Yohani 1:1-51

1  Mu ntango+ Jambo+ yariho, kandi Jambo yari kumwe n’Imana+, kandi Jambo yari imana+.  Uyo mu ntango+ yari kumwe n’Imana+.  Ibintu vyose vyabayeho biciye kuri we+, kandi bidaciye kuri we nta n’ikintu na kimwe cabayeho. Icabayeho  biciye kuri we bwari ubuzima+, kandi ubuzima bwari umuco+ w’abantu.  Kandi umuco urakayanganira mu mwiza+, mugabo umwiza ntuwutsinda.  Hahagurutse umuntu yari yatumwe ngo aserukire Imana+: izina ryiwe ryari Yohani+.  Uyo muntu yaje ku bw’intahe+, kugira ngo ashingire intahe umuco+, ngo abantu b’uburyo bwose bemere biciye kuri we+.  Ntiyari uwo muco+, mugabo yari uwo gushingira intahe+ uwo muco.  Umuco w’ukuri+ uha umuco+ abantu b’uburyo bwose+ wagira uze mw’isi. 10  Yari mw’isi+, kandi isi yabayeho biciye kuri we+, mugabo isi ntiyamumenye. 11  Yaje iwe, mugabo abiwe ntibamwakiriye+. 12  Ariko abamwakiriye bose+ yabahaye ububasha bwo gucika abana b’Imana+, kubera ko bari bizeye izina ryiwe+; 13  kandi ntibavyawe n’amaraso canke ukugomba kw’umubiri canke ukugomba kw’umuntu, ahubwo bavyawe n’Imana+. 14  Nuko Jambo acika umubiri+, aba hagati muri twebwe, kandi twaritegereje ubuninahazwa bwiwe, ubuninahazwa nk’ubw’umwana w’ikinege+ ava kuri se; kandi yari yuzuye ubuntu ata wari abukwiriye be n’ukuri+. 15  (Yohani yaramushingiye intahe, egome, mu vy’ukuri yarasemereye—uyo ni we yabivuze—ati: “Uwuriko araza inyuma yanje yarandenganye, kuko yabayeho imbere yanje+.”) 16  Kuko twese twaronse bivuye ku kunengesera kwiwe+, egome, ubuntu ata wari abukwiriye ku buntu ata wari abukwiriye+. 17  Kubera ko Itegeko ryatanzwe biciye kuri Musa+, ubuntu ata wari abukwiriye+ be n’ukuri+ vyaje biciye kuri Yezu Kristu. 18  Nta muntu n’umwe yigeze kubona Imana+; wa mwana w’ikinege*+ ari mu gikiriza+ ca Se ni we yayisiguye+. 19  Iyi rero ni yo ntahe ya Yohani igihe Abayuda batuma kuri we abaherezi n’Abalewi bavuye i Yeruzalemu kumubaza bati: “Uri nde+?” 20  Kandi yaremeye icese ntiyahakana, mugabo yemera icese ati: “Jewe sindi Kristu+.” 21  Na bo bamubaza bati: “Ni gute none? Uri Eliya+?” Na we ati: “Sindi we.” “Uri wa Muhanuzi none+?” Na we arishura ati: “Oya!” 22  Nuko rero bamubwira bati: “Uri nde? kugira ngo duhe inyishu abaturungitse. Wewe wivugako iki+?” 23  Avuga ati: “Ndi ijwi ry’umuntu ariko arasemerera mu gahinga, ati: ‘Nimugorore inzira ya Yehova,’ nk’uko Yesaya umuhanuzi yavuze+.” 24  Ico gihe abari batumwe bari abo mu Bafarizayo*. 25  Nuko bamubaza ibibazo, bamubwira bati: “Ni kuki none ubatiza+ nimba ubwawe utari Kristu canke Eliya canke wa Muhanuzi?” 26  Yohani arabishura ati: “Jewe mbatiza mu mazi. Hagati+ muri mwebwe harahagaze umuntu mutazi+, 27  umwe ariko araza inyuma yanje, mugabo umugozi w’inkweto* yiwe ntibinkwiriye kuwupfundurura+.” 28  Ivyo vyabereye i Betaniya hakurya ya Yorodani, aho Yohani yariko arabatiriza+. 