Yohani 12:1-50

12  Yezu rero, hasigaye imisi itandatu ngo pasika ibe, ashika i Betaniya+ aho Lazaro+ yari, uwo Yezu yari yazuye mu bapfuye.  Ng’aho rero bamutereka imfungurwa zo ku mugoroba, Marita+ akaba yariko arabakorera+, mugabo Lazaro yari mu bari kumwe na we ku meza+.  Mariya rero atora ingero* imwe y’amavuta amota neza, ikaba yari narada nyayo+, azimvye cane, araheza asīga ibirenge vya Yezu akaza aravyumukisha umushatsi wiwe+. Inzu ica yuzura akamoto k’ayo mavuta.  Mugabo Yuda Isikariyoti+, umwe mu bigishwa biwe, uwagira amugure, avuga ati:  “Kubera iki aya mavuta amota neza+ atagurishijwe idenariyo amajana atatu zigahabwa aboro+?”  Mugabo ivyo ntiyabivuze kubera ko yari ababaye aboro, ahubwo kwari ukubera yari igisuma+, akaba kandi ari we yari afise isandugu y’amahera+ akaza aratwara amahera yashirwamwo.  Yezu rero avuga ati: “Mureke, agumye uwo mugenzo ku bw’umusi w’amaziko yanje+.  Kuko aboro+ mubamana, mugabo jewe ntimuzonyamana.”  Isinzi rinini ry’Abayuda rero rimenya ko yari ng’aho, baca baraza, atari kubera Yezu gusa, ariko kandi kugira barabe Lazaro, uwo yari yazuye mu bapfuye+. 10  Abakuru b’abaherezi baca baja inama yo kwica na Lazaro+, 11  kuko benshi mu Bayuda bariko bajayo kubera we, bakizera Yezu+. 12  Bukeye, isinzi rinini ryari ryaje ku musi mukuru, ryumvise ko Yezu yariko araza i Yeruzalemu, 13  rifata amashami y’ibigazi+, baja kumusanganira. Batangura gusemerera+ bati: “Kiza, turagutakambiye+! Arahezagiwe uwuje mw’izina rya Yehova+, egome, umwami+ wa Isirayeli!” 14  Mugabo Yezu aronse indogobwa ikiri nto+, ayicarako, nk’uko vyanditswe ngo: 15  “Ntutinye, mukobwa wa Siyoni. Raba! Umwami wawe araje+, yicaye ku mwana w’indogobwa+.” 16  Ivyo bintu abigishwa biwe ntibavyitayeho mu ntango+, mugabo igihe Yezu yaninahazwa+ ni ho bibuka yuko ivyo bintu vyari vyanditswe kuri we be n’uko babimugiriye+. 17  Nuko, isinzi ryari kumwe na we igihe yahamagara Lazaro+ ngo ave mu mva akamuzura mu bapfuye riguma rishinga intahe+. 18  Nya sinzi rero, kubera ryari ryumvise ko yari yakoze ico kimenyetso+, na ryo nyene riramusanganira. 19  Abafarizayo+ rero bavugana hagati yabo bati: “Murabona ko ata na kimwe muriko murashikako. Raba! Isi yose yamukondoreye inyuma+.” 20  Ico gihe hari Abagiriki+ bamwe mu bari baduze gusenga ku musi mukuru. 21  Abo rero begera Filipo+ uwava i Betsayida h’i Galilaya, batangura kumusaba bati: “Mutungwa, dushaka kubona Yezu+.” 22  Filipo araza abwira Andereya. Andereya na Filipo baraza babwira Yezu. 23  Mugabo Yezu abishura ati: “Isaha irageze y’uko Umwana w’umuntu aninahazwa+. 24  Ni ukuri kwose ndabibabwiye: Agatete k’ingano kataguye mw’ivu ngo gapfe, kaguma ari kamwe gusa; mugabo iyo gapfuye+, karaheza kakama vyinshi. 25  Uwukunda cane ubuzima bwiwe aba abwishe, mugabo uwanka ubuzima+ bwiwe muri iyi si azobuzigama ku bw’ubuzima budahera+. 26  Nimba umuntu ashaka kunkorera, nankurikire, kandi aho ndi ni ho n’umusuku wanje azoba+. Nimba umuntu ashaka kunsukurira, Data azomutera iteka+. 