Yohani 2:1-25

2  Maze ku musi ugira gatatu haba inzimano y’ubugeni i Kana+ h’i Galilaya, kandi nyina+ wa Yezu ni ho yari.  Yezu hamwe n’abigishwa biwe na bo nyene bari batumiwe kuri iyo nzimano.  Umuvinyu ukeshe, nyina+ wa Yezu amubwira ati: “Nta muvinyu bafise.”  Mugabo Yezu amubwira ati: “Mpuriye ku ki nawe, ga mugore+? Isaha yanje ntiragera+.”  Nyina abwira abasuku ati: “Ico ababwira cose, mugikore+.”  Ico gihe hari imibindi itandatu y’amazi ikozwe mu mabuye iteretse ng’aho nk’uko vyasabwa n’amategeko y’Abayuda y’ivy’ukwityorora+, umwe wose ukaba washobora kujamwo ingero* zibiri canke zitatu.  Yezu ababwira ati: “Nimwuzuze iyo mibindi amazi.” Na bo barayuzuza gushika ku mbiga.  Hanyuma ababwira ati: “Nimudaheko dukeyi rero, mushire umuhagarikizi w’ubukwe.” Nuko baramushira.  Umuhagarikizi w’ubukwe ngo ahonje ya mazi yari yahinduwe umuvinyu+ mugabo akaba atari azi aho wavuye, naho abasuku bari badashe nya mazi bari bahazi, nya muhagarikizi w’ubukwe aca ahamagara umukwe, 10  amubwira ati: “Abandi bose babanza gutereka umuvinyu mwiza+, hanyuma abantu bamaze kuborerwa bagatereka umuvinyu ubayabaye. Wewe wabitse umuvinyu mwiza gushika ubu.” 11  Yezu ivyo yabikoreye i Kana h’i Galilaya biba intango y’ibimenyetso vyiwe, ahishura ubuninahazwa+ bwiwe; abigishwa biwe na bo baramwizera. 12  Inyuma y’ivyo, we na nyina na bene wabo+ be n’abigishwa biwe bamanuka i Kaperinawumu+, mugabo ntibahaguma imisi myinshi. 13  Ico gihe pasika*+ y’Abayuda yari hafi, Yezu na we aduga i Yeruzalemu+. 14  Asanga mu rusengero abariko bagurisha inka n’intama n’inuma+ be n’abavunja amahera bari mu bibanza vyabo. 15  Nuko, amaze gutsiba ikimoko c’imigozi, ahindira hanze y’urusengero abo bantu bose, n’intama n’inka, asesa n’ibiceri vy’abakaba amahera, yongera ahenagura amameza yabo+. 16  Abwira abariko bagurisha inuma ati: “Kura ivyo bintu ng’aha! Reka kugira iyi nzu+ ya Dawe inzu y’urudandaza+!” 17  Abigishwa biwe baca bibuka yuko vyanditswe ngo: “Umwete w’inzu yawe uzondya+.” 18  Abayuda rero bamwishura bati: “Ni ikimenyetso+ nyabaki ufise utwereka, ko uriko urakora ivyo bintu?” 19  Yezu abishura ati: “Nimusenyure uru rusengero+, nanje mu misi itatu nzoruhagurutsa.” 20  Abayuda baca bavuga bati: “Uru rusengero rwubatswe mu myaka mirongo ine n’itandatu, nawe ngo uzoruhagurutsa mu misi itatu?” 21  Mugabo yariko avuga urusengero+ rw’umubiri wiwe. 22  Mugabo aho azuriwe mu bapfuye, abigishwa biwe bibuka+ yuko ivyo yahora abivuga; baraheza bemera Icanditswe be n’ijambo Yezu yavuze. 23  Ariko igihe yari i Yeruzalemu kuri pasika, ku musi mukuru wayo+, abantu benshi barizera izina ryiwe+, babonye ibimenyetso yariko arakora+. 24  Mugabo Yezu ubwiwe ntiyabizigira+ kubera yari abazi bose 25  no kubera ko atari akeneye ko hagira n’umwe ashingira intahe umuntu, kuko we ubwiwe yari azi ikiri mu muntu+.

Utujambo tw'epfo

Ingero imwe yangana n’amalitiro 22.
Raba Inyongera ya 21.