Yohani 2:1-25
2 Maze ku musi ugira gatatu haba inzimano y’ubugeni i Kana+ h’i Galilaya, kandi nyina+ wa Yezu ni ho yari.
2 Yezu hamwe n’abigishwa biwe na bo nyene bari batumiwe kuri iyo nzimano.
3 Umuvinyu ukeshe, nyina+ wa Yezu amubwira ati: “Nta muvinyu bafise.”
4 Mugabo Yezu amubwira ati: “Mpuriye ku ki nawe, ga mugore+? Isaha yanje ntiragera+.”
5 Nyina abwira abasuku ati: “Ico ababwira cose, mugikore+.”
6 Ico gihe hari imibindi itandatu y’amazi ikozwe mu mabuye iteretse ng’aho nk’uko vyasabwa n’amategeko y’Abayuda y’ivy’ukwityorora+, umwe wose ukaba washobora kujamwo ingero* zibiri canke zitatu.
7 Yezu ababwira ati: “Nimwuzuze iyo mibindi amazi.” Na bo barayuzuza gushika ku mbiga.
8 Hanyuma ababwira ati: “Nimudaheko dukeyi rero, mushire umuhagarikizi w’ubukwe.” Nuko baramushira.
9 Umuhagarikizi w’ubukwe ngo ahonje ya mazi yari yahinduwe umuvinyu+ mugabo akaba atari azi aho wavuye, naho abasuku bari badashe nya mazi bari bahazi, nya muhagarikizi w’ubukwe aca ahamagara umukwe,
10 amubwira ati: “Abandi bose babanza gutereka umuvinyu mwiza+, hanyuma abantu bamaze kuborerwa bagatereka umuvinyu ubayabaye. Wewe wabitse umuvinyu mwiza gushika ubu.”
11 Yezu ivyo yabikoreye i Kana h’i Galilaya biba intango y’ibimenyetso vyiwe, ahishura ubuninahazwa+ bwiwe; abigishwa biwe na bo baramwizera.
12 Inyuma y’ivyo, we na nyina na bene wabo+ be n’abigishwa biwe bamanuka i Kaperinawumu+, mugabo ntibahaguma imisi myinshi.
13 Ico gihe pasika*+ y’Abayuda yari hafi, Yezu na we aduga i Yeruzalemu+.
14 Asanga mu rusengero abariko bagurisha inka n’intama n’inuma+ be n’abavunja amahera bari mu bibanza vyabo.
15 Nuko, amaze gutsiba ikimoko c’imigozi, ahindira hanze y’urusengero abo bantu bose, n’intama n’inka, asesa n’ibiceri vy’abakaba amahera, yongera ahenagura amameza yabo+.
16 Abwira abariko bagurisha inuma ati: “Kura ivyo bintu ng’aha! Reka kugira iyi nzu+ ya Dawe inzu y’urudandaza+!”
17 Abigishwa biwe baca bibuka yuko vyanditswe ngo: “Umwete w’inzu yawe uzondya+.”
18 Abayuda rero bamwishura bati: “Ni ikimenyetso+ nyabaki ufise utwereka, ko uriko urakora ivyo bintu?”
19 Yezu abishura ati: “Nimusenyure uru rusengero+, nanje mu misi itatu nzoruhagurutsa.”
20 Abayuda baca bavuga bati: “Uru rusengero rwubatswe mu myaka mirongo ine n’itandatu, nawe ngo uzoruhagurutsa mu misi itatu?”
21 Mugabo yariko avuga urusengero+ rw’umubiri wiwe.
22 Mugabo aho azuriwe mu bapfuye, abigishwa biwe bibuka+ yuko ivyo yahora abivuga; baraheza bemera Icanditswe be n’ijambo Yezu yavuze.
23 Ariko igihe yari i Yeruzalemu kuri pasika, ku musi mukuru wayo+, abantu benshi barizera izina ryiwe+, babonye ibimenyetso yariko arakora+.
24 Mugabo Yezu ubwiwe ntiyabizigira+ kubera yari abazi bose
25 no kubera ko atari akeneye ko hagira n’umwe ashingira intahe umuntu, kuko we ubwiwe yari azi ikiri mu muntu+.