Yohani 19:1-42

19  Ico gihe rero Pilato afata Yezu, aramushishagura+.  Maze abasoda bajisha urugori rw’amahwa, barumushira ku mutwe, bongera bamwambika impuzu yo hejuru y’umuyugubwe+;  batangura kuza kuri we bavuga bati: “Ndabugize, Mwami w’Abayuda!” Bongera bamukubita amakofe mu maso+.  Pilato yongera gusohoka, ababwira ati: “Raba ndamubazaniye hanze kugira mumenye ko ata kosa mbona muri we+.”  Nuko Yezu aza hanze, yambaye rwa rugori rw’amahwa na ya mpuzu yo hejuru y’umuyugubwe. Hanyuma ababwira ati: “Ng’uyu wa mugabo!”  Ariko aho abakuru b’abaherezi n’abapolisi bamuboneye, barasemerera, bati: “Mumanike! Mumanike+!” Pilato ababwira ati: “Mutware ubwanyu mumumanike, kuko jewe ata kosa mbona muri we+.”  Abayuda bamwishura bati: “Dufise itegeko+, kandi twisunze iryo tegeko, abwirizwa gupfa, kubera ko yigize umwana w’Imana+.”  Pilato rero ngo yumve iryo jambo, arushiriza kugira ubwoba;  yongera kwinjira mu kirimba ca buramatari abwira Yezu ati: “Uva hehe?” Mugabo Yezu ntiyamwishura+. 10  Pilato amubwira rero ati: “Nta co umbwira+? Ntuzi yuko mfise ububasha bwo kukurekura nkagira n’ubwo kukumanika?” 11  Yezu aramwishura ati: “Nta bubasha na bukeyi wari kungirako, iyo utaba wabuhawe buvuye hejuru+. Ni co gituma uwantanze kuri wewe afise igicumuro kinini kuruta.” 12  Ku bw’ico Pilato aguma arondera ingene yomurekura. Mugabo Abayuda barasemerera, bati: “Niwarekura uwo muntu, ntuzoba uri umugenzi wa Sezari. Umuntu wese yigira umwami, avuga nabi Sezari+.” 13  Pilato rero, amaze kwumva ayo majambo, asohokana Yezu hanze, yicara ku ntebe y’imanza ahantu hitwa Saso ry’Amabuye, mugabo mu giheburayo hakitwa Gabata. 14  Ico gihe hari ku mwiteguro+ wa pasika; hari nko kw’isaha ya gatandatu. Hanyuma abwira Abayuda ati: “Ng’uyo umwami wanyu!” 15  Ariko barasemerera bati: “Mukureho! Mukureho! Mumanike!” Pilato ababwira ati: “Manike umwami wanyu?” Abakuru b’abaherezi bishura bati: “Nta mwami dufise atari Sezari+.” 16  Ico gihe rero, aramubaha ngo amanikwe+. Maze Yezu baramujana. 17  Ubwiwe yikorera igiti co kubabarizwako+, agenda+ ahantu hitwa Ahantu h’Agahanga, ari ho bita Gologota mu giheburayo+; 18  baraheza bamumanika ng’aho+, be n’abandi babiri, umwe hino uwundi hirya, Yezu na we hagati+. 19  Pilato yandika kandi icandiko, agishira kuri ca giti co kubabarizwako. Cari canditswe ngo: “Yezu Umunyanazareti Umwami w’Abayuda+.” 20  Abayuda benshi rero basoma ico candiko, kuko ahantu Yezu yari amanitswe hari hafi y’igisagara+; kandi cari canditswe mu giheburayo, mu kilatini, mu kigiriki. 21  Ariko abakuru b’abaherezi b’Abayuda batangura kubwira Pilato bati: “Ntiwandike ngo: ‘Umwami w’Abayuda,’ ahubwo andika ko yavuze ngo: ‘Ni jewe Mwami w’Abayuda.’” 22  Pilato yishura ati: “Ico nanditse nanditse.” 