27  Ubu umutima wanje urahagaze+. None mvuge iki? Data, nkiza iyi saha+. Yamara rero, iki ni co catumye nshika kuri iyi saha. 28  Data, ninahaza izina ryawe.” Ijwi+ rero riva mw’ijuru riti: “Nararininahaje kandi nzokwongera kurininahaza+.” 29  Isinzi rero ryari rihagaze ng’aho rikaryumva, ritangura kuvuga yuko hasanye umuturagaro. Abandi batangura kuvuga bati: “Umumarayika avuganye na we.” 30  Yezu yishura ati: “Iryo jwi ntiryumvikanye ku bwanje, ahubwo ryumvikanye ku bwanyu+. 31  Ubu iyi si iraciriwe urubanza; ubu umutware+ w’iyi si agira atabwe hanze+. 32  Yamara jewe, ninaduzwa+ ngakurwa kw’isi, nzokwikwegerako abantu b’uburyo bwose+.” 33  Ivyo mu vy’ukuri yariko abivuga ngo yerekane urupfu yagira apfe urwo ari rwo+. 34  Isinzi rero rimwishura riti: “Twumvise mw’Itegeko yuko Kristu agumaho ibihe vyose+; none uvuga gute yuko Umwana w’umuntu ategerezwa kuduzwa+? Uwo Mwana w’umuntu ni nde+?” 35  Yezu rero ababwira ati: “Umuco uzoba muri mwebwe akandi kanya gatoyi. Nimugende umwanya mugifise umuco, kugira ngo umwiza+ ntubaneshe; kandi uwugendera mu mwiza ntamenya iyo ariko araja+. 36  Umwanya mugifise umuco, nimwizere umuco, kugira ngo mucike abana b’umuco+.” Yezu avuga ivyo bintu, aca aragenda, yinyegeza nya bantu. 37  Mugabo naho yari yakoreye ibimenyetso vyinshi gutyo imbere yabo, ntibamwizera, 38  ku buryo ijambo rya Yesaya umuhanuzi ryarangutse, iryo yavuze ati: “Yehova, ni nde yizeye ico twebwe twumvise+? Nayo ukuboko kwa Yehova, ni nde kwahishuriwe+?” 39  Icatumye badashobora kwemera, ni uko Yesaya yavuze kandi ati: 40  “Yahumye amaso yabo yongera akomantaza imitima yabo+, kugira ngo ntibabone n’amaso yabo, ngo bategere iciyumviro n’imitima yabo hanyuma bahindukire nanje ndabakize+.” 41  Yesaya yavuze ivyo bintu kubera ko yabonye ubuninahazwa bwiwe+, kandi akavuga ivyiwe. 42  Ariko no mu batware, benshi baramwizeye vy’ukuri+, mugabo ntibamwemera icese kubera Abafarizayo, kugira ngo ntibirukanwe mw’isinagogi+; 43  kuko bakunda ubuninahazwa bw’abantu gusumba mbere ubuninahazwa bw’Imana+. 44  Ariko Yezu arasemerera, ati: “Uwunyizeye ntaba yizeye jewe gusa, ahubwo aba yizeye n’uwandungitse+; 45  kandi uwumbonye aba abonye n’uwandungitse+. 46  Naje nk’umuco mw’isi+, kugira ngo uwunyizeye wese ntagume mu mwiza+. 47  Mugabo uwumvise amajambo yanje ntayagumye, sindamucira urubanza; kuko ntaje gucira urubanza isi+, ahubwo naje gukiza isi+. 48  Uwunkengera ntiyakire amajambo yanje ari n’uwumucira urubanza. Ijambo+ navuze ni ryo rizomucira urubanza ku musi wa nyuma; 49  kuko ntavuze ndavyitumye, ahubwo Data ubwiwe yandungitse ni we yampaye ibwirizwa ry’ivyo ntegerezwa kumenyesha n’ivyo ntegerezwa kuvuga+. 50  Kandi ndazi yuko ibwirizwa ryiwe risobanura ubuzima budahera+. Ibintu mvuga rero, nk’uko Data yabimbwiye, ni ko ndabivuga+.”

Utujambo tw'epfo

Iyo ngero yangana n’amagarama nka 327.