Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Yobu 40:1-24

40  Maze Yehova yishura Yobu ati:   “Mbega uwutorana amahinyu yohirahira akanigana na Mushoboravyose+? Uwukangira Imana ubwiwe navyishure+.”  Yobu araheza yishura Yehova ati:   “Raba! Nsigaye ndi umuntu atagira ikintu kinini amaze+. Mbega nkwishure iki? Nshize ukuboko ku munwa+.   Navuze rimwe, kandi sinishura; Na kabiri, kandi nta co nongerako.”  Yehova araheza yishurira Yobu mu kirura c’umuyaga+ ati:   “Enda kenyera mu kiyunguyungu, nk’umuntu w’umugabo+; Ndakubaza, nawe umbwire+.   Vy’ukuri, wohindura ubusa ubutungane bwanje? Mbega wonyita umubisha kugira ngo ube mu kuri+?   Canke woba ufise ukuboko nk’ukw’Imana y’ukuri+, Kandi ugashobora gutuma haba umuturagaro biciye kw’ijwi nk’iryayo+? 10  Enda niwisharize, wambare ubukuru+ n’ubukiruruke+; Niwambare iteka+ n’ubwiza bwakaka+. 11  Ugupfundūka kw’ishavu ryawe kwuzuye uburake nikwisese+, Maze ubone uwibona wese umumanure. 12  Nubone uwibona wese, umucishe bugufi+, Uhonyangire hasi ababisha harya nyene bari. 13  Nubanyegeze hamwe mu mukungugu+, Mu maso habo uhabohere ahantu hinyegeje, 14  Nanje, jewe nyene, ndagukeza, Kuko ukuryo kwawe gushoboye kugukiza.  15  Ehe ng’iyi Behemoti* nakoze kimwe na wewe. Irya+ ivyatsi bitoto cokimwe n’ishūri. 16  Ehe ububasha bwayo buri mu mafyinga hayo, Inguvu zayo zikora+ na zo zikaba mu mitsi y’inda yayo. 17  Iheta umurizo wayo nk’isederi; Imitsi y’amatako yayo irasobanganye. 18  Amagufa yayo ni ingegene z’imiheha z’umujumpu; Amagufa yayo akomeye ni nk’inkoni z’icuma gicuze. 19  Ni yo ntango y’inzira z’Imana; Uwayihinguye+ arashobora kwigiza hafi inkota yiwe. 20  Kuko imisozi iyironsa umwimbu wayo+, Kandi ibikoko vyose vyo mu gahinga ni ho bikinira. 21  Munsi y’uduti tw’amarebe tw’amahwa ni ho yiryamira, Ahantu hihishije h’amarenga+ be n’ahantu hajaga+. 22  Uduti tw’amarebe tw’amahwa tuguma tuyikingirije igitutu catwo; Ibiti vy’imyarava vyo mu mwonga birayikikuza. 23  Iyo uruzi ruhumaganye, ntiyiruka yataye umutwe. Igumana umutima mu nda, naho Yorodani+ rwoyivubira ku munwa. 24  Hari uwoyifata ibona? Hari uwoyitobora izuru akoresheje imitego?

Amakuru yiyongereye

Canke, “imvubu.”