 Bamubwira rero bati: “Tugire dute kugira dukore ibikorwa vy’Imana?”
29 Yezu abishura ati: “Iki ni co gikorwa c’Imana: ni uko mwizera+ uwo Uyo yatumye+.”
30 Bamubwira rero bati: “Ni ikimenyetso+ nyabaki ukora none, kugira tukibone duheze tukwemere? Ni igikorwa nyabaki ukora?
31 Ba sogokuruza bacu barariye manu*+ mu gahinga, nk’uko vyanditswe ngo: ‘Yabahaye umukate uva mw’ijuru ngo barye+.’”
32 Yezu ababwira rero ati: “Ni ukuri kwose ndabibabwiye: Musa ntiyabahaye umukate uva mw’ijuru, mugabo Dawe arabaha umukate w’ukuri uva mw’ijuru+.
33 Kuko umukate w’Imana ari uwumanuka uva mw’ijuru ugaha ubuzima isi.”
34 Bamubwira rero bati: “Mukama, urama uduha uwo mukate+.”
35 Yezu ababwira ati: “Ni jewe mukate w’ubuzima. Uwuza kuri jewe ntazogenda ashonje, kandi uwunyizera ntazokwigera anyoterwa namba+.
36 Mugabo narabibabwiye: No kumbona mwarambonye yamara ntimwemera+.
37 Ico Data ampa cose kizoza kuri jewe, kandi uwuje kuri jewe sinzokwigera ndamwirukana+;
38 kuko namanutse mva mw’ijuru+ atari ukugira ngo nkore ukugomba kwanje, mugabo ngo nkore ukugomba kw’uwandungitse+.
39 Uku ni kwo kugomba kw’uwandungitse: ni ukugira ngo sintakaze na kimwe mu vyo yampaye vyose, mugabo ngo nze ndakizure+ ku musi wa nyuma.
40 Kuko uku ari kwo kugomba kwa Data: ni uko uwo wese abona Umwana akamwizera aronka ubuzima budahera+, nanje nzomuzura ku musi wa nyuma+.”
41 Abayuda batangura rero kumwidodombera kubera yavuze ngo: “Ni jewe mukate wamanutse uva mw’ijuru+”;
42 batangura kuvuga+ bati: “Uyu si Yezu mwene Yozefu+, umwe tuzi se na nyina? Bishoboka bite ngo ubu avuge ngo: ‘Namanutse mva mw’ijuru’?”
43 Yezu abishura ati: “Reka kwidodomba hagati yanyu.
44 Nta muntu ashobora kuza kuri jewe kiretse Data yandungitse amukwegereye+; nanje nzomuzura ku musi wa nyuma+.
45 Vyanditswe mu Bahanuzi ngo: ‘Kandi bose bazokwigishwa na Yehova+.’ Umuntu wese yumvise ibiva kuri Data kandi akavyiga, aza kuri jewe+.
46 Si uko hari umuntu yabonye Data+, atari uwavuye ku Mana; uwo ni we yabonye Data+.
47 Ni ukuri kwose ndabibabwiye: Uwemera arafise ubuzima budahera+.
48 “Ni jewe mukate+ w’ubuzima.
49 Ba sogokuruza banyu barariye manu+ mu gahinga yamara barapfa.
50 Uyu ni wo mukate umanuka uva mw’ijuru, kugira ngo umuntu wese awuryeko ntapfe.
51 Ni jewe mukate muzima wamanutse uva mw’ijuru; nihagira uwurya kuri uwo mukate azobaho ibihe vyose; kandi vy’ukuri, umukate nzotanga ni umubiri wanje+ kugira ngo isi ironke ubuzima+.”
52 Abayuda batangura rero kuja impaka hagati yabo, bavuga bati: “Uyu muntu ashobora gute kuduha umubiri wiwe ngo turye?”
53 Yezu na we ababwira ati: “Ni ukuri kwose ndabibabwiye: Mutariye umubiri+ w’Umwana w’umuntu ngo munywe n’amaraso yiwe+, nta buzima mufise+ muri mwebwe.
54 Uwurya umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje arafise ubuzima budahera, nanje nzomuzura+ ku musi wa nyuma;
55 kuko umubiri wanje ari igifungurwa c’ukuri, n’amaraso yanje akaba ikinyobwa c’ukuri.
56 Uwurya umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje aguma yunze ubumwe nanje, nanje nkaguma nunze ubumwe na we+.
57 Nk’uko Data muzima+ yantumye, nanje nkaba ndiho kubera Data, n’uwundya, na we nyene azobaho kubera jewe+.
58 Uwo ni wo mukate wamanutse uva mw’ijuru. Si nka ca gihe ba sogokuruza banyu barya yamara bagapfa. Uwurya uwo mukate azobaho ibihe vyose+.”
59 Ivyo yabivuze igihe yariko arigisha mw’ikoraniro ry’icese i Kaperinawumu.
60 Benshi mu bigishwa biwe rero, aho bumviye ivyo, bavuga bati: “Iryo jambo rirababaza; ni nde yoryumviriza+?”
61 Mugabo Yezu, amenya muri we ko abigishwa biwe bariko baravyidodombera, ababwira ati: “Mbega ivyo birabatsitaje+?
62 Vyogenda gute none hamwe mwobona Umwana w’umuntu aduga iyo yahora ubwa mbere+?
63 Impwemu ni yo itanga ubuzima+; umubiri nta co umaze na gato. Amajambo mbabwiye ni impwemu+ kandi ni ubuzima+.
64 Mugabo hariho bamwe muri mwebwe batemera.” Kuko kuva mu ntango Yezu yari azi abatemera abo ari bo, n’uwomuguze uwo ari we+.
65 Nuko abandanya kuvuga ati: “Ni co gituma mbabwiye nti: Nta n’umwe ashobora kuza kuri jewe kiretse abihawe na Data+.”
66 Ku bw’ivyo benshi mu bigishwa biwe baja ku bintu bari basize inyuma+, ntibongera kugendana na we+.
67 Yezu abwira rero bamwe cumi na babiri ati: “Mbega murashaka kugenda namwe?”
68 Simoni Petero+ amwishura ati: “Mukama, tuje kwa nde+? Wewe ufise amajambo y’ubuzima budahera+;
69 kandi twaremeye, turamenya yuko uri Umweranda w’Imana+.”
70 Yezu abishura ati: “Sinabatoye none mwebwe cumi na babiri+? Yamara umwe muri mwebwe ni umubesheranyi+.”
71 Mu vy’ukuri yariko avuga Yuda mwene Simoni Isikariyoti; kuko uwo yari agiye kumugura+, naho yari uwo muri bamwe cumi na babiri.