Yohani 1:1-51
1 Mu ntango+ Jambo+ yariho, kandi Jambo yari kumwe n’Imana+, kandi Jambo yari imana+.
2 Uyo mu ntango+ yari kumwe n’Imana+.
3 Ibintu vyose vyabayeho biciye kuri we+, kandi bidaciye kuri we nta n’ikintu na kimwe cabayeho.
Icabayeho
4 biciye kuri we bwari ubuzima+, kandi ubuzima bwari umuco+ w’abantu.
5 Kandi umuco urakayanganira mu mwiza+, mugabo umwiza ntuwutsinda.
6 Hahagurutse umuntu yari yatumwe ngo aserukire Imana+: izina ryiwe ryari Yohani+.
7 Uyo muntu yaje ku bw’intahe+, kugira ngo ashingire intahe umuco+, ngo abantu b’uburyo bwose bemere biciye kuri we+.
8 Ntiyari uwo muco+, mugabo yari uwo gushingira intahe+ uwo muco.
9 Umuco w’ukuri+ uha umuco+ abantu b’uburyo bwose+ wagira uze mw’isi.
10 Yari mw’isi+, kandi isi yabayeho biciye kuri we+, mugabo isi ntiyamumenye.
11 Yaje iwe, mugabo abiwe ntibamwakiriye+.
12 Ariko abamwakiriye bose+ yabahaye ububasha bwo gucika abana b’Imana+, kubera ko bari bizeye izina ryiwe+;
13 kandi ntibavyawe n’amaraso canke ukugomba kw’umubiri canke ukugomba kw’umuntu, ahubwo bavyawe n’Imana+.
14 Nuko Jambo acika umubiri+, aba hagati muri twebwe, kandi twaritegereje ubuninahazwa bwiwe, ubuninahazwa nk’ubw’umwana w’ikinege+ ava kuri se; kandi yari yuzuye ubuntu ata wari abukwiriye be n’ukuri+.
15 (Yohani yaramushingiye intahe, egome, mu vy’ukuri yarasemereye—uyo ni we yabivuze—ati: “Uwuriko araza inyuma yanje yarandenganye, kuko yabayeho imbere yanje+.”)
16 Kuko twese twaronse bivuye ku kunengesera kwiwe+, egome, ubuntu ata wari abukwiriye ku buntu ata wari abukwiriye+.
17 Kubera ko Itegeko ryatanzwe biciye kuri Musa+, ubuntu ata wari abukwiriye+ be n’ukuri+ vyaje biciye kuri Yezu Kristu.
18 Nta muntu n’umwe yigeze kubona Imana+; wa mwana w’ikinege*+ ari mu gikiriza+ ca Se ni we yayisiguye+.
19 Iyi rero ni yo ntahe ya Yohani igihe Abayuda batuma kuri we abaherezi n’Abalewi bavuye i Yeruzalemu kumubaza bati: “Uri nde+?”
20 Kandi yaremeye icese ntiyahakana, mugabo yemera icese ati: “Jewe sindi Kristu+.”
21 Na bo bamubaza bati: “Ni gute none? Uri Eliya+?” Na we ati: “Sindi we.” “Uri wa Muhanuzi none+?” Na we arishura ati: “Oya!”
22 Nuko rero bamubwira bati: “Uri nde? kugira ngo duhe inyishu abaturungitse. Wewe wivugako iki+?”
23 Avuga ati: “Ndi ijwi ry’umuntu ariko arasemerera mu gahinga, ati: ‘Nimugorore inzira ya Yehova,’ nk’uko Yesaya umuhanuzi yavuze+.”
24 Ico gihe abari batumwe bari abo mu Bafarizayo*.
25 Nuko bamubaza ibibazo, bamubwira bati: “Ni kuki none ubatiza+ nimba ubwawe utari Kristu canke Eliya canke wa Muhanuzi?”
26 Yohani arabishura ati: “Jewe mbatiza mu mazi. Hagati+ muri mwebwe harahagaze umuntu mutazi+,
27 umwe ariko araza inyuma yanje, mugabo umugozi w’inkweto* yiwe ntibinkwiriye kuwupfundurura+.”