29  Bukeye abona Yezu aza amugana, avuga ati: “Raba, Umwagazi w’intama+ w’Imana ukuraho igicumuro+ c’isi+! 30  Uyo ni umwe navuga ku bimwerekeye nti: Inyuma yanje hariko haraza umugabo yandenganye, kubera ko yabayeho imbere yanje+. 31  Na jewe sinari ndamuzi, mugabo icatumye nza mbatiza mu mazi kwari ukugira ngo ahishurirwe Isirayeli+.” 32  Yohani kandi yarashinze intahe, ati: “Nabonye impwemu imanuka nk’inuma, ivuye mw’ijuru, hanyuma iguma kuri we+. 33  Na jewe sinari ndamuzi, mugabo Umwe nyene yandungika+ kubatiza mu mazi ni we yambwiye ati: ‘Uwo wese ubona impwemu imanuka kuri we ikamugumako, uwo ni we abatiza mu mpwemu nyeranda+.’ 34  Nanje narabibonye, kandi narashinze intahe yuko uwo ari we Mwana w’Imana+.” 35  Bukeye na ho nyene, Yohani yari ahagararanye na babiri mu bigishwa biwe, 36  hanyuma yitegereje Yezu ariko aragendagenda, avuga ati: “Raba, Umwagazi w’intama+ w’Imana!” 37  Nya bigishwa babiri baramwumva avuga, baca bakurikira Yezu. 38  Maze Yezu arahindukira, hanyuma ababonye bariko baramukurikira, ababwira ati: “Murondera iki?” Bamubwira bati: “Rabi (bikaba bisobanura ngo Mwigisha), uba hehe?” 39  Ababwira ati: “Ingo, murahabona+.” Nuko baragenda, barabona aho yaba, baraheza bagumana na we uyo musi; hari nko kw’isaha y’icumi. 40  Andereya+ mwene wabo na Simoni Petero yari umwe muri abo babiri bumva ivyo Yohani avuze bagaca bakurikira Yezu. 41  Uwo yabanje kurondera mwene wabo bwite Simoni, amubwira ati: “Twabonye Mesiya+” (bikaba bisobanura ngo Kristu+). 42  Amujana kuri Yezu. Yezu amwitegereje+ avuga ati: “Uri Simoni+ mwene Yohani+; uzokwitwa Kefa” (bikaba bisobanura ngo Petero+). 43  Bukeye, yipfuza kuja i Galilaya. Nuko Yezu abona Filipo+, amubwira ati: “Nkurikira+.” 44  Filipo na we yava i Betsayida+, mu gisagara ca Andereya na Petero. 45  Filipo arondera Natanayeli+, amubwira ati: “Twabonye umwe Musa yandika ivyiwe mw’Itegeko+, n’Abahanuzi+ bakavyandika, ari we Yezu, wa mwana wa Yozefu+, w’i Nazareti.” 46  Mugabo Natanayeli amubwira ati: “Hari ikintu ciza cova i Nazareti+?” Filipo amubwira ati: “Ingo urabe.” 47  Yezu abona Natanayeli aza amugana, avuga ku bimwerekeye ati: “Raba, Umwisirayeli vy’ukuri, atarimwo ubuhendanyi+.” 48  Natanayeli amubwira ati: “Jewe wamenye gute?” Yezu amwishura ati: “Imbere y’uko Filipo aguhamagara, igihe wari munsi y’igiti c’umusukoni, nakubonye.” 49  Natanayeli aramwishura ati: “Rabi, uri Umwana w’Imana+, uri Umwami+ wa Isirayeli.” 50  Yezu amwishura ati: “Wemeye kubera ndakubwiye yuko nakubonye munsi y’igiti c’umusukoni? Uzobona ibiruta ivyo.” 51  Yongera kumubwira ati: “Ni ukuri kwose ndabibabwiye, muzobona ijuru ryuguruwe, n’abamarayika+ b’Imana baduga bongera bamanuka ku Mwana w’umuntu+.”

Utujambo tw'epfo

Dufatiye ku vyandiko vy’iminwe vy’ikigiriki vya kera cane ni “ya mana y’ikinege.” Mu vyandiko vyo mu nyuma havuga ngo “wa Mwana w’ikinege.”
Raba Inyongera ya 21.
Canke, “isandali.”