Yohani 15:1-27
15 “Ni jewe muzabibu w’ukuri+, Dawe akaba ari we murimyi+.
2 Ishami ryose ryo muri jewe ritama ararikura+, iryama ryose na ryo akarityorora*+ kugira ngo rirushirize kwama+.
3 Mwebwe musanzwe mutyoroye kubera ijambo nababwiye+.
4 Nimugume mwunze ubumwe nanje, nanje ngume nunze ubumwe namwe+. Nk’uko ishami ridashobora kwama riri ukwa ryonyene kiretse rigumye ku muzabibu, na mwebwe nyene ntimushobora kwama, kiretse mugumye mwunze ubumwe nanje+.
5 Ni jewe muzabibu, namwe mukaba amashami. Uwuguma yunze ubumwe nanje, nanje nkaguma nunze ubumwe na we, uwo arama cane+; kubera ko mutari kumwe nanje ata na kimwe mushobora gukora.
6 Iyo umuntu atagumye yunze ubumwe nanje, aratabwa hanze nk’ishami, akuma. Hanyuma abantu baregeranya ayo mashami, bakayaterera mu muriro, agasha+.
7 Nimwaguma mwunze ubumwe nanje n’amajambo yanje akaguma muri mwebwe, murasabe ico mushaka cose kandi kizobabera kuno+.
8 Dawe araninahazwa muri ibi: ko muguma mwama ivyamwa vyinshi kandi mukerekana ko muri abigishwa banje+.
9 Nk’uko Data yankunze+ nanje nkaba narabakunze, nimugume mu rukundo rwanje.
10 Nimwubahiriza amabwirizwa yanje+, muzoguma mu rukundo rwanje, nk’uko nanje nubahirije amabwirizwa ya Data+, nkaguma mu rukundo rwiwe.
11 “Ivyo ndabibabwiye, kugira ngo akanyamuneza kanje kabe muri mwebwe kandi ngo akanyamuneza kanyu kabe akuzuye+.
12 Iri ni ryo bwirizwa ryanje: ko mukundana nk’uko nabakunze+.
13 Nta wufise urukundo ruruta uru: ko umuntu yigura abagenzi biwe+.
14 Muri abagenzi banje nimba mukora ico ndabategetse+.
15 Sinkibita abashumba, kuko umushumba atamenya ico shebuja akora. Mugabo nabise abagenzi+, kuko ibintu vyose numvise kuri Dawe nabibamenyesheje+.
16 Si mwebwe mwantoye, ahubwo ni jewe nabatoye, kandi nabashizeho kugira ngo mubandanye kandi mugume mwama ivyamwa+, no kugira ngo ivyamwa vyanyu bigumeho; kugira ngo ico musaba Data cose mw’izina ryanje akibahe+.
17 “Ivyo ndabibategetse, ngo mukundane+.
18 Isi niyabanka, mumenye ko yanyanse imbere y’uko ibanka+.
19 Iyo muba ab’isi, isi yokunze cane icayo+. Ariko kubera ko mutari ab’isi+, mugabo nkaba nabatoye mw’isi, ni co gituma isi ibanka+.
20 Mwibuke ijambo nababwiye: Umushumba ntaruta shebuja. Nimba barampamye, bazobahama na mwebwe+; nimba barubahirije ijambo ryanje, bazokwubahiriza n’iryanyu.
21 Mugabo ivyo vyose bazobibagirira kubera izina ryanje, kuko batazi uwandungitse+.
22 Iyo ntaba naraje nkababwira, nta gicumuro bobaye bafise+; mugabo ubu nta co bireguza ku gicumuro cabo+.
23 Uwunyanka aba yanka na Dawe+.
24 Iyo ntaba narakoreye muri bo ibikorwa ata wundi n’umwe yakoze+, nta gicumuro bobaye bafise+; mugabo ubu jewe na Dawe baratubonye bongera baratwanka+.
25 Ariko ni ukugira ijambo ryanditswe mw’Itegeko ryabo riranguke, irivuga ngo: ‘Banyankiye ubusa+.’
26 Umufasha niyashika, uwo nzobarungikira avuye kuri Data+, ya mpwemu y’ukuri ikomoka kuri Data, uyo ni we azonshingira intahe+;
27 namwe rero, mubwirizwa gushinga intahe+, kuko mwamanye nanje kuva mu ntango.
Utujambo tw'epfo
^ Canke, “akarituturira.”