Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Yobu 7:1-21

7  “Mbega kw’isi ntihari igikorwa c’umuruho+ ku muntu buntu, Kandi imisi yiwe si nk’imisi y’umucangero+?   Ahezagirika yipfuza igitutu+ nk’umushumba, Akarindira impembo yiwe nk’umucangero+.   Ni ko nahawe gutunga amezi*+ atagira akamaro, Bamparūrira n’amajoro y’ivyago+.   Iyo ndyamye, mvuga nti: ‘Nzovyuka ryari+?’ Umugoroba warangira na ho, nkaguma ngaragurika gushika mu bucagucagu.   Umubiri wanje wambaye inyo+ n’ivyomeke vy’umukungugu+; Urukoba rwanje rutaramyeko urukokó, rugashonga+.   Imisi yanje inyaruka+ kurusha akajishisho k’umujishi, Kandi irangiye mu mwiheburo+.   Ibuka yuko ubuzima bwanje ari umuyaga+, Yuko ijisho ryanje ritazosubira kubona iciza.   Ijisho ry’uwumbona ntirizonyitegereza; Amaso yawe azoba kuri jewe, mugabo sinzoba ndiho+.   Igicu kirarangira koko kigatumuka; Ni ko n’uwumanuka mu kuzimu* atazoduga+. 10  Ntazoba akigaruka ku nzu yiwe, Kandi iwe ntihazoba hakimumenya+. 11  Nanje rero sinzotangira akanwa kanje. Nzovuga mu marushwa y’umushaha wanje; Nzorazwa ishinga n’ukudundumirwa kw’umutima wanje+! 12  Mbega mbaye ikiyaga canke igikoko amahero co mu kiyaga, Ngo ushire umurinzi+ kuri jewe? 13  Igihe navuga nti: ‘Ubusaswa buzompoza, Igitanda canje kizomfasha kwikorera amaganya yanje,’ 14  Wanteje ubwoba indoto, Kandi ivyo nerekwa ni vyo uncisha ivutu, 15  Ku buryo mpitamwo kunigwa, Ngahitamwo urupfu+ ha guhitamwo amagufa yanje. 16  Ndabutaye nk’akanuka+; sinobaho gushika igihe kitagira urugero*. Nundeke, kuko imisi yanje ari impemu zisohotse+. 17  Umuntu buntu+ ni iki ngo umurere, Ngo ushire umutima wawe kuri we, 18  Ngo umushireko ijisho buri gitondo, Ngo ugume umugeza umwanya wose+? 19  Kuki utonkurako amaso+, Canke ngo undeke gushika mire amate yanje? 20  Nimba naracumuye, nokugira iki, wewe Ndavyi y’abantu+? Kuki wangize ico urasa, bigatuma mba umuzigo kuri wewe? 21  Kuki kandi utababarira ukugabitanya kwanje+ Ngo wirengagize ikosa ryanje? Kuko ubu ngira ndyame mu mukungugu+; Kandi uzondondera vy’ukuri, ariko sinzoba ndiho.”

Amakuru yiyongereye

Ni amezi aharurirwa ku mboneko.
Mu giheburayo ni “Sheoli” (she’ohlʹ). Raba Inyongera ya 7.
Raba Inyongera ya 21.