Yohani 15:1-27

15  “Ni jewe muzabibu w’ukuri+, Dawe akaba ari we murimyi+.  Ishami ryose ryo muri jewe ritama ararikura+, iryama ryose na ryo akarityorora*+ kugira ngo rirushirize kwama+.  Mwebwe musanzwe mutyoroye kubera ijambo nababwiye+.  Nimugume mwunze ubumwe nanje, nanje ngume nunze ubumwe namwe+. Nk’uko ishami ridashobora kwama riri ukwa ryonyene kiretse rigumye ku muzabibu, na mwebwe nyene ntimushobora kwama, kiretse mugumye mwunze ubumwe nanje+.  Ni jewe muzabibu, namwe mukaba amashami. Uwuguma yunze ubumwe nanje, nanje nkaguma nunze ubumwe na we, uwo arama cane+; kubera ko mutari kumwe nanje ata na kimwe mushobora gukora.  Iyo umuntu atagumye yunze ubumwe nanje, aratabwa hanze nk’ishami, akuma. Hanyuma abantu baregeranya ayo mashami, bakayaterera mu muriro, agasha+.  Nimwaguma mwunze ubumwe nanje n’amajambo yanje akaguma muri mwebwe, murasabe ico mushaka cose kandi kizobabera kuno+.  Dawe araninahazwa muri ibi: ko muguma mwama ivyamwa vyinshi kandi mukerekana ko muri abigishwa banje+.  Nk’uko Data yankunze+ nanje nkaba narabakunze, nimugume mu rukundo rwanje. 10  Nimwubahiriza amabwirizwa yanje+, muzoguma mu rukundo rwanje, nk’uko nanje nubahirije amabwirizwa ya Data+, nkaguma mu rukundo rwiwe. 11  “Ivyo ndabibabwiye, kugira ngo akanyamuneza kanje kabe muri mwebwe kandi ngo akanyamuneza kanyu kabe akuzuye+. 12  Iri ni ryo bwirizwa ryanje: ko mukundana nk’uko nabakunze+. 13  Nta wufise urukundo ruruta uru: ko umuntu yigura abagenzi biwe+. 14  Muri abagenzi banje nimba mukora ico ndabategetse+. 15  Sinkibita abashumba, kuko umushumba atamenya ico shebuja akora. Mugabo nabise abagenzi+, kuko ibintu vyose numvise kuri Dawe nabibamenyesheje+. 16  Si mwebwe mwantoye, ahubwo ni jewe nabatoye, kandi nabashizeho kugira ngo mubandanye kandi mugume mwama ivyamwa+, no kugira ngo ivyamwa vyanyu bigumeho; kugira ngo ico musaba Data cose mw’izina ryanje akibahe+. 17  “Ivyo ndabibategetse, ngo mukundane+. 18  Isi niyabanka, mumenye ko yanyanse imbere y’uko ibanka+. 19  Iyo muba ab’isi, isi yokunze cane icayo+. Ariko kubera ko mutari ab’isi+, mugabo nkaba nabatoye mw’isi, ni co gituma isi ibanka+. 20  Mwibuke ijambo nababwiye: Umushumba ntaruta shebuja. Nimba barampamye, bazobahama na mwebwe+; nimba barubahirije ijambo ryanje, bazokwubahiriza n’iryanyu. 21  Mugabo ivyo vyose bazobibagirira kubera izina ryanje, kuko batazi uwandungitse+. 22  Iyo ntaba naraje nkababwira, nta gicumuro bobaye bafise+; mugabo ubu nta co bireguza ku gicumuro cabo+. 23  Uwunyanka aba yanka na Dawe+. 24  Iyo ntaba narakoreye muri bo ibikorwa ata wundi n’umwe yakoze+, nta gicumuro bobaye bafise+; mugabo ubu jewe na Dawe baratubonye bongera baratwanka+. 25  Ariko ni ukugira ijambo ryanditswe mw’Itegeko ryabo riranguke, irivuga ngo: ‘Banyankiye ubusa+.’ 26  Umufasha niyashika, uwo nzobarungikira avuye kuri Data+, ya mpwemu y’ukuri ikomoka kuri Data, uyo ni we azonshingira intahe+; 27  namwe rero, mubwirizwa gushinga intahe+, kuko mwamanye nanje kuva mu ntango.

Utujambo tw'epfo

Canke, “akarituturira.”