Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Yohani 21:1-25

21  Yezu yongera kwiyereka abigishwa ku kiyaga ca Tiberiya; mugabo yiyerekana muri ubu buryo:  Abari kumwe ng’aho yari Simoni Petero na Toma uwitwa Hasa+, na Natanayeli+ w’i Kana h’i Galilaya n’abahungu ba Zebedayo+ na bandi babiri bo mu bigishwa biwe.  Simoni Petero ababwira ati: “Ndagiye kuroba.” Bamubwira bati: “Na twebwe turaje tujane.” Baragenda, burira ubwato, mugabo muri iryo joro ntibafata namba+.  Ariko buriko buraca, Yezu ahagarara kw’isesero, mugabo rero abigishwa ntibamenya ko ari Yezu+.  Maze Yezu ababwira ati: “Bana batoyi, hari ico kurya mufise?” Bamwishura bati: “Oya!”  Ababwira ati: “Terere urusenga i buryo bw’ubwato, muraronka+.” Maze bararuterera, mugabo ntibaba bagishobora kurukwega kubera ko ifi zari indiri+.  Wa mwigishwa Yezu yakunda+ abwira Petero+ rero ati: “Ni Umukama!” Ku bw’ivyo rero Simoni Petero, yumvise yuko yari Umukama, akenyera impuzu yiwe yo hejuru, kuko yari gusa, aca yitera mu kiyaga.  Mugabo abandi bigishwa baza muri ka kato gatoyi, kuko batari kure y’i musozi, hakaba hari ku metero nka mirongo icenda gusa, baza bakwega rwa rusenga rw’ifi.  Ariko bururutse i musozi bahabona umuriro w’amakara+ n’ifi ziri kuri wo be n’umukate. 10  Yezu ababwira ati: “Nimuzane nkeyi kw’ifi muhejeje gufata.” 11  Simoni Petero yurira ubwato rero, akwegera rwa rusenga i musozi rwuzuye ifi nininini, izishika ijana na mirongo itanu na zitatu. Mugabo naho zari nyinshi gutyo urusenga ntirwacitse. 12  Yezu ababwira ati: “Nimuze, mwitange umusase+.” Nta n’umwe mu bigishwa yubahutse kumubaza ati: “Uri nde?” kubera bari bazi ko yari Umukama. 13  Yezu araza, atora wa mukate arawubaha+, na za fi kuno nyene. 14  Ubwo bwari ubugira gatatu+ Yezu abonekera abigishwa inyuma y’aho azuriwe mu bapfuye. 15  Bamaze kwitanga umusase, Yezu abwira Simoni Petero ati: “Simoni mwene Yohani, urankunda kurusha izi+?” Amubwira ati: “Egome, Mukama, urazi yuko nkwiyumvamwo+.” Amubwira ati: “Gaburira imyagazi yanje y’intama+.” 16  Yongera kumubwira ubugira kabiri ati: “Simoni mwene Yohani, urankunda+?” Amubwira ati: “Egome Mukama, urazi yuko nkwiyumvamwo.” Amubwira ati: “Ragira intama zanje ntonto+.” 17  Amubwira ubugira gatatu ati: “Simoni mwene Yohani, uranyiyumvamwo?” Petero bimutera intuntu kuba amubwiye ubugira gatatu ati: “Uranyiyumvamwo?” Ni kwo kumubwira ati: “Mukama, urazi vyose+; urazi yuko nkwiyumvamwo.” Yezu amubwira ati: “Gaburira intama zanje ntonto+. 18  Ni ukuri kwose ndabikubwiye: Ukiri muto, warikenyeza, ukagendagenda aho ushaka. Mugabo niwasaza uzoramvura amaboko uwundi muntu agukenyeze+, agutware aho udashaka+.” 19  Ivyo yabivuze kugira ngo yerekane urupfu+ yoninaharishije Imana urwo ari rwo+. Nuko, amaze kuvuga ivyo, amubwira ati: “Guma unkurikira+.” 20  Petero ahindukiye abona wa mwigishwa Yezu yakunda ariko arabakurikira+, umwe kandi yari yegamiye igikiriza ciwe kuri za mfungurwa zo ku mugoroba, akavuga ati: “Mukama, ni nde akugura?” 21  Nuko Petero amukubise ijisho, abwira Yezu ati: “Mukama, uyu we bite?” 22  Yezu amubwira ati: “Nimba ngomba ko agumaho gushika nje+, bigutwaye iki? Wewe gusa guma unkurikira.” 23  Iryo jambo rero rica rikwira muri bene wacu, yuko uyo mwigishwa atopfuye. Ariko Yezu ntiyamubwiye yuko atopfuye, ahubwo yamubwiye ati: “Nimba ngomba ko agumaho+ gushika nje, bigutwaye iki?” 24  Uwo ni we mwigishwa+ ashingira intahe ivyo bintu ari na we yavyanditse, kandi turazi yuko intahe ashinga ari iy’ukuri+. 25  Kukaba nkako, hari n’ibindi vyinshi Yezu yakoze, iyo biramuka vyanditswe ido n’ido, nibaza ko isi ubwayo itoshoboye gukwirwamwo imizingo yokwanditswe+.

Amakuru yiyongereye