23  Aho abasoda bamariye kumanika Yezu, batora impuzu ziwe zo hejuru bazigaburamwo imigabane ine, umugabane ku musoda wese, n’impuzu y’imbere. Mugabo nya mpuzu y’imbere nta mubariro yagira, ikaba yari ijishwe kuva hejuru gushika hasi+. 24  Babwirana rero bati: “Ntituyitabure, ahubwo tumenye biciye ku bupfindo uwo ija kwegukira.” Ivyo kwari ukugira icanditswe kiranguke, ngo: “Bagabanganye impuzu zanje zo hejuru, bapfindira ivyambarwa vyanje+.” Kandi ukwo ni ko abasoda bakoze ivyo bintu koko. 25  Ariko hafi y’igiti co kubabarizwako ca Yezu, hari hahagaze nyina+ wiwe be na mwene wabo na nyina; Mariya+ muka Kilopa, na Mariya Magadalena+. 26  Yezu rero, abonye nyina wiwe na wa mwigishwa yakunda+ bahagaze ng’aho, abwira nyina wiwe ati: “Mugore, ng’uyo umwana wawe!” 27  Hanyuma abwira nya mwigishwa ati: “Ng’uyo nyoko wawe!” Kuva kuri iyo saha nya mwigishwa amutwara i muhira iwe. 28  Inyuma y’ivyo, Yezu amenye ko ibintu vyose vyari birangutse, kugira icanditswe kiranguke, avuga ati: “Ndanyotewe+.” 29  Ng’aho hari icombo cuzuye umuvinyu ukarishe. Bashira rero ikinyuko cuzuye nya muvinyu ukarishe ku gati ka ezobu, bakizana ku munwa wiwe+. 30  Yezu rero amaze guhabwa nya muvinyu ukarishe, avuga ati: “Birarangutse+!”, hanyuma ajondamika umutwe, aracikana*+. 31  Maze Abayuda, kubera ko hari ku Mwiteguro+, kugira ngo ibiziga ntibigume+ ku biti vyo kubabarizwako kw’Isabato (kuko umusi w’iyo Sabato wari uwukomeye+), basaba Pilato gutegeka ko amaguru yabo avunagurwa, na nya biziga bigakurwaho. 32  Nya basoda baraza rero, bavuna amaguru y’uwa mbere n’ay’umwe wundi yari yamanikanywe na we. 33  Mugabo bashitse kuri Yezu, kubera babonye ko yamaze gupfa, ntibamuvuna amaguru. 34  Yamara umwe muri nya basoda amusogota icumu mu rubavu+, buno nyene havayo amaraso n’amazi. 35  Kandi uwabibonye yarashinze intahe, kandi intahe yiwe ni iy’ukuri, kandi uwo muntu arazi ko avuga ibintu vy’ukuri, kugira ngo namwe mwemere+. 36  Nkako, ivyo bintu vyabaye kugira icanditswe kiranguke, ngo: “Nta na rimwe mu magufa yiwe rizojanjagurwa+.” 37  Kandi vyongeye, ikindi canditswe kivuga ngo: “Bazoraba Uwo basogōse+.” 38  Nuko inyuma y’ivyo, Yozefu w’i Arimateya, uwari umwigishwa wa Yezu mugabo wo mu mpisho kubera yatinya Abayuda+, asaba Pilato uruhusha rwo gukuraho ikiziga ca Yezu; Pilato na we ararumuha+. Nuko rero araza, akuraho ikiziga ciwe+. 39  Na Nikodemu, umwe yaza ubwa mbere kuri we mw’ijoro, aza azanye ikizingo c’imira* n’imibazibazi, nk’ingero* ijana+. 40  Nuko bafata ikiziga ca Yezu bakizingira mu bitambara hamwe na nya bimota+, nk’uko Abayuda basanganywe umugenzo wo gutegura amaziko. 41  Ahantu yari yamanitswe hari umurima, kandi muri nya murima hari imva nshasha+ ata wari bwayiryamikwemwo. 42  Ng’aho rero, kubera umwiteguro+ w’Abayuda, haba ari ho bashira Yezu, kuko nya mva yari hafi.

Utujambo tw'epfo

Canke, “areka guhema.” Ijambo ku rindi ni “atanga impwemu.”
Raba Inyongera ya 21.
Ingero imwe yangana n’amagarama nka 327.