Yohani 3:1-36

3  Maze hari umuntu wo mu Bafarizayo yitwa Nikodemu+, akaba yari umutware w’Abayuda.  Uwo yaje kuri we mw’ijoro+, amubwira ati: “Rabi+, turazi yuko uri umwigisha+ yavuye ku Mana+; kuko ata muntu ashobora gukora ivyo bimenyetso+ ukora Imana itari kumwe na we+.”  Yezu amwishura+ ati: “Ni ukuri kwose ndabikubwiye: Umuntu atongeye kuvuka+, ntashobora kubona ubwami bw’Imana+.”  Nikodemu amubwira ati: “Umuntu ashobora gute kuvuka kandi ashaje? None arashobora kwinjira mu nda ya nyina ubugira kabiri hanyuma akavuka?”  Yezu yishura ati: “Ni ukuri kwose ndabikubwiye: Umuntu atavyawe n’amazi+ be n’impwemu+, ntashobora kwinjira mu bwami bw’Imana.  Ikivyawe n’umubiri ni umubiri, ikivyawe n’impwemu na co ni impwemu+.  Ntutangazwe n’uko nkubwiye nti: Mutegerezwa kwongera kuvuka+.  Umuyaga+ uhuhutira iyo ushaka, kandi wewe urumva umuhindo wawo mugabo ntumenya iyo uva n’iyo uriko uraja. Ukwo ni ko umuntu wese avyawe n’impwemu amera+.”  Nikodemu amwishura ati: “Ivyo bintu bishoboka gute?” 10  Yezu na we amwishura ati: “Wewe uri umwigisha wa Isirayeli ukaba utazi ivyo bintu+? 11  Ni ukuri kwose ndabikubwiye: Ico tuzi turakivuga kandi ico twabonye turagishingira intahe+, mugabo mwebwe ntimwakira intahe dushinga+. 12  Nimba ndababwiye ivyo kw’isi ntimwemere, muzokwemera gute ninababwira ivyo mw’ijuru+? 13  Vyongeye, nta muntu yaduze mw’ijuru+ atari uwamanutse ava mw’ijuru+, ari we Mwana w’umuntu+. 14  Kandi nk’uko Musa yadugije inzoka+ mu gahinga, ni ko n’Umwana w’umuntu ategerezwa kuduzwa+, 15  kugira ngo umuntu wese amwemera aronke ubuzima budahera+. 16  “Kuko Imana yakunze+ isi cane ku buryo yatanze Umwana wayo w’ikinege+, kugira ngo umuntu wese amwizera+ ntarandurwe+ ahubwo aronke ubuzima budahera+. 17  Kuko Imana yatumye Umwana wayo mw’isi, atari kugira acire urubanza+ isi, ahubwo kugira isi ikizwe+ biciye kuri we. 18  Uwumwizera ntazocirwa urubanza+. Uwutizera aramaze gucirwa urubanza, kubera ko atizeye izina ry’Umwana w’Imana w’ikinege+. 19  Iri rero ni ryo shingiro ryo guca urubanza: ni uko umuco+ waje mw’isi+ mugabo abantu bagakunda umwiza aho gukunda umuco+, kuko ibikorwa vyabo vyari bibi. 20  Kuko uwuza arakora ibintu vy’agahomerabunwa+ yanka umuco, kandi ntaza ku muco, kugira ngo ibikorwa vyiwe ntibikangirwe+. 21  Mugabo uwukora ivy’ukuri aza ku muco+, kugira ngo ibikorwa vyiwe bishirwe ahabona nk’ivyakorewe mu Mana.” 22  Inyuma y’ivyo, Yezu n’abigishwa biwe baja mu ntara ya Yudaya, ng’aho ahamara igihe kanaka ari kumwe na bo, kandi yarabatiza+. 23  Mugabo na Yohani+ yariko arabatiza ahitwa Ayinoni hafi y’i Salimu, kubera ko aho hari amazi menshi+, abantu na bo bakaguma baza kandi bakabatizwa+; 24  kuko Yohani atari bwatabwe mw’ibohero+. 25  Havyuka rero ibihari hagati y’abigishwa ba Yohani n’Umuyuda umwe ku vyerekeye ukwityorora+. 26  Nuko baza kuri Yohani, bamubwira bati: “Rabi, wa muntu yari kumwe nawe hakurya ya Yorodani, umwe washingira intahe+, raba ariko arabatiza, kandi bose bariko baja kuri we+.” 27  Yohani yishura ati: “Umuntu ntashobora kuronka ikintu na kimwe atagihawe kivuye mw’ijuru+. 28  Mwebwe ubwanyu muranshingira intahe yuko navuze nti: Sindi Kristu+, ahubwo natumwe kwitangira imbere uwo+. 29  Uwufise umugeni ni we mukwe+. Ariko umugenzi w’umukwe, iyo ahagaze amwumva, aragira akanyamuneza kenshi kubera ijwi rya nya mukwe. Ako kanyamuneza kanje rero karujujwe+. 30  Uwo ategerezwa kubandanya agwira, mugabo jewe nkabandanya ngabanuka.” 31  Uwuva hejuru ari hejuru y’abandi bose+. Uwo kw’isi ni uwo kw’isi kandi avuga ibintu vyo kw’isi+. Uwuva mw’ijuru ari hejuru y’abandi bose+. 32  Ico yabonye kandi yumvise, ico ni co ashingira intahe+, mugabo nta muntu yemera intahe yiwe+. 33  Uwemeye intahe yiwe aba ashize ikidodo ciwe kuri vyo, yuko Imana ari inyakuri+. 34  Kuko uwatumwe n’Imana avuga amajambo y’Imana+, kuko idatanga impwemu isorosoro+. 35  Se arakunda+ Umwana kandi yashize ibintu vyose mu kuboko kwiwe+. 36  Uwizera+ Umwana arafise ubuzima budahera+; uwugambararira Umwana ntazobona ubuzima+, ahubwo uburake bw’Imana buguma kuri we+.

Utujambo tw'epfo