28 Ivyo vyabereye i Betaniya hakurya ya Yorodani, aho Yohani yariko arabatiriza+.
29 Bukeye abona Yezu aza amugana, avuga ati: “Raba, Umwagazi w’intama+ w’Imana ukuraho igicumuro+ c’isi+!
30 Uyo ni umwe navuga ku bimwerekeye nti: Inyuma yanje hariko haraza umugabo yandenganye, kubera ko yabayeho imbere yanje+.
31 Na jewe sinari ndamuzi, mugabo icatumye nza mbatiza mu mazi kwari ukugira ngo ahishurirwe Isirayeli+.”
32 Yohani kandi yarashinze intahe, ati: “Nabonye impwemu imanuka nk’inuma, ivuye mw’ijuru, hanyuma iguma kuri we+.
33 Na jewe sinari ndamuzi, mugabo Umwe nyene yandungika+ kubatiza mu mazi ni we yambwiye ati: ‘Uwo wese ubona impwemu imanuka kuri we ikamugumako, uwo ni we abatiza mu mpwemu nyeranda+.’
34 Nanje narabibonye, kandi narashinze intahe yuko uwo ari we Mwana w’Imana+.”
35 Bukeye na ho nyene, Yohani yari ahagararanye na babiri mu bigishwa biwe,
36 hanyuma yitegereje Yezu ariko aragendagenda, avuga ati: “Raba, Umwagazi w’intama+ w’Imana!”
37 Nya bigishwa babiri baramwumva avuga, baca bakurikira Yezu.
38 Maze Yezu arahindukira, hanyuma ababonye bariko baramukurikira, ababwira ati: “Murondera iki?” Bamubwira bati: “Rabi (bikaba bisobanura ngo Mwigisha), uba hehe?”
39 Ababwira ati: “Ingo, murahabona+.” Nuko baragenda, barabona aho yaba, baraheza bagumana na we uyo musi; hari nko kw’isaha y’icumi.
40 Andereya+ mwene wabo na Simoni Petero yari umwe muri abo babiri bumva ivyo Yohani avuze bagaca bakurikira Yezu.
41 Uwo yabanje kurondera mwene wabo bwite Simoni, amubwira ati: “Twabonye Mesiya+” (bikaba bisobanura ngo Kristu+).
42 Amujana kuri Yezu. Yezu amwitegereje+ avuga ati: “Uri Simoni+ mwene Yohani+; uzokwitwa Kefa” (bikaba bisobanura ngo Petero+).
43 Bukeye, yipfuza kuja i Galilaya. Nuko Yezu abona Filipo+, amubwira ati: “Nkurikira+.”
44 Filipo na we yava i Betsayida+, mu gisagara ca Andereya na Petero.
45 Filipo arondera Natanayeli+, amubwira ati: “Twabonye umwe Musa yandika ivyiwe mw’Itegeko+, n’Abahanuzi+ bakavyandika, ari we Yezu, wa mwana wa Yozefu+, w’i Nazareti.”
46 Mugabo Natanayeli amubwira ati: “Hari ikintu ciza cova i Nazareti+?” Filipo amubwira ati: “Ingo urabe.”
47 Yezu abona Natanayeli aza amugana, avuga ku bimwerekeye ati: “Raba, Umwisirayeli vy’ukuri, atarimwo ubuhendanyi+.”
48 Natanayeli amubwira ati: “Jewe wamenye gute?” Yezu amwishura ati: “Imbere y’uko Filipo aguhamagara, igihe wari munsi y’igiti c’umusukoni, nakubonye.”
49 Natanayeli aramwishura ati: “Rabi, uri Umwana w’Imana+, uri Umwami+ wa Isirayeli.”
50 Yezu amwishura ati: “Wemeye kubera ndakubwiye yuko nakubonye munsi y’igiti c’umusukoni? Uzobona ibiruta ivyo.”
51 Yongera kumubwira ati: “Ni ukuri kwose ndabibabwiye, muzobona ijuru ryuguruwe, n’abamarayika+ b’Imana baduga bongera bamanuka ku Mwana w’umuntu+.”
Utujambo tw'epfo
^ Dufatiye ku vyandiko vy’iminwe vy’ikigiriki vya kera cane ni “ya mana y’ikinege.” Mu vyandiko vyo mu nyuma havuga ngo “wa Mwana w’ikinege.”
^ Raba Inyongera ya 21.
^ Canke, “isandali.”