Yohani 20:1-31
20 Ku musi wa mbere+ w’iyinga, Mariya Magadalena aza ku mva kare hakiri mu kajoro, abona rya buye ryamaze gukurwa ku mva+.
2 Nuko arirukanga, aza kuri Simoni Petero no kuri wa mwigishwa+ wundi Yezu yiyumvamwo, ababwira ati: “Bakuye Umukama mu mva+, kandi ntituzi aho bamushize.”
3 Maze Petero+ na wa mwigishwa wundi barasohoka, bafata inzira baja ku mva.
4 Emwe, abo babiri batangura kwiruka bari kumwe; mugabo wa mwigishwa wundi ariruka anyaruka cane kuruta, asiga Petero, aba uwa mbere mu gushika ku mva.
5 Hanyuma yunamye, abona ibitambara biri hasi+, yamara ntiyinjira.
6 Maze na Simoni Petero araza amukurikiye, yinjira muri ya mva. Abona nya bitambara biri hasi+,
7 na ya mpuzu yari ku mutwe wiwe itari kumwe na vya bitambara mugabo izingiye ukwayo ahantu hamwe.
8 Ico gihe rero, wa mwigishwa wundi yari yabaye uwa mbere mu gushika ku mva na we arinjira, arabona maze aremera.
9 Kuko batari bwatahure icanditswe kivuga yuko ategerezwa kuzuka mu bapfuye+.
10 Nya bigishwa basubira i muhira iwabo.
11 Ariko Mariya aguma ahagaze hanze iruhande ya nya mva, arira. Maze akiriko ararira, arunama kuraba muri ya mva,
12 abona abamarayika+ babiri bambaye ivyera, bicaye umwe ku mutwe uwundi ku maguru aho ikiziga ca Yezu cari cashizwe.
13 Bamubwira bati: “Mugore, urizwa n’iki?” Arababwira ati: “Batwaye Umukama wanje, kandi sinzi aho bamushize.”
14 Amaze kuvuga ivyo arahindukira, abona Yezu ahagaze, mugabo ntiyamenya ko ari Yezu+.
15 Yezu amubwira ati: “Mugore, urizwa n’iki? Urondera nde+?” Kubera yibaza ko yari umurimyi, amubwira ati: “Mutungwa, nimba wamutwaye, mbwira aho wamushize, ndamukureyo.”
16 Yezu amubwira ati: “Mariya+!” Ahindukiye, amubwira mu giheburayo ati: “Rabuni+!” (bisobanura ngo: “Mwigisha!”)
17 Yezu amubwira ati: “Reka kunyumirako. Kuko ntaraduga kwa Data. Ahubwo genda kuri bene wacu+ ubabwire uti: ‘Ngira nduge kwa Dawe+ ari we So, ku Mana yanje+ ari yo Mana yanyu+.’”
18 Mariya Magadalena araza, azanira iyo nkuru abigishwa, ati: “Nabonye Umukama!”, ababwira kandi ko ari we yamubwiye ivyo bintu+.
19 Nuko rero bugorovye kuri uwo musi, umusi wa mbere w’iyinga+, kandi naho imiryango yari yugaye aho abigishwa bari kubera ugutinya+ Abayuda, Yezu araza+ ahagarara hagati yabo, ababwira ati: “Mugire amahoro+.”
20 Amaze kuvuga ivyo, abereka ibiganza vyiwe n’urubavu rwiwe+. Maze abigishwa baranezerwa+ babonye Umukama.
21 Yezu rero yongera kubabwira ati: “Mugire amahoro. Nk’uko Data yantumye+, nanje ndabarungitse+.”
22 Amaze kuvuga ivyo, abahumekerako, ababwira ati: “Nimuronke impwemu nyeranda+.
23 Nimwababarira ibicumuro vy’abantu abo ari bo bose+, bazoba babibabariwe; nimutababarira ibicumuro vy’abantu abo ari bo bose, bizoguma bitababariwe+.”
24 Mugabo Toma+, uwo muri bamwe cumi na babiri, uwitwa Hasa, ntiyari kumwe na bo igihe Yezu yaza.
25 Abandi bigishwa rero bamubwira bati: “Twabonye Umukama!” Mugabo ababwira ati: “Ntabonye mu biganza vyiwe aho imisumari yaciye, ngo ninjize urutoke aho imisumari yaciye, ngo nongere ninjize ukuboko mu rubavu rwiwe+, sinzogenda nemeye+.”
26 Nuko, haciye imisi umunani, abigishwa biwe bongera kuba bari mu nzu, na Toma ari kumwe na bo. Yezu araza naho imiryango yari yugaye, ahagarara hagati yabo, avuga ati: “Mugire amahoro+.”
27 Ubukurikira abwira Toma ati: “Shira urutoke rwawe ng’aha, urabe n’ibiganza vyanje, wongere ufate ukuboko+ kwawe ukwinjize mu rubavu rwanje, uheze ureke gukekeranya, ahubwo wemere.”
28 Toma amwishura ati: “Mukama wanje kandi Mana yanje+!”
29 Yezu amubwira ati: “Wemeye kubera umbonye? Hahirwa abemera batarinze kubona+.”
30 Nkako, Yezu yarakoreye n’ibindi bimenyetso vyinshi imbere y’abigishwa, bitanditswe muri uyu muzingo+.
31 Mugabo ibi vyaranditswe+ kugira ngo mwemere yuko Yezu ari we Kristu Umwana w’Imana, no kugira ngo, kubera ukwizera+, mugire ubuzima biciye kw’izina ryiwe.