Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Yobu 6:1-30

6  Yobu arishura ati:  “Ese iyaba umwikomo+ wanje wopimwa wose, Ico gihe nyene n’amarushwa yanje agashirwa ku munzane!   Kuko ubu aremereye mbere kuruta imisenyi y’ibiyaga. Ni co gituma amajambo yanje abaye uguhoromboka+.   Kuko imyampi ya Mushoboravyose iri kumwe nanje+, Ubwayi bwayo akaba ari bwo umutima wanje uriko uranywa+; Ivy’agacavutu bivuye ku Mana vyitondetse ngo bindwanye+.   Mbega imparage+ yokwanaga iri ku vyatsi, Canke ishūri ikabira iri ku ndya zayo?   Mbega ibitagira akanovera vyoribwa ata munyu, Canke hari akanovera kari mu mutobe urenduka w’umusarenda?   Umutima wanje wanse gukora ku kintu na kimwe. Bimeze nk’ibifungurwa biteza indwara.   Ese iyaba ivyo nsaba vyoza Kandi Imana igashitsa icizigiro canje!   Kandi iyaba Imana yogīrako ikamfyonyora, Ikarekura ukuboko kwayo ikandandura+! 10  Mbere na vyo nyene vyombera uruhoza; Kandi notamba ngatarika+ mu bubabare bwanje bumeze nk’ubw’ibise, Naho ata mpuhwe yoba igize, kuko ntanyegeje amajambo+ ya wa Mweranda+. 11  Ububasha bwanje ni iki, ngo ngume ndindiriye+? Kandi iherezo ryanje ni iki, ngo ngume ndehura ubuzima bwanje? 12  Mbega ububasha bwanje bubaye ubw’amabuye? Canke inyama zanje zibaye iz’umujumpu? 13  Mbega ni uko ukwirwanako kutari muri jewe, N’igikorwa c’ingirakamaro kikaba cankuweko? 14  Nayo uwanka kugirira ubuntu bwuzuye urukundo mugenziwe+, N’ugutinya Mushoboravyose+ azoguheba. 15  Benewacu barahemutse+, nk’uruzi rw’isumo rwo mu rushana, Nk’umuhora w’inzuzi z’isumo zo mu rushana zihita. 16  Zarafyirifyitiye kubera ibarafu, Kuri zo ni ho shelegi* yinyegeza. 17  Igihe kigeze ziragaduka+, zikanumishwa; Iyo hashushe ziragadukira ahantu hazo+. 18  Iminyuro y’inzira yazo ikeberezwa ahandi; Ziraduga zikaja mu gahinga zikayonga. 19  Imigwi y’ingenzi y’i Tema+ yaritegereje, Igugu ry’ingenzi ry’Abasabeya+ ryarazirindiriye. 20  Baramaramaye vy’ukuri kuko bari bafise icizigiro; Barashitse na nya hantu nyene, bataha zirayoye+. 21  Kuko ubu mwacitse ubusa+; Mubona agacavutu mugatinya+. 22  Mbega ni uko navuze nti: ‘Nimumpe ikinaka, Canke muntangire impano ku bubasha bwanyu, 23  Munkize ukuboko kw’umurwanizi+, Kandi muncungure mu kuboko kw’intwazamukazo+’? 24  Nimunyigishe, nanje ndaheza ncereze+; Ikosa nakoze murintahuze+. 25  Amajambo y’ukugororoka, yoo! ntababaza+! Ariko none ugukangira kwanyu gukangira iki+? 26  Mbega ukunegura amajambo ni kwo mugīra imigambi, Kandi amajambo y’uwihebuye+ ari ayatwarwa n’umuyaga gusa+? 27  Ese ingene muzorushiriza gupfindira n’impfuvyi*+, Mukadandaza n’umugenzi wanyu+! 28  Ubu rero, jako muntege amatwi, Murabe ko ngenda mbeshe+ mu maso yanyu. 29  Garuka, ndabinginze, ntihabe ukutagororoka, Ni ukuri, nimugaruke, ubugororotsi bwanje buracarimwo+. 30  Mbega hariho ukutagororoka ku rurimi rwanje, Canke amagage yanje ntamenya amarushwa?

Amakuru yiyongereye

“Shelegi” ni ibintu vy’ibivunjivunji vyera cane bigwa nk’imvura.
Ijambo ku rindi ni “uwutagira se.”