Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Yobu 4:1-21

4  Elifazi+ Umutemani arishura ati:   “Uwogerageza kukubwira ijambo, worambirwa? Ariko ni nde ashoboye gutangīra amajambo?   Ehe! Warakosoye benshi+, Kandi amaboko agoyagoya wahora uyakomeza+.   Uwutsitara wese, amajambo yawe yaramuhagurutsa+; N’amavi agira areganuke warayakomeza+.   Ariko ubu ni wewe bishikiye, none urarambiwe; Ni wewe bikozeko, none uhagaritse umutima.   Mbega ugutinya Imana si ryo shingiro ry’umwizero wawe? Mbega icizigiro cawe si ugutungana+ kw’inzira zawe?   Ibuka, ndakwinginze: Ni nde ntungane yigeze kuyogera? Kandi ni hehe uwugororotse+ yigeze kuzimanganywa?   Ku vyo maze kubona, abarementanya ibintu bibabaza, N’ababiba ivyago ni vyo ubwabo bazoshwabura+.   Biciye ku mpemu z’Imana barayogera, Kandi biciye ku mpwemu y’ishavu ryayo bararangira. 10  Hari ukuroha kw’intambwe, n’ijwi ry’intambwe y’umukangara, Ariko amenyo y’intambwe z’imikangara z’imigāra aravunagurika. 11  Intambwe irahwera iyo ibuze ico icakira, N’ivyana vy’intambwe bigatandukanywa. 12  Hari ijambo rero nazaniwe mu mpisho, Ugutwi kwanje na kwo kwumva ubwongoshwe bwaryo+, 13  Mu vyiyumviro bidurumbanya bivuye ku vyo neretswe mw’ijoro, Ca gihe itiro rirerire rihwikira abantu. 14  Ubwoba bwaramfashe, be n’ukujugumira, Vyuzuza ubwoba amagufa yanje indiri. 15  Maze impwemu inca mu maso; Ubwoya bw’umubiri wanje butangura kumerereza. 16  Ihagarara idakakaza, Ariko sinamenya uko isa; Imbere y’amaso yanje hari ishusho; Haba agacerere, maze numva jwi: 17  ‘Umuntu buntu*, mbega yoshobora kuba intungane kuruta Imana ubwayo? Canke umuntu w’umugabo yoshobora kuba uwutyoroye kuruta Uwamuhinguye?’ 18  Ehe! Abasavyi biwe ntabizera, Kandi intumwa* ziwe azagiriza amahinyu. 19  Nkanswe ababa mu mazu y’ibumba, Afise umushinge mu mukungugu+! Umuntu abafyonyora ningoga kuruta agakoko*. 20  Kuva mu gitondo gushika ku mugoroba barajanjagurwa; Barayogera ku bw’ibihe bidahera ata n’umwe abishirako umutima. 21  Mbega umugozi w’ihema ryabo muri bo ntiwaranduwe? Bicwa n’ukubura ubukerebutsi.

Amakuru yiyongereye

Canke, “umuntu apfa.”
Canke, “abamarayika.”
Ni ubwoko bw’agakoko kaguruka karya impuzu.