Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Yobu 42:1-17

42  Maze Yobu arishura Yehova, ati:   “Ndamenye ko ushobora gukora vyose+, Kandi nta ciyumviro utoshobora gushikako+.   ‘Uyo ni nde apfukiranya impanuro ata bumenyi+?’ Erega naravuze, ariko ntategera Ibintu vy’agatangaza bindengeye ntazi+.   ‘Enda niwumvirize, nanje mvuge. Ndakubaza, nawe umbwire+.’   Numvise ivyawe ku matwi, Ariko ubu ijisho ryanje rirakubonye koko.   Ni co gituma nisubiyeko, Nkigaya+ koko ndi mu mukungugu no mu minyota.”  Yehova amaze kubwira Yobu ayo majambo, Yehova abwira Elifazi Umutemani ati: “Ishavu ryanje rirakururumbiye wewe na bagenzawe babiri+, kuko mutamvuzeko ivy’ukuri+ nk’uko umusavyi wanje Yobu yagize.  Ubu rero nimwitorere amashūri indwi n’impfizi z’intama indwi+ muheze muje ku musavyi wanje Yobu+, mushikane ku bwanyu ikimazi giturirwa; kandi Yobu umusavyi wanje ubwiwe arabasabira+. Ni we gusa nza kwemera kugira sindabakorere ubusazi bw’agaterasoni, kuko mutamvuzeko ivy’ukuri, nk’uko umusavyi wanje Yobu+ yagize.”  Elifazi Umutemani na Biludadi Umushuhi na Zofari Umunayamati baraheza baragenda, bakora nk’uko nyene Yehova yari yababwiye; nuko Yehova aremera ugutakamba* kwa Yobu. 10  Yehova abohora Yobu+ mu mvuto igihe yasabira bagenziwe+, maze Yehova yongera guha Yobu ivyari ivyiwe, abigwiza kabiri+. 11  Hanyuma bene wabo bose na bashikiwe bose n’abari bamuzi bose baguma baza+, batangura gusangira na we umukate+ mu nzu yiwe no gusangira na we umubabaro no kumuhoza ku vyago vyose Yehova yari yaretse bikamuzako; umwe wese amuha ihera, kandi umwe wese amuha impeta y’inzahabu. 12  Nayo Yehova ahezagira+ iherezo rya Yobu mu nyuma kuruta intango yiwe+, ku buryo agira intama ibihumbi cumi na bine, n’ingamiya ibihumbi bitandatu, n’inka ibihumbi bibiri zifatanijwe ari zibirizibiri, be n’indogobwa igihumbi z’ingore. 13  Agira n’abahungu indwi n’abakobwa batatu+. 14  Umukobwa wa mbere amwita Yemima, uwa kabiri amwita Keziya, uwa gatatu na we amwita Kereni-hapuki. 15  Kandi nta bagore beza nk’abakobwa ba Yobu baboneka mu gihugu cose. Maze se abaha intoranwa muri basaza babo+. 16  Inyuma y’ivyo Yobu abandanya kubaho imyaka ijana na mirongo ine+, arabona abahungu biwe n’abuzukuru biwe+: amayaruka ane. 17  Yobu arateba arapfa, yisaziye kandi ahaze imisi+.

Amakuru yiyongereye

Ijambo ku rindi ni “mu maso ha.”