Yohani 5:1-47

5  Hanyuma haba umusi mukuru+ w’Abayuda, Yezu na we aduga i Yeruzalemu.  I Yeruzalemu kw’irembo ry’intama+ hari ikidengeri citwa Bezata mu giheburayo, gifise amabaraza atanu.  Muri yo hari haryamye abantu indiri b’abarwayi, impumyi, abacumbagira n’abanyunyutse ibihimba vy’umubiri. 4 * ——  Mugabo ng’aho hari umugabo yari amaranye indwara yiwe imyaka mirongo itatu n’umunani.  Yezu abonye uwo mugabo aryamye hasi, kandi akaba yari azi yuko yari amaze igihe kirekire arwaye+, amubwira ati: “Urashaka gukira+?”  Nya mugabo arwaye amwishura ati: “Mutungwa, singira umuntu wo kunshira mu kidengeri iyo amazi asebuye; mugabo iyo ngize ngo ndaza uwundi aca antanga kumanukayo.”  Yezu amubwira ati: “Haguruka utore uburiri bwawe, utambuke+.”  Nya mugabo buno nyene aca arakira, atora uburiri bwiwe, atangura gutambuka. Kuri uwo musi hari kw’isabato+. 10  Abayuda rero batangura kubwira nya mugabo yakijijwe bati: “Ni kw’Isabato, ukaba rero utemerewe+ gutwara uburiri.” 11  Mugabo abishura ati: “Uwankijije nyene ni we yambwiye ati: ‘Tora uburiri bwawe utambuke.’” 12  Bamubaza bati: “Ni nde uwo muntu yakubwiye ngo: ‘Butore utambuke’?” 13  Ariko nya mugabo yakijijwe ntiyari azi uwo ari we, kuko Yezu yari yagiye, aho hantu hakaba hari isinzi. 14  Hanyuma Yezu amusanga mu rusengero, amubwira ati: “Raba wakize. Ntiwongere gucumura, kugira ntushikirwe n’ibirusha ivya mbere kuba bibi.” 15  Nya mugabo aca aragenda, abwira Abayuda ko Yezu ari we yari yamukijije. 16  Ku bw’ivyo rero, Abayuda batangura guhama+ Yezu, kubera ko yariko akora ivyo bintu mu gihe c’Isabato. 17  Mugabo abishura ati: “Dawe yagumye akora gushika n’ubu, na jewe nguma nkora+.” 18  Emwe, Abayuda baca barushirizaho kurondera kumwica+, kubera ko atariko arenga kw’Isabato gusa ahubwo kandi yariko yita Imana ngo ni Se+ wiwe bwite, akigira uwungana+ n’Imana. 19  Yezu rero abandanya kubishura ati: “Ni ukuri kwose ndabibabwiye: Umwana ntashobora gukora ikintu na kimwe avyigeneye, mugabo akora gusa ico abonye Se akora+. Kuko ivyo Uwo akora, n’Umwana abikora kuno nyene. 20  Kuko Se yiyumvamwo Umwana+ kandi akamwereka ibintu vyose we ubwiwe akora, kandi azomwereka ibikorwa biruta ivyo, kugira mutangare+. 21  Kuko nk’uko Se azura abapfuye akabagira bazima+, ni ko n’Umwana agira bazima abo ashaka+. 22  Kuko Se ata n’umwe acira urubanza, mugabo uguca imanza kwose yagushikirije Umwana+, 23  kugira bose batere iteka Umwana+ nk’uko batera iteka Se. Uwudatera iteka Umwana ntatera iteka Se yamurungitse+. 24  Ni ukuri kwose ndabibabwiye: Uwumva ijambo ryanje kandi akemera uwandungitse arafise ubuzima budahera+, kandi ntaja mu rubanza, mugabo aba avuye mu rupfu akaja mu buzima+. 25  “Ni ukuri kwose ndabibabwiye: Isaha igira igere, kandi ni ubu, aho abapfuye+ bazokwumva ijwi+ ry’Umwana w’Imana, kandi abumvirije bazobaho+. 26  Kuko nk’uko Se afise ubuzima muri we nyene+, ni ko yahaye n’Umwana kugira ubuzima muri we nyene+. 27  Kandi yamuhaye ububasha bwo guca imanza+, kubera ko ari Umwana w’umuntu+. 28  Ntimutangazwe n’ico, kuko isaha igira igere, aho abari mu mva*+ bose bazokwumva ijwi ryiwe 29  bakazivamwo, abakoze ivyiza bakazukira ubuzima+, abagiye barakora ivy’agahomerabunwa bakazukira urubanza+. 30  Sinshobora gukora ikintu na kimwe ndavyigeneye; nk’uko numva, ni ko nca urubanza; kandi urubanza nca ruragororotse+, kubera ko ntarondera ukugomba kwanje, ahubwo ndondera ukugomba+ kw’uwandungitse. 31  “Nimba ari jewe jenyene nishingira intahe+, intahe yanje si iy’ukuri+. 32  Hariho uwundi anshingira intahe, kandi ndazi ko intahe anshingira+ ari iy’ukuri. 33  Mwaratumye abantu kuri Yohani, kandi yarashingiye intahe ukuri+. 34  Ariko sinemera intahe ivuye ku muntu, mugabo ivyo ndabivuga kugira mukizwe+. 35  Uwo muntu yari itara ryaka rigakayangana, kandi namwe mu gihe gito mwaremeye kunezererwa cane umuco wiwe+. 36  Mugabo jewe ndafise intahe iruta iya Yohani, kuko ibikorwa nyene Dawe yanshinze kurangura, ibikorwa ubwavyo nkora+, binshingira intahe yuko Data yantumye. 37  Vyongeye, Data yantumye, ubwiwe yaranshingiye intahe+. Ntimurigera mwumva ijwi ryiwe canke ngo mubone ishusho yiwe+; 38  kandi ntimufise ijambo ryiwe riguma muri mwebwe, kubera ko uwo yatumye nyene mutamwemera. 39  “Murasesangura Ivyanditswe+, kubera ko mwiyumvira yuko biciye kuri vyo muzogira ubuzima budahera; kandi ivyo ni vyo nyene binshingira intahe+. 40  Yamara rero ntimushaka kuza kuri jewe ngo muronke ubuzima+. 41  Sinemera ubuninahazwa buva ku bantu+, 42  mugabo ndazi neza yuko mutagira urukundo rw’Imana muri mwebwe+. 43  Naje mw’izina rya Data+, mugabo ntimunyakira; hamwe hoshika uwundi mw’izina ryiwe bwite, uwo mwomwakira. 44  Mwokwizera mute kandi mwemera ubuninahazwa+ muhana, ntimurondere ubuninahazwa buva kuri ya Mana imwe nsa+? 45  Ntimwiyumvire yuko nzobagiriza kuri Data; hariho uwubagiriza, akaba ari Musa+, uwo mwebwe mwizigiye. 46  Nkako, iyo mwemera Musa mwari kunyemera, kuko uwo yanditse ibinyerekeye+. 47  Mugabo nimba mutemera ivyo uwo yanditse+, muzokwemera gute amajambo yanje?”

Utujambo tw'epfo

Uyu murongo uraboneka mu mpinduro zimwezimwe za Bibiliya, mugabo ntuboneka mu vyandiko vy’iminwe bikurubikuru vy’ikigiriki vya kera binyuranye.
Ijambo ku rindi ni “imva z’icibutso.” Raba kandi Inyongera ya 21.