Yohani 20:1-31

20  Ku musi wa mbere+ w’iyinga, Mariya Magadalena aza ku mva kare hakiri mu kajoro, abona rya buye ryamaze gukurwa ku mva+.  Nuko arirukanga, aza kuri Simoni Petero no kuri wa mwigishwa+ wundi Yezu yiyumvamwo, ababwira ati: “Bakuye Umukama mu mva+, kandi ntituzi aho bamushize.”  Maze Petero+ na wa mwigishwa wundi barasohoka, bafata inzira baja ku mva.  Emwe, abo babiri batangura kwiruka bari kumwe; mugabo wa mwigishwa wundi ariruka anyaruka cane kuruta, asiga Petero, aba uwa mbere mu gushika ku mva.  Hanyuma yunamye, abona ibitambara biri hasi+, yamara ntiyinjira.  Maze na Simoni Petero araza amukurikiye, yinjira muri ya mva. Abona nya bitambara biri hasi+,  na ya mpuzu yari ku mutwe wiwe itari kumwe na vya bitambara mugabo izingiye ukwayo ahantu hamwe.  Ico gihe rero, wa mwigishwa wundi yari yabaye uwa mbere mu gushika ku mva na we arinjira, arabona maze aremera.  Kuko batari bwatahure icanditswe kivuga yuko ategerezwa kuzuka mu bapfuye+. 10  Nya bigishwa basubira i muhira iwabo. 11  Ariko Mariya aguma ahagaze hanze iruhande ya nya mva, arira. Maze akiriko ararira, arunama kuraba muri ya mva, 12  abona abamarayika+ babiri bambaye ivyera, bicaye umwe ku mutwe uwundi ku maguru aho ikiziga ca Yezu cari cashizwe. 13  Bamubwira bati: “Mugore, urizwa n’iki?” Arababwira ati: “Batwaye Umukama wanje, kandi sinzi aho bamushize.” 14  Amaze kuvuga ivyo arahindukira, abona Yezu ahagaze, mugabo ntiyamenya ko ari Yezu+. 15  Yezu amubwira ati: “Mugore, urizwa n’iki? Urondera nde+?” Kubera yibaza ko yari umurimyi, amubwira ati: “Mutungwa, nimba wamutwaye, mbwira aho wamushize, ndamukureyo.” 16  Yezu amubwira ati: “Mariya+!” Ahindukiye, amubwira mu giheburayo ati: “Rabuni+!” (bisobanura ngo: “Mwigisha!”) 17  Yezu amubwira ati: “Reka kunyumirako. Kuko ntaraduga kwa Data. Ahubwo genda kuri bene wacu+ ubabwire uti: ‘Ngira nduge kwa Dawe+ ari we So, ku Mana yanje+ ari yo Mana yanyu+.’” 18  Mariya Magadalena araza, azanira iyo nkuru abigishwa, ati: “Nabonye Umukama!”, ababwira kandi ko ari we yamubwiye ivyo bintu+. 19  Nuko rero bugorovye kuri uwo musi, umusi wa mbere w’iyinga+, kandi naho imiryango yari yugaye aho abigishwa bari kubera ugutinya+ Abayuda, Yezu araza+ ahagarara hagati yabo, ababwira ati: “Mugire amahoro+.” 20  Amaze kuvuga ivyo, abereka ibiganza vyiwe n’urubavu rwiwe+. Maze abigishwa baranezerwa+ babonye Umukama. 21  Yezu rero yongera kubabwira ati: “Mugire amahoro. Nk’uko Data yantumye+, nanje ndabarungitse+.” 22  Amaze kuvuga ivyo, abahumekerako, ababwira ati: “Nimuronke impwemu nyeranda+. 23  Nimwababarira ibicumuro vy’abantu abo ari bo bose+, bazoba babibabariwe; nimutababarira ibicumuro vy’abantu abo ari bo bose, bizoguma bitababariwe+.” 24  Mugabo Toma+, uwo muri bamwe cumi na babiri, uwitwa Hasa, ntiyari kumwe na bo igihe Yezu yaza. 25  Abandi bigishwa rero bamubwira bati: “Twabonye Umukama!” Mugabo ababwira ati: “Ntabonye mu biganza vyiwe aho imisumari yaciye, ngo ninjize urutoke aho imisumari yaciye, ngo nongere ninjize ukuboko mu rubavu rwiwe+, sinzogenda nemeye+.” 26  Nuko, haciye imisi umunani, abigishwa biwe bongera kuba bari mu nzu, na Toma ari kumwe na bo. Yezu araza naho imiryango yari yugaye, ahagarara hagati yabo, avuga ati: “Mugire amahoro+.” 27  Ubukurikira abwira Toma ati: “Shira urutoke rwawe ng’aha, urabe n’ibiganza vyanje, wongere ufate ukuboko+ kwawe ukwinjize mu rubavu rwanje, uheze ureke gukekeranya, ahubwo wemere.” 28  Toma amwishura ati: “Mukama wanje kandi Mana yanje+!” 29  Yezu amubwira ati: “Wemeye kubera umbonye? Hahirwa abemera batarinze kubona+.” 30  Nkako, Yezu yarakoreye n’ibindi bimenyetso vyinshi imbere y’abigishwa, bitanditswe muri uyu muzingo+. 31  Mugabo ibi vyaranditswe+ kugira ngo mwemere yuko Yezu ari we Kristu Umwana w’Imana, no kugira ngo, kubera ukwizera+, mugire ubuzima biciye kw’izina ryiwe.

Utujambo tw'epfo