Yohani 4:1-54

4  Umukama rero amenye yuko Abafarizayo bari bumvise ko Yezu yariko ahindura yongera abatiza+ abigishwa benshi kuruta Yohani—  naho mu vy’ukuri Yezu ubwiwe atabatiza mugabo hakabatiza abigishwa biwe—  ava i Yudaya yongera kuja i Galilaya.  Mugabo biba nkenerwa ko aca i Samariya+.  Nuko ashikira igisagara ca Samariya citwa Sikara hafi y’itongo Yakobo yahaye Yozefu umuhungu wiwe+.  Nkako, aho ni ho hari isôko rya Yakobo+. Buno Yezu, kubera ko yari aruhishijwe n’urugendo, yari yicaye kuri iryo sôko nk’uko nyene yari ari. Hari nko kw’isaha ya gatandatu.  Umugore umwe w’i Samariya aza kuvoma amazi. Yezu amubwira ati: “Mpa ico nywa.”  (Kuko abigishwa biwe bari bagiye mu gisagara kugura ivyo kurya.)  Nya Musamariyakazi rero amubwira ati: “Bishoboka bite ngo wewe, uri Umuyuda, unsabe ico kunywa, kandi jewe ndi Umusamariyakazi?” (Kuko Abayuda ata migenderanire bafitaniye n’Abasamariya+.) 10  Yezu amwishura ati: “Iyo uba wari uzi ingabirano ya gusa+ y’Imana be n’uwukubwiye ati: ‘Mpa ico kunywa,’ wari kumusaba, na we akaguha amazi mazima+.” 11  Amubwira ati: “Mutungwa, nta n’indobo ufise yo kuvoma amazi, kandi iriba ni rirerire. None ayo mazi mazima uyakura hehe? 12  None uruta+ sogokuruza wacu Yakobo, we yaduhaye iri riba kandi we ubwiwe n’abana biwe n’ibitungwa vyiwe bakaba bararinywako?” 13  Yezu amwishura ati: “Uwunywa kuri aya mazi wese azokwongera kunyoterwa. 14  Uwo wese anywa ku mazi nzomuha ntazokwigera anyoterwa na gato+, mugabo amazi nzomuha azocika muri we isôko ry’amazi+ adudubiza ngo atange ubuzima budahera+.” 15  Nya mugore amubwira ati: “Mutungwa, numpe ayo mazi, kugira sinze nyoterwe canke ngo ngume nza aha hantu kuvoma amazi.” 16  Amubwira ati: “Genda uhamagare umugabo wawe hanyuma uze ng’aha.” 17  Nya mugore amwishura ati: “Nta mugabo ngira.” Yezu amubwira ati: “Uvuze neza uti: ‘Singira umugabo.’ 18  Kuko wagize abagabo batanu, kandi uwo ufise ubu si umugabo wawe. Aho uvuze ukuri.” 19  Nya mugore amubwira ati: “Mutungwa, ndabona ko uri umuhanuzi+. 20  Ba sogokuruza bacu basengera kuri uyu musozi+; mugabo mwebwe muvuga yuko i Yeruzalemu ari ho abantu babwirizwa gusengera+.” 21  Yezu amubwira ati: “Emera ivyo mvuze, mugore: Isaha igira igere, aho mutazosengera+ Data kuri uyu musozi canke i Yeruzalemu+. 22  Mwebwe musenga ico mutazi+; twebwe dusenga ico tuzi, kubera ko ubukiriro bukomoka ku Bayuda+. 23  Yamara rero, isaha igira igere, kandi ni ubu, aho abasenga b’ukuri bazosenga Data mu mpwemu+ no mu kuri+, kuko vy’ukuri mwene abo ari bo Data arondera ngo bamusenge+. 24  Imana ni Impwemu+, kandi abayisenga bategerezwa kuyisenga mu mpwemu no mu kuri+.” 25  Nya mugore amubwira ati: “Ndazi yuko Mesiya+ ariko araza, umwe yitwa Kristu+. Aho uwo azoshikira hose, azotumenyesha ibintu vyose adahisha.” 26  Yezu amubwira ati: “Jewe uwuriko arakuvugisha ndi we+.” 