Yohani 4:1-54
4 Umukama rero amenye yuko Abafarizayo bari bumvise ko Yezu yariko ahindura yongera abatiza+ abigishwa benshi kuruta Yohani—
2 naho mu vy’ukuri Yezu ubwiwe atabatiza mugabo hakabatiza abigishwa biwe—
3 ava i Yudaya yongera kuja i Galilaya.
4 Mugabo biba nkenerwa ko aca i Samariya+.
5 Nuko ashikira igisagara ca Samariya citwa Sikara hafi y’itongo Yakobo yahaye Yozefu umuhungu wiwe+.
6 Nkako, aho ni ho hari isôko rya Yakobo+. Buno Yezu, kubera ko yari aruhishijwe n’urugendo, yari yicaye kuri iryo sôko nk’uko nyene yari ari. Hari nko kw’isaha ya gatandatu.
7 Umugore umwe w’i Samariya aza kuvoma amazi. Yezu amubwira ati: “Mpa ico nywa.”
8 (Kuko abigishwa biwe bari bagiye mu gisagara kugura ivyo kurya.)
9 Nya Musamariyakazi rero amubwira ati: “Bishoboka bite ngo wewe, uri Umuyuda, unsabe ico kunywa, kandi jewe ndi Umusamariyakazi?” (Kuko Abayuda ata migenderanire bafitaniye n’Abasamariya+.)
10 Yezu amwishura ati: “Iyo uba wari uzi ingabirano ya gusa+ y’Imana be n’uwukubwiye ati: ‘Mpa ico kunywa,’ wari kumusaba, na we akaguha amazi mazima+.”
11 Amubwira ati: “Mutungwa, nta n’indobo ufise yo kuvoma amazi, kandi iriba ni rirerire. None ayo mazi mazima uyakura hehe?
12 None uruta+ sogokuruza wacu Yakobo, we yaduhaye iri riba kandi we ubwiwe n’abana biwe n’ibitungwa vyiwe bakaba bararinywako?”
13 Yezu amwishura ati: “Uwunywa kuri aya mazi wese azokwongera kunyoterwa.
14 Uwo wese anywa ku mazi nzomuha ntazokwigera anyoterwa na gato+, mugabo amazi nzomuha azocika muri we isôko ry’amazi+ adudubiza ngo atange ubuzima budahera+.”
15 Nya mugore amubwira ati: “Mutungwa, numpe ayo mazi, kugira sinze nyoterwe canke ngo ngume nza aha hantu kuvoma amazi.”
16 Amubwira ati: “Genda uhamagare umugabo wawe hanyuma uze ng’aha.”
17 Nya mugore amwishura ati: “Nta mugabo ngira.” Yezu amubwira ati: “Uvuze neza uti: ‘Singira umugabo.’
18 Kuko wagize abagabo batanu, kandi uwo ufise ubu si umugabo wawe. Aho uvuze ukuri.”
19 Nya mugore amubwira ati: “Mutungwa, ndabona ko uri umuhanuzi+.
20 Ba sogokuruza bacu basengera kuri uyu musozi+; mugabo mwebwe muvuga yuko i Yeruzalemu ari ho abantu babwirizwa gusengera+.”
21 Yezu amubwira ati: “Emera ivyo mvuze, mugore: Isaha igira igere, aho mutazosengera+ Data kuri uyu musozi canke i Yeruzalemu+.
22 Mwebwe musenga ico mutazi+; twebwe dusenga ico tuzi, kubera ko ubukiriro bukomoka ku Bayuda+.
23 Yamara rero, isaha igira igere, kandi ni ubu, aho abasenga b’ukuri bazosenga Data mu mpwemu+ no mu kuri+, kuko vy’ukuri mwene abo ari bo Data arondera ngo bamusenge+.
24 Imana ni Impwemu+, kandi abayisenga bategerezwa kuyisenga mu mpwemu no mu kuri+.”
25 Nya mugore amubwira ati: “Ndazi yuko Mesiya+ ariko araza, umwe yitwa Kristu+. Aho uwo azoshikira hose, azotumenyesha ibintu vyose adahisha.”
26 Yezu amubwira ati: “Jewe uwuriko arakuvugisha ndi we+.”
27 Muri uwo mwanya abigishwa biwe barashika, baca batangazwa n’uko yariko avugana n’umugore. Ariko nta n’umwe yavuze ngo: “Urondera iki?” canke ngo: “Kubera iki uganira na we?”
