Yobu 9:1-35
9 Yobu arishura ati:
2 “Ni ukuri ndazi ko ari ko biri.Ariko umuntu buntu ashobora gute kuba mu kuri mu rubanza aburana n’Imana+?
3 Hamwe yohimbarwa no kunigana na yo+,Ntiyoshobora kuyishura na rimwe mu ncuro igihumbi.
4 Ni inkerebutsi mu mutima ikaba n’inyenkomezi mu bubasha+.Ni nde yogira akagagazo kuri yo akagenda adakomeretse+?
5 Yimura imisozi+, ku buryo abantu ata n’ico bamenya,Ni yo yayitembagaje mw’ishavu ryayo+.
6 Ituma isi inyiganyiga ikava mu kibanza cayo,Ku buryo inkingi zayo+ zihinda agashitsi.
7 Ibwira izuba ngo ntirirase,Inyenyeri ikazikikuza ikidodo kirumya+;
8 Iramvura amajuru iri yonyene+Igatambukira ku mipfunda y’ikiyaga igereza hejuru+;
9 Ikora akarundo k’inyenyeri ka Ashi, aka Kesili,N’aka Kima+ be n’ivyumba vy’Ubumanuko;
10 Ikora ibikomeye bidaserangurika+,N’ibintu vy’agatangaza bitagira igitigiri+.
11 Raba! Ica iruhande yanje sindayibone,Ikarengana sindayimenye+.
12 Raba! Irashikura. Ni nde ashobora guhangana na yo?Ni nde yoyibwira ngo: ‘Ivyo ugira ni ibiki+?’
13 Imana ntizosubiza inyuma ishavu ryayo+;Abafasha b’ikirandaguzi+ bazokwunama koko munsi yayo.
14 Hari akantu hamwe jewe noyishura!Nzocagura amajambo ndayibwira+,
15 Imwe ntokwishura, naho noba koko ndi mu kuri+.Uwo tuburana mu rubanza nomutakambira nsaba ubutoni+.
16 Hamwe noyihamagara, mbega yonyishura+?Sinemera yuko yotega ugutwi ijwi ryanje;
17 Imwe inkomerekesha ikiruraIkagwiza vy’ukuri ibikomere vyanje ata mvo+.
18 Ntizonkundira guhema impemu nziza+,Kuko iguma ingogeza ibintu birura.
19 Nimba hari uwukomeye mu bubasha, ng’iyo+;Kandi nimba hari uwukomeye mu butungane, ese norengutswa!
20 Hamwe noba ndi mu kuri, akanwa kanje konyita umubisha;Mbaye ntagirako umugayo, yoca ivuga ko mpetaraye.
21 Mbaye ntagirako umugayo, sinokwimenya;Nokwanka ubuzima bwanje.
22 Hari ikintu kimwe. Ni co gituma mvuga nti:‘Uwutagirako umugayo, be n’umubisha nyene, irabahonya+.’
23 Hamwe isegenya ikukumura yoteza urupfu giturumbuka,Yotwenga umwiheburo w’abantu b’intungane.
24 Isi yatanzwe mu kuboko kw’umubisha+;Mu maso h’abacamanza b’isi irahapfuka.Itabaye yo, ni nde none?
25 Vyongeye imisi yanje isigaye inyaruka kurusha umwirutsi+;Irirutse, ntizogenda ibonye iciza.
26 Irenganye nk’amato y’amarenga,Nk’inkona yirasa irya n’ino irondera ico kurya+.
27 Iyo mvuze nti: ‘Hinge nibagire amaganya yanje+,Hinge mpindure mu maso+ hanje nkayangane,’
28 Nterwa ubwoba n’imibabaro yanje yose+;Ndazi neza yuko utazomfata nk’intungane.
29 Jewe mbwirizwa gucika umubisha.Kuki nirirwa ndacumukurira ubusa gusa+?
30 Hamwe vy’ukuri nokwiyuhagira mu mazi ya shelegi,Kandi vy’ukuri ngakaraba ipotasi*+,
31 Woca undumbukiriza mu cobo,N’impuzu zanje zikanyanka urunuka.
32 Kuko itari umuntu+ nkanje ngo ndayishure,Ngo tuzanane mu ntahe.
33 Nta muntu ariho wo kudutatura+,Ngo adushireko ukuboko twempi.
34 Ninkureko inkoni yayo+,N’uguca ivutu kwayo ntikuntere ubwoba.
35 Reka mvuge sinterwe ubwoba na yo,Kuko muri jewe ivyo bitandimwo.
Amakuru yiyongereye
^ Ni ubwoko bw’isabuni.