Yohani 16:1-33

16  “Ndababwiye ivyo bintu ngo ntimutsitare+.  Abantu bazobaca mw’isinagogi+. Nkako, isaha iriko iragera aho umuntu wese azobica azokwiyumvira ko akoreye Imana igikorwa ceranda+.  Mugabo bazogira ivyo bintu kubera ko batamenye Data canke jewe+.  Yamara rero, ndababwiye ivyo bintu ngo isaha yavyo niyashika mwibuke ko nabibabwiye+. “Ariko ivyo sinabibabwiye mu ntango, kubera ko nari kumwe namwe.  Mugabo ubu ndiko ndagenda ku wandungitse+, yamara nta n’umwe muri mwebwe ambaza ati: ‘Uriko uja hehe?’  Mugabo kubera ko ndababwiye ivyo bintu, intuntu+ iciye yuzura imitima yanyu.  Yamara rero, ndababwiye ukuri: Ndiko ndagenda ku neza yanyu. Kuko ntagiye, wa mufasha+ ntazogenda aje kuri mwebwe; mugabo ngiye, nzomubarungikira.  Kandi uyo niyashika azoha isi ikimenyamenya kijijura ku vyerekeye igicumuro no ku vyerekeye ubugororotsi no ku vyerekeye urubanza+:  ubwa mbere, ku vyerekeye igicumuro+, kubera yuko batanyizera+; 10  hanyuma ku vyerekeye ubugororotsi+, kubera ko ndiko ndagenda kwa Data mukaba mutazokwongera kumbona; 11  maze ku vyerekeye urubanza+, kubera ko umutware w’iyi si aciriwe urubanza+. 12  “Ndacafise ibintu vyinshi vyo kubabwira, mugabo ntimushobora kuvyihanganira ubu+. 13  Ariko uwo niyashika, ya mpwemu y’ukuri+, azobarongora mu kuri kwose, kuko atazovuga avyitumye, ahubwo ibintu vyose yumva ni vyo azovuga, kandi azobamenyesha ibiriko biraza+. 14  Uwo azoninahaza jewe+, kuko azoronka ku vyanje kandi akazobibamenyesha+. 15  Ibintu vyose Data afise ni ivyanje+. Ni co gituma mvuze ko aronka ku vyanje, akabibamenyesha. 16  Mu kanya gatoyi ntimuzoba mukimbona+, kandi mu kanya gatoyi muzokwongera kumbona.” 17  Bamwe mu bigishwa biwe babwirana rero bati: “Ivyo bintu atubwiye bisobanura iki, ngo: ‘Mu kanya gatoyi ntimuzombona, kandi mu kanya gatoyi muzongera kumbona,’ kandi ngo: ‘kubera ko ndiko ndagenda kwa Data’?” 18  Ku bw’ivyo rero bariko bavuga bati: “Ivyo bintu avuze bisobanura iki, ngo: ‘akanya gatoyi’? Ntituzi ivyo ariko aravuga.” 19  Yezu yari azi+ ko bashaka kumubaza ibibazo, aca rero ababwira ati: “Muriko mubazanya hagati yanyu kuri ivyo, kubera ko mvuze nti: Mu kanya gatoyi ntimuzombona, kandi nti: mu kanya gatoyi muzongera kumbona? 20  Ni ukuri kwose ndabibabwiye: Muzorira muboroge, mugabo isi izonezerwa; muzogira intuntu+, mugabo intuntu yanyu izohinduka akanyamuneza+. 21  Umugore iyo ariko aribaruka aragira intuntu, kubera ko isaha yiwe iba igeze+; mugabo iyo yibarutse nya mwana, ntasubira kwibuka ya makuba kubera akanyamuneza k’uko umuntu yavutse mw’isi. 22  Na mwebwe rero, ubu koko muri n’intuntu; mugabo nzokwongera kubabona kandi imitima yanyu izonezerwa+, kandi akanyamuneza kanyu nta n’umwe azokabaka. 23  Kandi kuri uwo musi+ nta kibazo na kimwe muzombaza. Ni ukuri kwose ndabibabwiye: Nimwasaba Data ikintu ico ari co cose+ azokibaha mw’izina ryanje+. 24  Gushika ubu nta kintu na kimwe murasaba mw’izina ryanje. Nimusabe muzoronka, ngo akanyamuneza kanyu kuzuzwe+. 25  “Ndababwiye ivyo bintu mu bigereranyo+. Isaha iriko iragera aho ntazosubira kubabwirira mu bigereranyo, mugabo nzobamenyesha ivyerekeye Data ntomora. 26  Kuri uwo musi muzosaba mw’izina ryanje, kandi sindababwiye yuko nzobasabira kuri Data. 27  Kuko Data ubwiwe abiyumvamwo, kubera ko mwanyiyumvisemwo+ mukaba kandi mwaremeye ko naje nserukira Data+. 28  Navuye kwa Data nza mw’isi. Vyongeye, ndiko ndava mw’isi nja kwa Data+.” 29  Abigishwa biwe bavuga bati: “Raba! Ubu rero uriko uvuga utomora, kandi ntuvugira mu bigereranyo. 30  Ubu rero turamenye yuko uzi ibintu vyose+ be n’uko udakeneye ko hagira uwukubaza ibibazo+. Ivyo bituma twemera ko wavuye ku Mana+.” 31  Yezu abishura ati: “Ubu none muremeye? 32  Ehe isaha iriko iragera, kandi koko irageze, aho muzosanzara umwe wese akaja ku muhana iwe+, nanje mukansiga jenyene; yamara sindi jenyene, kuko Data ari kumwe nanje+. 33  Ndababwiye ivyo bintu ngo biciye kuri jewe mugire amahoro+. Mw’isi muragira amakuba, mugabo nimugire umutima rugabo! Jewe naratsinze isi+.”

Utujambo tw'epfo