28 Nya mugore aca asiga umubindi wiwe w’amazi aja mu gisagara, abwira abantu ati:
29 “Nimuze murabe umuntu yambwiye ibintu vyose nakoze. Namba ari we Kristu+?”
30 Bava mu gisagara, batangura kuza kuri we.
31 Muri ico gihe abigishwa bariko baramwinginga, bati: “Rabi+, fungura.”
32 Mugabo ababwira ati: “Jewe ndi n’ibifungurwa mwebwe mutazi.”
33 Abigishwa batangura rero kubwirana bati: “Hari uwamuzaniye ico kurya?”
34 Yezu ababwira ati: “Ibifungurwa vyanje+ ni ugukora ukugomba+ kw’uwandungitse no kurangiza igikorwa ciwe+.
35 Ntimuvuga none yuko hagisigaye amezi ane ngo iyimbura rigere? Ehe ndababwiye nti: Raramure amaso yanyu murabe imirima: ireze, igeze kwimbura+. Ubu
36 umushwabuzi ariko araronka impembo yongera yegeranya ivyamwa ku bw’ubuzima budahera+, kugira umubivyi+ n’umushwabuzi banezeranwe+.
37 Muri ivyo koko, iri jambo ni iry’ukuri ngo: Umwe ni umubivyi uwundi akaba umushwabuzi.
38 Nabatumye gushwabura ivyo mutabiriye akuya. Abandi barabize akuya+, namwe mwinjiye mu nyungu y’akuya babize.”
39 Maze benshi mu Basamariya bo muri ico gisagara baramwizera+ kubera ijambo rya nya mugore, uwashinze intahe ati: “Yambwiye ibintu vyose nakoze+.”
40 Aho rero nya Basamariya baziye kuri we, batangura kumusaba kugumana na bo; na we aguma ng’aho imisi ibiri+.
41 Ku bw’ivyo abandi benshi baremera kubera ivyo yavuze+,
42 baca batangura kubwira nya mugore bati: “Ntitucemeye kubera amajambo yawe; kuko twiyumviye ubwacu+ kandi tukamenya yuko uyu muntu vy’ukuri ari umukiza+ w’isi.”
43 Inyuma y’iyo misi ibiri ava ng’aho aja i Galilaya+.
44 Ariko Yezu ubwiwe yarashinze intahe yuko mu gihugu iwabo bwite umuhanuzi atagira iteka+.
45 Ashitse i Galilaya rero, Abanyagalilaya baramwakira, kubera ko bari babonye ibintu vyose yakoze i Yeruzalemu ku musi mukuru+, kuko na bo nyene bari bagiye kuri nya musi mukuru+.
46 Nuko yongera kuza i Kana+ h’i Galilaya, hamwe yari yahinduriye amazi umuvinyu+. Ico gihe hari umusuku umwe w’umwami yari n’umwana arwaye, i Kaperinawumu+.
47 Aho uyo muntu yumviye ko Yezu yari yavuye i Yudaya akinjira i Galilaya, aja kuri we hanyuma atangura kumusaba kumanuka agakiza umwana wiwe, kuko yari mu gupfa.
48 Ariko Yezu amubwira ati: “Mutabonye ibimenyetso+ n’ibitangaza+, ntimwemera na gato.”
49 Nya musuku w’umwami amubwira ati: “Mukama, manuka umwana wanje mutoyi atarapfa.”
50 Yezu amubwira ati: “Igire+; umwana wawe ni muzima+.” Nya muntu yemera ijambo Yezu amubwiye hanyuma arigira.
51 Mugabo akiri mu nzira amanuka, abashumba biwe baramusanganira ngo bamubwire yuko umuhungu wiwe ari muzima+.
52 Aca atangura kubabaza isaha yatoreyeko mitende. Baca bamubwira bati: “Ejo kw’isaha y’indwi ni ho inyonko+ yamuvako.”
53 Se aca amenya yuko kuri nya saha nyene+ ari ho Yezu yamubwira ati: “Umwana wawe ni muzima.” Nuko we hamwe n’urugo rwiwe rwose baremera+.
54 Vyongeye, ico cabaye ikimenyetso+ kigira kabiri Yezu yakoze igihe yava i Yudaya akinjira i Galilaya.