Yohani 18:1-40

18  Yezu amaze kuvuga ivyo bintu, asohokana n’abigishwa biwe bajabuka uruzi rw’isumo rwo mu rushana rwitwa Kidironi+, baja ahari umurima, hanyuma we n’abigishwa biwe bawinjiramwo+.  Yuda, umwe nyene kumugura, na we nyene aho hantu yari ahazi, kuko Yezu yari yarahahuriye kenshi n’abigishwa biwe+.  Yuda rero ahitana umugwi w’abasoda n’abapolisi b’abakuru b’abaherezi n’ab’Abafarizayo, baza ng’aho bafise ibimuri n’amatara n’ibirwanisho+.  Yezu rero amenya ibintu vyose bigira bimushikire+, aragenda, ababwira ati: “Murondera nde?”  Bamwishura bati: “Yezu Umunyanazareti+.” Ababwira ati: “Ni jewe.” Yuda, umwe nyene kumugura+, na we nyene yari ahagararanye na bo.  Ariko aho ababwiriye ati: “Ni jewe,” basubiza imigongo inyuma+, bagwa hasi.  Yongera rero kubabaza ati: “Murondera nde?” Bavuga bati: “Yezu Umunyanazareti.”  Yezu arishura ati: “Nababwiye ko ari jewe. Nimba rero ari jewe murondera, nimureke aba bagende”;  kugira ngo haranguke ijambo yavuze, ngo: “Mu bo wampaye nta n’umwe natakaje+.” 10  Maze Simoni Petero, kubera yari afise inkota, arayisokora ayikubita umushumba w’umuherezi mukuru, amuca ugutwi kw’iburyo+. Uwo mushumba yitwa Malikusi. 11  Ariko Yezu abwira Petero ati: “Shira inkota mu rwubati rwayo+. Igikombe Data yampaye, mbega sinkwiye kukinywa+ uko vyogenda kwose?” 12  Maze nya mugwi w’abasoda n’umukomanda wa gisirikare be n’abapolisi b’Abayuda bafata Yezu, baramuboha, 13  babanza kumujana kwa Anasi; kuko yari sebukwe wa Kayifa, uwari umuherezi mukuru muri uyo mwaka+. 14  Kayifa rero ni we yari yahanuye Abayuda yuko hari ku neza yabo ko umuntu umwe apfira ico gisata+. 15  Ico gihe Simoni Petero, hamwe n’uwundi mwigishwa, yariko arakurikira Yezu+. Uwo mwigishwa yari azinanyi n’umuherezi mukuru, hanyuma yinjirana na Yezu mu rugo rw’umuherezi mukuru, 16  mugabo Petero yari ahagaze hanze ku muryango+. Wa mwigishwa wundi rero, umwe yari azinanyi n’umuherezi mukuru, arasohoka avugana n’umurinzi w’umuryango, hanyuma yinjiza Petero. 17  Umusukukazi, ari we wa murinzi w’umuryango, araheza abwira Petero ati: “Mbega nawe uri uwo mu bigishwa b’uyu muntu?” Avuga ati: “Sindi uwo muri bo+.” 18  Ico gihe abashumba n’abapolisi bari bahagaze ng’aho; bari bacanye umuriro w’amakara+, kuko hari hakanye, bakaba bariko barota. Na Petero yari ahagararanye na bo yota. 19  Nuko rero umukuru w’abaherezi abaza ibibazo Yezu ku vyerekeye abigishwa biwe no ku vyerekeye inyigisho yiwe. 20  Yezu amwishura ati: “Nabwira isi ku mugaragaro. Nama nigisha mw’isinagogi no mu rusengero+, aho Abayuda bose bakoranira; kandi nta kintu na kimwe navugiye mu mpisho. 21  Umbariza iki? Baza abumvise ivyo nababwiye. Raba! Abo barazi ivyo navuze.” 22  Amaze kuvuga ivyo bintu, umwe muri ba bapolisi yari ahagaze ng’aho akubita Yezu ikofe+ mu maso, avuga ati: “Ukwo ni ko wishura umukuru w’abaherezi?” 23  Yezu amwishura ati: “Nimba mvuze nabi, erekana ico kibi; ariko nimba mvuze neza, unkubitiye iki?” 24  Maze Anasi amurungika aboshe kwa Kayifa umuherezi mukuru+. 25  Simoni Petero yari ahagaze ariko arota. Maze bamubwira bati: “Mbega nawe uri uwo mu bigishwa biwe?” Arabihakana, ati: “Sindi uwo muri bo+.” 26  Umwe mu bashumba b’umuherezi mukuru, kubera ko yari incuti ya wa muntu Petero yaca ugutwi+, avuga ati: “Sinakubonye mu murima kumwe na we?” 27  Ariko Petero yongera kubihakana; buno nyene isake ica irabika+. 28  Maze bakura Yezu kwa Kayifa bamujana ku kirimba ca buramatari+. Hari hakiri kare mu gatondo. Mugabo bobo ntibinjiye mu kirimba ca buramatari, ngo ntibahumane+, bashobore kurya pasika. 29  Pilato rero arasohoka aza aho bari, avuga ati: “Ni ikirego ki murega uyu muntu+?” 30  Bamwishura bati: “Uyu muntu iyo ataba ari inkozi y’ikibi, ntituba twamugushikirije.” 31  Ku bw’ivyo rero, Pilato ababwira ati: “Nimumujane ubwanyu mumucire urubanza nk’uko itegeko ryanyu riri+.” Abayuda bamubwira bati: “Ntitwemererwa kwica umuntu+.” 32  Kwari ukugira ngo ijambo rya Yezu riranguke, iryo yavuze ngo yerekane urupfu yabwirizwa gupfa urwo ari rwo+. 33  Nuko Pilato yongera kwinjira mu kirimba ca buramatari, ahamagara Yezu, amubwira ati: “Wewe uri umwami w’Abayuda+?” 34  Yezu amwishura ati: “Ivyo ubivuze uvyibwiye canke ni abandi bakubwiye ivyanje+?” 35  Pilato yishura ati: “Mbega jewe ndi Umuyuda? Ihanga ryawe bwite be n’abakuru b’abaherezi ni bo bakunshikirije+. Wakoze iki?” 36  Yezu yishura+ ati: “Ubwami bwanje si ubwo muri iyi si+. Iyo ubwami bwanje buba ari ubwo muri iyi si, abasuku banje bari kurwana+ ngo sinshikirizwe Abayuda. Ariko noneho, ubwami bwanje ntibukomoka ino.” 37  Pilato rero amubwira ati: “None rero wewe uri umwami?” Yezu yishura ati: “Wewe ubwawe uravuze ko ndi umwami+. Iki ni co navukiye kandi iki ni co canzanye mw’isi: ni ukugira ngo nshingire intahe ukuri+. Uwuri ku ruhande rw’ukuri+ wese yumviriza ijwi ryanje+.” 38  Pilato amubwira ati: “Ukuri ni iki?” Amaze kuvuga ivyo, yongera gusohoka aja ku Bayuda, ababwira ati: “Nta kosa mbona muri we+. 39  Vyongeye, murafise umugenzo w’uko ndabarekurira umuntu kuri pasika+. Mushaka none ndabarekurire umwami w’Abayuda?” 40  Maze bongera gusemerera bati: “Ntabe uwo muntu, ahubwo turekurire Baraba!” Baraba na we yari umwambuzi+.

Utujambo tw'epfo