27  Muri uwo mwanya abigishwa biwe barashika, baca batangazwa n’uko yariko avugana n’umugore. Ariko nta n’umwe yavuze ngo: “Urondera iki?” canke ngo: “Kubera iki uganira na we?” 28  Nya mugore aca asiga umubindi wiwe w’amazi aja mu gisagara, abwira abantu ati: 29  “Nimuze murabe umuntu yambwiye ibintu vyose nakoze. Namba ari we Kristu+?” 30  Bava mu gisagara, batangura kuza kuri we. 31  Muri ico gihe abigishwa bariko baramwinginga, bati: “Rabi+, fungura.” 32  Mugabo ababwira ati: “Jewe ndi n’ibifungurwa mwebwe mutazi.” 33  Abigishwa batangura rero kubwirana bati: “Hari uwamuzaniye ico kurya?” 34  Yezu ababwira ati: “Ibifungurwa vyanje+ ni ugukora ukugomba+ kw’uwandungitse no kurangiza igikorwa ciwe+. 35  Ntimuvuga none yuko hagisigaye amezi ane ngo iyimbura rigere? Ehe ndababwiye nti: Raramure amaso yanyu murabe imirima: ireze, igeze kwimbura+. Ubu 36  umushwabuzi ariko araronka impembo yongera yegeranya ivyamwa ku bw’ubuzima budahera+, kugira umubivyi+ n’umushwabuzi banezeranwe+. 37  Muri ivyo koko, iri jambo ni iry’ukuri ngo: Umwe ni umubivyi uwundi akaba umushwabuzi. 38  Nabatumye gushwabura ivyo mutabiriye akuya. Abandi barabize akuya+, namwe mwinjiye mu nyungu y’akuya babize.” 39  Maze benshi mu Basamariya bo muri ico gisagara baramwizera+ kubera ijambo rya nya mugore, uwashinze intahe ati: “Yambwiye ibintu vyose nakoze+.” 40  Aho rero nya Basamariya baziye kuri we, batangura kumusaba kugumana na bo; na we aguma ng’aho imisi ibiri+. 41  Ku bw’ivyo abandi benshi baremera kubera ivyo yavuze+, 42  baca batangura kubwira nya mugore bati: “Ntitucemeye kubera amajambo yawe; kuko twiyumviye ubwacu+ kandi tukamenya yuko uyu muntu vy’ukuri ari umukiza+ w’isi.” 43  Inyuma y’iyo misi ibiri ava ng’aho aja i Galilaya+. 44  Ariko Yezu ubwiwe yarashinze intahe yuko mu gihugu iwabo bwite umuhanuzi atagira iteka+. 45  Ashitse i Galilaya rero, Abanyagalilaya baramwakira, kubera ko bari babonye ibintu vyose yakoze i Yeruzalemu ku musi mukuru+, kuko na bo nyene bari bagiye kuri nya musi mukuru+. 46  Nuko yongera kuza i Kana+ h’i Galilaya, hamwe yari yahinduriye amazi umuvinyu+. Ico gihe hari umusuku umwe w’umwami yari n’umwana arwaye, i Kaperinawumu+. 47  Aho uyo muntu yumviye ko Yezu yari yavuye i Yudaya akinjira i Galilaya, aja kuri we hanyuma atangura kumusaba kumanuka agakiza umwana wiwe, kuko yari mu gupfa. 48  Ariko Yezu amubwira ati: “Mutabonye ibimenyetso+ n’ibitangaza+, ntimwemera na gato.” 49  Nya musuku w’umwami amubwira ati: “Mukama, manuka umwana wanje mutoyi atarapfa.” 50  Yezu amubwira ati: “Igire+; umwana wawe ni muzima+.” Nya muntu yemera ijambo Yezu amubwiye hanyuma arigira. 51  Mugabo akiri mu nzira amanuka, abashumba biwe baramusanganira ngo bamubwire yuko umuhungu wiwe ari muzima+. 52  Aca atangura kubabaza isaha yatoreyeko mitende. Baca bamubwira bati: “Ejo kw’isaha y’indwi ni ho inyonko+ yamuvako.” 53  Se aca amenya yuko kuri nya saha nyene+ ari ho Yezu yamubwira ati: “Umwana wawe ni muzima.” Nuko we hamwe n’urugo rwiwe rwose baremera+. 54  Vyongeye, ico cabaye ikimenyetso+ kigira kabiri Yezu yakoze igihe yava i Yudaya akinjira i Galilaya.

Utujambo tw'epfo