Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Yobu 8:1-22

8  Biludadi Umushuhi+ arishura ati:   “Uzogeza ryari kuguma uvuga ivyo bintu+, Kandi amajambo y’akanwa kawe ari umuyaga ukomeye gusa+?   Mbega Imana ubwayo yogoreka urubanza+, Canke Mushoboravyose ubwiwe yogoreka ubugororotsi+?   Nimba abahungu bawe ari bo bayicumuyeko, Ku buryo ibareka umugararizo wabo ukabakora*,   Wewe ubwawe niwarondera Imana+, Ugatakambira Mushoboravyose usaba ubutoni,   Nimba utyoroye kandi ukaba ugororotse+, Ubu iba imaze kwikangura ngo igutabare Ikagarura vy’ukuri ahantu uba h’ubugororotsi.   Mbere intango yawe ishobora kuba yabaye akantu gatoyi, Mugabo iherezo ryawe mu nyuma ryoba rinini cane+.   Ndakwinginze ubaze koko iyaruka rya kera+, Ushire umutima ku bintu ba se baseranguye+.   Kuko twebwe turi ab’ejo+, kandi nta co tuzi, Kuko imisi yacu kw’isi ari igitutu+. 10  None ubwabo wewe ntibazokwigisha, bakakubwira, Kandi mu mutima wabo bagasokororayo amajambo? 11  Mbega urufunzo+ rwoba rurerure ata hantu hajaga? Mbega irenga ryoba rinini ata mazi? 12  Rikiri urupfundo, batararyaha, Rizokwuma imbere y’ibindi vyatsi vyose+. 13  Ni ko n’iminyuro y’abibagira Imana bose imera+, Kandi n’icizigiro c’umuhuni kizozimangana+, 14  Umwe umwizero wiwe urandurwa, Amizero yiwe akaba ari inzu y’igitangurirwa+. 15  Azokwegamira inzu yiwe, ariko ntizoguma ihagaze; Azoyifata, ariko ntizoramba. 16  Yuzuye amazimazi imbere y’izuba, Kandi mu murima wiwe umunago wiwe uranaga+. 17  Imizi yiwe yisobanganya mu kirundo c’amabuye, Akitegereza inzu y’amabuye. 18  Nihagira uwumumira akava ahiwe+, Na ho nyene hazomwihakana, hati: ‘Sinakubonye+.’ 19  Raba! Ukwo ni ko inzira yiwe ishonga+; Kandi mu mukungugu abandi baramera. 20  Raba! Imana ntizota nk’akanuka uwutariko umugayo, Eka ntizofata ukuboko inkozi z’ikibi, 21  Gushika yujuje akanwa kawe agatwengo, N’iminwa yawe akaruru k’umunezero. 22  Abakwanka bazokwambikwa ibimaramare+, Kandi ihema ry’ababisha ntirizobaho.”

Amakuru yiyongereye

Ijambo ku rindi ni “bakaja mu kuboko kw’umugararizo wabo.”